Friday, November 13, 2026
“Gushira Imana Imbere ni Inkingi y’Iterambere”: Akamo Gaterwa Abakenyezi Bitunganiriza Imigambi

Abakenyezi bahamagarirwa guha Imana ikibanza ca mbere, guhindura ivyiyumviro no kwigirira icizere mu bikorwa vyabo kugira bashike ku mahangiro yabo. Ivyo vyashikirijwe ku musi wagatandatu igenekerezo rya 07 Ntwarante 2026 mu ruganda rwatunganijwe na Kaminuza mpuzamakungu yitiriwe uburongozi (International Leadership University) umusi bwaca isi yose ihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi.
Ku civugo “Kuva ku ndoto z’ubuyabaga ku bigeme gushika kuba umukenyezi azana impinduka” (From Girlhood Dreams to Women of Impact), urwo ruganda rwari rwateguwe n’abanyeshure biga muri Kaminuza y’uburongozi Leadership International University (LIU) bafashwe mu mugongo n’uburongozi bw’iyo kaminuza I Bujumbura irongowe na Prof.Dr David Niyonzima.
Mu cigwa ciwe, umuvugabutumwa Alice Manisha yavuze ko abakenyezi bakwiye gutahura neza ico ijambo ry’Imana rivuga kuri bo n’ico bahamagarirwa gukora. Yasiguye ko abakenyezi ari abantu b’agaciro kanini kuko baremwe mw’ishusho y’Imana, kandi ko Imana ibabona nk’abadasanzwe.

Hano yagize ati:
“Bakenyezi, ivyo twokora vyose n’aho twoshaka gushika hose, tubanze turondere Imana imbere ya vyose.”
Yabandanije abibutsa ko mu vyo bokora vyose bakwiye gukunda Imana no kuyishira imbere ya vyose, kuko ari yo rufunguzo rubashikana ku vyo bipfuza gushikako.
SOMA KANDI:
- Koko Abanyafrika bariko umuvumo wa Nowa?
- Abarongozi b’amashengero mu Burundi bahamagarirwa gushigikira abaririmvyi mu guteza imbere igokorwa co kuninahaza Imana
- Ubuhinga mvaruganda(Intelligence Artificielle), imbuga hwaniro (Reseaux sociaux): Ni imihora yibagiwe mu kwamamaza ubutumwa bwiza bw’umwami Yesu Kristi
- Abarongozi b’amashengero bahamagarirwa kwubaha no kuzana ivyiyumviro bishasha
Pasitori Athanase Ngendakuriyo, nawe ari mubatanze ivyigwa, yashimikiye ku kamaro ko guhindura ivyiyumviro ku bijanye n’uruhara rw’umukenyezi mu kibano.
Yagize ati :
“Nimba dushaka abakenyezi canke abigeme bakomeye mu gihugu cacu, dukwiye kubitangura kubaremamwo kuva bakiri bato. Dukwiye kubashigikira no kubereka ko na bo bafise ikibanza n’ico bashoboye gukora.”
Yasavye kandi ko hokurwaho ivyiyumviro bituma umukenyezi canke umwigeme abonwa nk’aho ataco ashoboye mu kibano, ashimangira ko iryo hinduka ritangurira mu miryango, mu mashure no mu bibanza vy’akazi.
Intahe z’Abakenyezi Bagize Impinduka mu Kibano
Muri ico kiyago, bamwe mu bakenyezi basanzwe bitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere barashinze intahe y’ingene bashoboye gushika ku mahangiro yabo.
Umupfasoni Audreille Mugisha yikorera utwiwe akaba umwubatsi w’inzu yavuze ko kimwe mu bintu vyatumye ashika ku ntambwe agezeko ari ukwiremamwo icizere.
Yagize ati:
“Icizere canje kiva muri Yesu no gutahura neza ico Imana imbonamwo hama ivyo maze kubimenya nca ndabigenderako mu buzima bwanje”
Hosianne Irakoze (Hosy) arongoye imboneshakure Siren vibes isohora ibiganiro ku rubuga rwa Youtube yavuze ingene Imana yamushoboje kunesha intambara y’ubuzima mu gutanguza imboneshakure ikorera ku buhinga ngurukanabumenyi inyuma yo gutwara inda itifujwe.
Yagize ati:
“Nararwanye intambara ikomeye cane, n’ukuri sinobabesha ni Yesu yanshoboje, nagumye nibwira ati nzobishobora! ibi vyanse nzogerageza na biriya ! None ubu ndashima Imana aho ngeze”
Mukurikirane aha:
Flavia Igiraneza umwigisha muri Kaminuza ILU akongera akaba umushoferi yahimirije abakenyezi n’abigeme gusenga kugira bamenye umuhamagaro wabo n’ico Imana yabahamagariye gukora.
Yagize ati:
“Ivyo vyose ukeneye mu buzima bwawe, urashobora kubishikako, mugabo senga Imana umenye umuhamagaro wawe niwamara kuwumenya uzobona impinduka kandi ikibano kizoshima kuba wewe bagufise”
Intambanyi Zibangamira Abakenyezi
Lydie Ndayishimiye afasha urwaruka n’abakenyezi kwiteza imbere kugira bashike ku kwigenga mu vy’ubutunzi avuga ko mu kazi kiwe akora ko gukebura abandi bakenyezi gutera imbere, abantu babifata nko kugumura abandi bakenyezi.
“Twebwe inzira dukoresha ni y’uko umukenyezi agumana ikibanza ciwe. Umukenyezi ateye imbere abana n’umushingantahe agumana ikibanza ciwe c’umukenyezi” Naho ibintu vyifashe uko, uwo mupfasoni yitunganiriza imigambi atera intege abakenyezi gutinyuka kuvuga no guserura ivyiyumviro vyabo.
ONGERA USOME:
https://umwungerenews.com/2026/02/kubera-iki-bamwe-baguma-bashikamye-mu-bigeragezo-abandi-bagata-ukwizera/
Hambavu ya gakiza no gusenga, abo bakenyezi bahimirije abakenyezi n’abigeme bagenzi babo guhaguruka bagakora ibikorwa vyobateza imbere, bagasigura ko gusenga, kwigirira icizere no gukora ari vyo bishobora kubashikana ku mahangiro yabo.
Urwo ruganda rwatunganijwe mu ntumbero yo gutegura abigeme kuzoba abakenyezi babushitse nkuko bisigurwa na Daniella Sango umwe mubateguye izo nyigisho.


