Myanmar : Abakristo bo mu gihugu ca Myanmar bategetswe guhimbaza umusi mukuru wa Noël imbere y’igenekerezo rya 20 Kigarama 2025.

Ingingo bamwe babona ko ari ugukandamiza agateka k’abakristo bo muri Ico gihugu; Amashengero atandukanye yo mu gihugu ca Myanmar yahawe urwandiko rubatumirira guhimbaza umusi mukuru wa Noël Imbere y’igenekerezo rya 20 Kigarama 2025. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’urwego rwa Gisirikare rwa Reta ya Kachin kugira bitegurire neza amatora ategekanijwe muri ico gihugu Igenekerezo rya 28 Kigarama Uyu mwaka wa 2025, Ivyo bikaba bishikirizwa n’ikinyamakuru Christian Today.

Nk’uko bishikirizwa n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu, ngo iyo ngingo yatumye abakristo batanezerwa, ngo ntabwo bari bwakire iyo ngingo, kuko ngo nubwo bohakana, biri muvyotuma baca bafatwa nk’abagumutsi.

Umwe mubakozweko n’iyo ngingo arerekana icipfuzo ciwe hamwe n’akababaro afise, aho yemeza ko ico ari igikorwa co ” Gusubiza inyuma ijambo ry’Imana”.
“Guhimbaza umusi mukuru wa Noël (..) ni umusi wejejwe ku bakristo” .

Abarongozi b’amashengero nabo bavuga ko batishimiye iyo ngingo

Umurongozi akongera akaba ari nawe yashinze ikigo kirwanira agateka k’abakristo (Christian Solidarity Worldwide : CSW) , Mervyn Thomas, avuga ko iryo tegeko riri mu nzira yagutse yo kugomba gusubiza inyuma ivugabutumwa muri ico gihugu

Agira ati :

” Uburongozi bw’igisirikare ca Myanmar bariko bategura amatora arimwo ubunenge mukugomba guhonyanga agateka kazinamuntu. Ibi rero bibaye, ni ibimenyetso bigaragaza ko bariko bakora ibinyuranye n’amategeko mukugomba guhonyanga agateka k’inkehwa z’abakristo. Gutegeka Abakristu guhimbaza umusi mukuru wabo uhezagiye kw’igenekerezo ritariryo kandi bategetswe, n’igisirikare , ni bimwe muvyerekana uguhohotera agateka k’umuntu n’ukwemera kwiwe.”

Ukugomba gusubiza inyuma ivugabutumwa muri ico gihugu haraheze igihe bitanguye.

Kuva habaye uguhirika ubutegetsi muri ico gihugu ca Myanmar mukwezi kwa Ruhuhuma 2021, inzego z’umutekano zaragerageje gusubiza inyuma ibikorwa vy’ivugabutumwa mu mashengero atandukanye. Igenekerezo rya 30 Munyonyo muri uyu mwaka nyene turimwo wa 2025, Umu Révérend akiri muto, Pau Muan Lian, yarafashwe arahagarikwa, mu gihe hari hariho amategeko akingira abantu bari mu mashengero rukristo.

Ikigo CSW cemeza ko iryo tegeko ryo guhimbaza umusi mukuru wa Noeli imbere y’igenekerezo rya 20 Kigarama 2025 ryafashwe kugira bahungabanye ibikorwa vy’ivugabutumwa muri ico gihugu ca Myanmar.

Sangiza abandi

3 Comments

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *