Friday, November 13, 2026
Ubujanama rukristo: Inzira yo gukiza imitima no kugarukana ivyizigiro

Kuva kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Nzero, ishirahamwe rukristo: Vessels of Hope Burundi Foundation, ryatunganije inyigisho mu gisagara ca Bujumbura zizomara imisi ibiri zijanye n’ubujanama rukristo bwisunze Bibiliya (Counselling Chrétien),Kuko abantu benshi baca mubintu vyinshi bituma bagira ibikomere.
Izo nyigisho zishimikiye mu gutanga ubumenyi ku barongozi bo mu mashengero mu gufasha abandi bantu mu rukundo, mu bwenge no mu kwizera, kugira ubuzima, ingo n’imiryango bisanurwe hisunzwe Bibiliya, ijambo ry’Imana.
Bob, umuhinga mu vyerekeye ubujanama bwisunze Bibiliya , akomoka mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika niwe ariko atanga izo nyigisho. Uwo muhinga n’umukenyezi wiwe Debbie bamaze imyaka ishika mirongo ibiri n’itanu (25) bariko bafasha ingo n’imiryango mu ntumbero yo gukomeza imiryango.

Mu nyigisho yatanze Bob, yerekanye ko umuntu agenda aca mubintu vyinshi bigatuma agira ibikomere. kandi ivyo bikomere biva ku bintu bitandukanye. Haraho umuntu agira ivyo bikomere bivuye ku muryango wiwe, ku mabango menshi,igihugu, ku buzima abayemwo, kubura abiwe yakunda n’ibindi vyinshi,..
Ongera usome:
https://umwungerenews.com/2026/01/abanyororo-bababye-gusumba-abandi-barenga-300-baraye-bahawe-imfashanyo-abanyororo-barenga-300-baraye-hahawe-imfashanyo/
Abo bantu bafise ivyo bikomere barabigendana mu mitima yabo, aho uca usanga hariho ibikorwa bimwe bimwe batariko barangura neza, canke ugasanga bariko bakora ibintu bidatonze neza: Amakosa akaba menshi, ivyizigiro bigatakara bakumva ubuzima bubananiye kandi bubabihiye.
Muri ivyo vyose, abo bantu bafise ibikomere ntidukwiye guca twihutira kubafatira ibihano n’ ingingo ruhasha canke ngo tubakumire ahubwo dukwiye kubegera kugira tubahe ubuhanuzi bukristo kandi bushingiye kuco ijambo ry’Imana rivuga.
Mbega ubujanama rukristo ni iki?
Ubujanama rukristo ni ihuriro ryo gukira na Kristo,aho haba hari umuntu afasha muri iyo nzira yo gucungurwa, gukira,agafasha uwamwituye kuva mu bimuboshe no gutera intambwe mu rugendo rwo gukura mu mpwemu, mu mutwe,mu bigumbagumba, no mu mubano n’abandi.
Ubujanama rukristo si ugutanga impanuro gusa, ahubwo ni urugendo rwo kugendana n’umuntu mu marushwa canke ibikomere vyiwe, mu kumwereka inzira imuganisha kuri Kristo, uwukiza imitima, agasubiza ivyizigiro vyatakaye, akanatanga amahoro aturuka ku Mana.
Twirurwa ngo twirure abandi
Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, Data wa twese w’imbabazi, kand’ Imana yirura imibabaro yose, itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n’Imana.2 Ab’i Korinto 1:3-4
Mu gikorwa c’ubujanama rukristo, Ijambo ry’Imana rifise ikibanza nyamukuru kuko ari ryo ritanga ubwenge, umuco n’ihumure ku bafise ibikomere. Bibiliya irerekana ko Imana ari yo Mujanama mukuru, ikiza imitima imenetse, igasubiza ivyizigiro vyatakaye kandi igaha ubushobozi abajejwe gufasha abandi. Ubujanama bukristo rero bushingiye ku kwumviriza mu rukundo, kwirurana imitwaro no kureka Mpwemu Yera akarongora, mu ntumbero yo gufasha umuntu gukira mu mutima, mu mpwemu no mu mubano n’abandi, hisunzwe ukuri kw’Ijambo ry’Imana.
Izo nyigisho zateguwe n’ishirahamwe Vessels of Hope Burundi Foundation, zigaragaza uruhara rukomeye rw’ubujanama rukristo bushingiye kw’Ijambo ry’Imana mu gusana imitima yakomerekejwe, mu gukomeza ingo no mu kwubaka imiryango ihagaze neza. Zizofasha kandi abarongozi mu mashengero gutahura neza ko gukorera Imana mu gisata c’ubujanama bisaba kuyoborwa na Mpwemu Yera, kwerekana urukundo no kwama bashira Kristo mu kibanza ca mbere, kugira amahoro n’iterambere vy’Imana biganze mu mashengero no mu gihugu.



