Gospel-Tel-Aviv: Prosper Nkomezi agiye gukorera igiteramo muri Israël

Umuririmvyi aririmba indirimbo mpimbazamana wo mu gihugu c’U Rwanda Prosper Nkomezi, mu mpera z’ukwezi kwa Nzero 2026 yaramenyesheje abakunzi biwe ko Imana yamuciriye inzira yo gukora igiteramo muri Reta ya Israël mu gisagara ca Tel-Aviv ahazwi nka HA’NGA ST39.

Ni Prosper Nkomezi haheze iminsi mike yerekanye umwigeme bari mu rukundo mbere biteguye kurushinga, ivyahimbaye benshi narirya yaramaze iminsi atwenza abantu mukubabwira ko Wewe na mugenzi we Mbonyi ari aba Cardinal.

Nkomezi Prosper kukiranga mwanya yerekanye ko igiteramo kizomara iminsi itatu ngaho muri #Tel-Aviv nyene.

None Prosper Nkomezi ninde?

Prosper Nkomezi ni umuririmvyi wa Gospel w’Umunyarwanda azwi cane mu ndirimbo zo guhimbaza no gutazira Imana. Yavutse mu 1995 mu Rwanda, akurira mu muryango ukunda Imana n’umuziki, aho yakuze acuraranga piano kandi akiri muto. Yatanguye urugendo rw’umuziki mu rusengero rwa ADEPR ari muri choir, munyuma yimukira muri Zion Temple Celebration Center aho yakorera Imana biciye mu ndirimbo zitanga ubutumwa bw’ukwizera n’ihumure.

Umuziki wiwe watanguye kumenyekana cane mu 2017 aho yasohora indirimbo yiwe ya mbere izwi nka “Sinzahwema”, igihe yatangura urugendo rwo kuririmba ku giti ciwe muri Gospel.

Ibiteramo amaze kurangura:

Bujumbura, Burundi ( 2022): Prosper Nkomezi yakoze ibiteramo bitatu (3) vyitabirwa cane muri Jesus Grace Church, Life Center Church na Shemeza Worship Temple mu ntango za Nzero 2022. Ico gihe benshi baruzuye mu rusengero ndetse no muri parikingi kubera ubwinshi.

i Huye, Kaminuza y’u Rwanda (Ntwarante 2023): Yagaragaje ingabire yiwe mu giteramo gikomeye kuri Huye Campus Auditorium, aho yatanze umwanya wo guhimbaza Imana biciye mu ndirimbo ziwe zamenyekanye nka ‘Urarinzwe’, ‘Ibasha Gukora’, ‘Singitinya’, na ‘Nzayivuga’.

Amakuru atavuzwe cane

Mu giteramo co mu Burundi cabaye kuwa 31 Kigarama 2024 gisozera umwaka yagikoreye muri Shemeza worship temple kwa Apôtre Apollinaire aho bivurwa ko bafashe umwanya wokumusengera ngo aronke umufasha none ubu akaba amuronse.

 

Urutonde rwama Albums yiwe

Prosper Nkomezi amaze gusohora Albums zine (4) mu muziki wa Gospel:

1. “Sinzahwema”

2. “Nzakingura” – Album yasohotse ubwambere, ibonekera kuri platform zitandukanye z’umuziki.

3. “Nyigisha” – Iyo album ishimangira ubutumwa bw’ihumure n’ubuzima mu kwizera.

4. “Warandamiye” – Album yiwe nshasha yasohotse kuwa 23 Gitugutu 2025 ifise indirimbo icenda harimwo izo bakoranye n’abandi baririmvyi bakomeye nka Israel Mbonyi, Gentil Misigaro na Pastor Lopez. Imwe mu ma Album yakoze mu giteramo ca special cabereye kuri Ubumwe Grande Hotel ku italiki ya 24 Gitugutu 2025, ikaba yaracurujwe amafaranga asumba izindi albums za Gospel ngaho mu Rwanda (arenga 31,5m Frw).

Imigambi ya kazoza n’Ibindi bikorwa

  1. Muvyiyumviro vyiwe, Prosper Nkomezi yatangaje ko afise umugambi wo gutegura album nshasha hamwe n’i giteramo kinini mu 07 Nyakanga 2026 mu Rwanda.
  2. Gukora live recording y’indirimbo 10 ziri mu rwego rwo hejuru ku itariki ya 6 Ntwarante 2026.
  3. Gushiraho studio yiwe bwite y’umuziki mu 2026 izofasha abakiri bato.

Prosper Nkomezi asanzwe azwi mu guhuza abantu mu masengesho no mu ndirimbo za Gospel zifise ubutumwa bufasha imitima y’abantu benshi kubona ihumure, kwizera no kugendera mu nzira y’Imana. Indirimbo ziwe ziririmbwa mu mashengero no mu birori vyo kuririmbira Imana mu bihugu bitandukanye kandi uzosanga no kuri platform zose z’umuziki zisanzwe (Spotify, Apple Music, YouTube…).

Tubibutse ko Prosper Nkomezi ico gihugu agiye gukoreramwo igiteramo ari igihugu gifise kahise gakomeye mu mateka y’ukwemera kwa gikristu ndetse n’ivyibutso vyinshi biribonekeza muri ico gihugu.

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *