Prophète yatawe muri yompi kubera ubuvugishwa yatanze

Haraheze iminsi hacanacanyeko ubuhanuzi ku mbuga hwaniro, bwavuga ko umwuzure uzoza kw’igenekerezo rya 25 Kigarama 2025 aho abantu basabwa guhunga uwo mwuzure mubwato bwabajwe na Prophète Ebonoah.

Abantu barenga 376 bari bamaze kwemera guhunga uwo mwuzure wavuzwe na Prophète Ebonoah umugabo yamuka muri gihugu ca Ghana, mu nyuma aza gufatwa na police ya Ghana imwagiriza guhungabanya umutekano ndetse n’ubutunzi bwa Gabon kubera abantu baza batanguye gukura amahera yabo muma banki, mugutinya ko yohava anyagirwa canke agatwarwa n’uwo mwuzure Ebonoah avuga ko yahishuriwe n’Imana nkuko twabibashikirije. munkuru zaheze.

Prophète Ebonoah ninde?

Ebonoah ni umugabo akomoka muri mu gihugu ca Gabon, bivurwa ko yoba asanzwe ivyo gukizwa atavyerekwa, icobikoze ngo n’umuntu yarondeye kumenyekana kera, mu nzira zose, aho yakinye amareresi biranka ko amenyekana, yagiye muvyo kuririmba nahone kumenyekana bimuta kuwamazi, niko kuca yiyumvira inzira yo kwiyita umuhanuzi anashikiriza ubuhanuzi benshi bafata nk’ ikinyoma. Uyu munsi ubwo buhanuze bukaba bwahavuye bumushikana mw’ibuye.

Umwe muba Pastor atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yagize ati: ishengero ryizera ubwenge bw’abantu kubera ryaretse ivyizerwa gikristu .

Tubibutse ko mugitabo ca Bibiliya hari icanditse kivuga ko hazokwaduka abigira abavugishwa n’Imana benshi, bazimize benshi.


Raba ndabibabgiye bitaraba. Nuko ni bababgira, bat’ Eh’ ari mu bugaragwa, ntimuze mujeyo; canke, ngw Ari haruguru mu mpete, ntimuze muvyemere. Nk’uk’ umuravyo urabiriza i burasirazuba ukabonekera iyo rirengera, ni k’ ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera.
Matayo 24:11, 25-27″.

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *