Thursday, November 12, 2026
Umukuru w’Igihugu Ahamagarira Abakozi b’Imana Kuba Inkingi y’Ubumwe n’Amahoro Muri Afrika

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye atera akamo amashengero guhinduka igikoresho co gutsimbataza ubumwe n’umubano mwiza, kuvura ibikomere, no gukangurira abakristo ibijanye ivy’Impwemu.
Ivyo yabishikirije ku musi wa kabiri, igenekerezo rya 13 Gitugutu 2026, i Bujumbura ahariko harabera ikoraniro mpuzamakungu ryitiriwe Burundi Heart of Africa Arise Summit 2026 ( Uburundi Umutima w’Afrika) ryari ryahuje abakozi b’Imana bo mu Burundi no mu bindi bihugu vyo ku mugabane w’Afrika.
Ndayishimiye yahamagariye abakristo kubandanya urugendo rw’impinduka,yongera ahamagarira abakozi b’Imana kuba inkingi y’ubumwe n’amahoro, mu ntumbero yo kubona Uburundi bwifashe kandi buteye imbere mu myaka ya 2040 na 2060, hamwe no guteza imbere Afrika yose.

Iryo koraniro ni ubwa mbere ritegurwa ku rwego rw’igihugu rikaba ryari ryitabiriwe n’abakozi b’Imana baje baserukiye ibihugu bitandukanye vya Afrika, harimwo Egypte, Ethiopia, Afrika y’Epfo, Sierra Leone na Nigeria ku civugo (Haguruka, ukayangane, kuko umuco wawe ushitse.Yesaya 60 :1-3).

Intumbero nyamukuru y’iryo koraniro yari ukuganira ku ruhara rw’Ishengero mu kuzana amahoro, gukiza ibikomere vya kahise no gusubiza abantu hamwe, haba mu Burundi canke muri Afrika muri rusangi nkuko vyashikirijwe na Bishop Dieudonné Nahimana, arongoye ishengero Oasis Christian Center (OCC), akaba ari umwe mu bateguye iryo koraniro.
Nayo Dr Emmanuel Ndikumana,umuhinga muvyigwa ndoramana, yahamagariye abakozi b’Imana n’abizera kuzirikana ko abantu bose baremwe mw’ishusho y’Imana, kandi ko umuntu ari muri Kristo Yesu aba ari icaremwe gishasha.
Yabandanije yerekana akamaro ko guhindura ukuntu babona ivyabaye muri kahise bisunze ico ijambo ry’Imana rivuga, kugira ngo bashobore gukira ibikomere vyo muri kahise no gutsimbataza ugusubiza abantu hamwe.


