Friday, November 13, 2026
Ni gute abantu bamenye Imana bohimbaza umusi mukuru wo kwinjira mu mwaka mushasha wa 2026?

Ijoro ryo kuwa 31 uko Umwaka utashe, riba ari ijoro ryo kunezerwa mu bibanza bitandukanye kubera abantu baba bagira binjire mu mwaka mushasha.
Bamwe bahitamwo kuja mu biteramo bitandukanye, vy’aba ibiteramo vy’amashengero canke ibindi biteramo bisanzwe. Ariko hari n’abandi kaba ari akaryo ko kunywa inzoga nyinshi kugira biyibagize ibiba vyarabaye mu kiringo c’umwaka wose.
Ariko abantu bamenye Imana, bo barondera ikibanza kivugirwamwo ijambo ry’Imana kugira bashimire Imana kuba barangije umwaka amahoro bamwe usanga ivyo biteramo bavyitiriye ijoro ryo kujabuka.

Muri ivyo vyose, ni gute umukristu akwiye gucagura iciza n’ikibi kugira yifatanye n’ico ivyanditswe vyeranda bivuga ?
Ihimbazwa ry’umusi mukuru urangiza umwaka, ni ibintu vyatanguye kera (dans l’Antiquité).
Ibitabu vya kera vyemeza ko ihimbazwa ry’uwo musi ryabayeho mu kinjana ca 4 imbere y’uko Yesu Kristo avuka. Muri ivyo bihe vya kera, ihimbazwa ry’uwo musi haba hari ibintu bariko baransenga.
Twifashishije kuvyaba ku Babiloni, bigaragara ko ihimbazwa ry’uwo musi ryaba rishingiye gusenga Mardouk, ikigirwamana. Biyumvira ko Mardouk yari imana yabo mugihe Tiamat yari igenewe igitsina gore, yari imana y’ivyiza n’ibibi kw’isi. Kabiri mu mwaka uko amezi 6 aheze, baratangaza itsinzi ya Mardouk ku bindi bigirwamana, havuyemwo Tiamat, bayagiriza guteza ibigeragezo.
Ku ba Romani ihimbazwa ry’umusi mukuru urangiza umwaka vyafatirwa ku gikorwa c’Imana kandi kitaboneka.
Mu mwaka wa 46 imbere yuko Yesu Kristo avuka ninaho Jules César yatunganya ikirangamisi dukorerako aho yemeza ko umusi mukuru urangiza umwaka ukwiye guhimbazwa Igenekerezo rya 1 Nzero.
Yarageze kure aho yemeza ikirangaminsi gishingiye ku zuba, aho yakuyeho ikirangamisi cari cubakiye ku kwezi, yaciye ahamagarira abahinga gushira mu ngiro ico kirangamisi. Ukwezi kwa mbere bakwitiriye ikigirwamana Janus, ariho havuye izina ry’igifaransa (janvier). Abaromani bizera ko Janus yari imana y’itanguriro hamwe n’ihinduka, kandi yari imana imwe izwi i Roma.
Mu mwaka wa 1582, Papa Grégoire XIII yize uburyo ico kirangamisi yogihuza n’ivuka rya Yesu Kristo, ari naco kirangamisi dukorerako uyu musi.
Ibintu 3 vyakorwa mw’ihimbazwa rw’umusi mukuru urangiza umwaka ku ba Romani n’ubu bigikorwa mu kibano ndetse no mu mashengero atandukanye
1. Ibikorwa vyo kwitanga:
Abaromani baratanga amashikanwa kugira imana Janus ibahe amatungo hamwe n’ibihe vyiza.Uno musi kandi abantu benshi baratahuye ko bategerezwa gutanga amashikanwa kugira bahamagarire Imana kubahezagira no kubamarira ibibazo bafise. Ayo mashikanwa ari ubwoko butandukanye: Amahera, imodoka , parcelle n’ibindi vyinshi ariko ibintu bigaragara.
Ku Baromani nk’uko biri ku bantu benshi uno musi, umwaka mushasha ni ikimenyetso c’intango nshasha . Ariko, muvyukuri, ivyo biba mukutamenya, aho baca ku ruhande ukuri kwuzuye : Imana yaje muri Yesu Kristo kugira aduhe itanguriro rimwe ry’ukuri. Ishikanwa rimwe ariryo Yesu Kristo niryo gusa riduha intango mu Mana , vyerekanwe n’ukubabarirwa kw’ivyaha n’akanyamuneza ko kunywana vyatangiwe ku musaraba.
None bimaze iki Kwizera intango y’ibintu biboneka, kandi ivyo bintu tubona yuko bijana ku rupfu rudashira? Abantu benshi bari mu mwijima mu gutanga ibitandukanye kugira ngo baze bagire imigisha mu mwaka baba binjiyemwo. Ariko ikibabaje n’ ubwo buryo bw’intango mbi abantu benshi baba barindiriye mu mpera z’umwaka.
2. Ijoro ryo kujabuka :
Abaromani barakesha mw’ijoro buca haba umwaka mushasha. Biyumvira ko impwemu mbi zishobora kuba zihari zibuza abantu kwinjira mu masezerano yabo. Kuryama ico gihe vyari bibujijwe.
Uno musi, amakesha yo kujabuka yaragwijwe mu mashengero atandukanye. Ico gihe barasoma amajambo ajanye no kuja mu masezerano. Ariko amazerano y’umuntu ntari buhinduke n’ubwo hovurwa amajambo ameze gute. Ivyo bakora bigaragara ko vyafahswe nk’uko vyari mu gihe c’Abaromani.
3. Ibikorwa vy’ubusambanyi vyarakorwa muri iryo joro mu Baromani :
Ibikorwa nk’ivyo vyakuweho na Papa Grégoire muri concile ya Tours mu mwaka wa 567, aho yagerageza guhuza uwo musi n’ibikorwa vy’ijambo ry’Imana.
Uno musi kandi mu kiringo c’umusi mukuru urangiza umwaka ibikorwa vy’ubusambanyi birakorwa irya n’ino mu bubare butandukanye. Amashengero atunganya amakesha , agomba gushiraho uburyo umutekano ucungwa ntihagire ibikorwa vy’ubusambanyi bikorerwa muri ivyo biteramo.
Imisi mikuru y’Uhoraho mu ba Yuda.
Imisi mikuru y’Uhoraho mu bayuda, yaba ari ihamagarwa ryeranda. Ng’iyi imisi mikuru mikuru:
Imana yiyereka abisirayeli mu buryo butandukanye. Igihe yahimiriza ko bohimbaza imisi mikuru ntikwari kugira banezerwe, ariko kwari kugira ibayagire biciye muri iyo misi mikuru. Intumwa Paul yandikiye abaromani :
«Ni akahe kamaro ko gukebwa ku Bayuda? Igitabo c’Abalewi igice ca 23 cerekana imisi mikuru Imana yategeka. Imbere yuko hagera imisi mikuru y’inzamba, yerekana intango y’umwaka. Iyo misi mikuru yose yari imisi mikuru y’Uhoraho apana imisi mikuru y’abantu.
Iyo misi yaba ihuye n’ibihe vy’irima. Imisi 4 yambere yahimbazwa kugacikamvura bitegurira iyimbura: Pasika , Umusi wa Pantekoti, …… iyindi yahimbazwa mu gatasi.
Abakristu n’umwaka mushasha.
Turazi ko Yesu Kristo , ku rupfu rwiwe ku musaraba, izuka ryiwe hamwe n’ukugaruka kwiwe, vyashikije ico iyo misi ivuga. Wiyumviriye ico isiguye , twiga vyinshi mu buzima bwacu rukristo.
Umwaka wose mushasha wegereza abakristu igaruka rya Yesu Kristo. Uburyo bwiza bwo guhimbaza umwaka mushasha, isabukuru y’amavuko yacu, ni akaryo keza ko kwisuzuma nimba tugendera mu bwiza bw’Imana.
Nk’uko ijambo ry’Imana ribitwibutsa aho rivuga riti:
« Ninde azohagarara ku musozi w’uhoraho? Ninde azoduga gushika mu kibanza ciwe cera ?» (Zaburi24:3)
Umwaka wose mushasha utwegereza umusi uteye ubwoba wo gucirirwa urubanza.Ubwo rero umwe wese akwiye kumenya uburyo ari buhimbazemwo umwaka mushasha, ariko akamenya ko, uko imisi igenda, ariko ukugaruka k’Umwani wacu Yesu Kristo kwegereza.


