Ubuhinga Mvaruganda, Imbugahwaniro: Imihora Yibagiwe mu Kwamamaza Ubutumwa Bwiza Bw’Umwami Yesu Kristo

Abamenyeshamakuru bandika ku nkuru ndoramana bahamagarirwa kwijukira ubuhinga bwa none cane cane ubwenge mvarunganda mu ntumbero yo gushikana ubutumwa bwiza kw’isi yose.

Hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe ibimenyeshamakuru rukristo kuwa 22 Ruhuhuma mu gisagara ca Bujumbura, Audace Ndayisaba, umwe mu batanze inyigisho yibukije igikorwa c’abakristo co kwamamaza ubutumwa bwiza mw’isi yose kandi ko imbugahwaniro zitanga intererano idasanzwe mu gushitsa intumbero y’ico gikorwa.

Jean Claude HAKIZIMANA, yanonosoye ivyo gukoresha ubuhinga mvaruganda (Intelligence Artificielle), buca hahimbazwa uwo musi mpuzamakungu, yateye akamo abakoresha ubwo buhinga gushishoza neza, akabivuga afatiye ku kungene rimwe na rimwe usanga ubwo buhinga bushobora gutanga amakuru atizewe.

Hano yagize ati: “Intelligence Artificielle irakora nivyo, kandi iranyarutsa ntabigumbagumba ifise nk’umuntu, ntitohoza, ikoresha amakuru ifise kandi muri ayo hashobora kubamwo ayatariyo, na wewe uyihaye ayatariyo iguha ikinyoma kuko ntiyigera ireka kuguha inkuru”

Uwo musi mpuzamakungu wahariwe ibimenyeshamakuru ndoramana ukaba watunganijwe n’ishirahamwe rihurikiyemwo ibimenyeshamakuru ndoramana New Media Forum rigizwe n’ibihugu 37 bikoresha ururimi rw’Igifaransa.

Icivugo co muri uyu mwaka wa 2026 kikaba kivuga: “Genda muhindure abantu babe ababumviriza”.

Mbere yaho, ubuserukizi bw’ishirahamwe New Media Forum mu Burundi bukaba bwari bwaraye butunganije ikarishabwenge ku bamenyeshamakuru, inyigisho zari zishingiye ku buhinga ngurukanabumenyi hatibagiwe ubuhinga mvaruganda (AI).

Etienne Ntihemuka aserukira New Media Forum mu gihugu akaba yemenyesheje ko uwo musi wahimbajwe mu ntumbero yo gusengera ibimenyeshamakuru kuko ngo bihura n’intambamyi nyinshi harimwo ukubura uburyo buhagije n’ubumenyi budakwiye.

Abitavye uruganda barakengurukiye abigisha, bongera basaba ko boronswa inyigisho zisumbirijeho zijanye n’ubuhinga mvaruganda (I.A) mu gihe ubwo buhinga buriko butera imbere ku murindi udasanzwe.

Izo nyigisho zikaba zaciye zikurikirwa n’igikorane kidasanzwe mu ntumbero yo gusengera ibimenyeshamakuru.

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *