Thursday, November 12, 2026
Bibiliya ivuga iki ku gukora ku Mukristo ?

Ku wa Mungu wa mbere w’umwaka wa 2026, hari ikibazo kimwe cari kiri mu mitima ya benshi bari bakoraniye mw’Ishengero FECABU- Paroisse Rohero i Bujumbura: mbega gukora ku Mukristo ni umugisha canke ni umuvumo?
Mu bakristo, haracariho ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’akazi. Hari ababona ko gukora atari ivy’abantu b’Impwemu, abandi bakabona ko uwukora cane aba atagendera mu Mana, hakaba n’ababaho bareze amaboko, biteze gusa ibitangaza. Ico ni co catumye iryo shengero ritegura igikorane c’inyigisho ku civugo kivuga “Umukristo n’ibikorwa”, mu ntumbero yo gusubira gutahura ico Bibiliya ivuga ku gukora ku Mukristo.
Izo nyigisho zatanzwe na Pasteur Oswald Nshimirimana, ku wa 4 Nzero 2026, mu nyigisho zashimikiye cane kw’ Ijambo ry’Imana no ku buzima bw’umukristo bwa misi yose.


Umukristo n’akazi : gusubira ku nkomoko
Mu ntangamarara y’inyigisho, Pasteur Oswald yashimikiye ku ngingo ikomeye abakristo benshi bakunda kwirengagiza: hariho ibintu bitatu vy’ishimikiro umukristo wese akwiye kwiyumvirako ari vyo inshingano nkuru, ibwirizwa rikuru n’itegeko rikuru.
Yagize ati :
“Mw’ishengero dukunda kwigisha cane ibwirizwa rikuru n’itegeko rikuru, ariko inshingano nkuru turayirengagiza. Aho ni ho ugutahura nabi ivyerekeye gukora ku Mukristo bitangurira.”
Yisunze amajamo ari muri Bibiliya, mu gitabo ca Matayo 22:37, yibukije ko ibwirizwa rikuru ari ugukunda Imana n’ugukunda bagenzi bacu. Yongera yisunga Matayo 28:19, yerekana ko itegeko rikuru ari uguhindura amahanga yose abigishwa.
Ariko ico benshi batari bazi neza, ni uko inshingano yo gukora yatanzwe n’Imana imbere y’uko icaha kiza mw’isi.
Gukora si umuvumo : ni inshingano y’Imana
Afatiye kuri Bibiliya, mu gitabo c’ Itanguriro 2:15, Pasteur Oswald yerekanye ko Imana imaze kurema umuntu yamushize mw’itongo rya Edeni ngo aririme kandi arizigame. Ivyo vyerekana ko gukora ku Mukristo atari ingaruka y’icaha, ahubwo ari inshingano yahawe umuntu kuva mu ntango.
Yagize ati :
“Imana yabwiye umuntu gukora ata caha kiraza mw’isi. Icaha cahinduye uko dukora, ariko nticakuyeho inshingano yo gukora.”
Aha ni ho yasiguriye ko akazi n’ibikorwa dukora ari urubuga Imana yaduhaye rwo guhimbaza Imana no guhindura abandi abigishwa. Ku kazi ni ho tugaragariza urukundo mu gushitsa ibwirizwa rikuru kandi niho dufasha abandi guhinduka abigishwa ba kristo mu gushitsa itegeko rikuru.
Ba sogokuru mu kwizera n’iterambere
Mu gusigurira abaraho ico Bibiliya ivuga ku bikorwa, uwo mukozi w’Imana yagarutse kuri Basogokuru mu kwizera. Aburahamu, Sogokuru w’abizera, yari umuntu yubaha Imana kandi ari umutunzi.
Bibiliya ivuga iti :
“Kandi Aburamu yari umutunzi cane w’amasho n’imikuku n’amafeza n’amazahabu.” (Itanguriro 13:2)
Yasiguye ko Aburahamu yari afise inkingi zine zikomeye mu buzima bwiwe yubakiyeko:
1. Iyubutunzi n’iterambere
2. Kubungabunga ivyo Imana yaremye
3. Kubana neza n’abandi
4. Gushira Imana imbere ya vyose
Ivyo vyose bigaragaza ko iterambere ryubakiye kuri Bibiliya rihuza gukora, ukwizera n’icubahiro c’Imana.
Twahamagariwe gukora no gufasha abandi
Mu gusozera inyigisho, Pasteur Oswald yahamagaririye abakristo bose gukunda akazi no kukabona nk’umugisha, abibutsa ko intumwa Pawulo yabihanuye Abatesalonike ati: “Udakora ntakarye.”
Yasozereye asoma Abanyefeso 4:28, aho Bibiliya ihamagarira umukristo gukoresha amaboko yiwe mu vyiza kugira ngo afashe n’abandi.Gukora ku Mukristo si uguheba Imana, ahubwo ni ukuyihimbaza mu buzima bwa misi yose.
Inyigisho zikeneye igihugu cose
Ku mpera y’igikorane, Pasteur Benoît Irambona, umwe mu bungere b’iryo shengero, yarashimye cane izo nyigisho, avuga ko zikeneye gushikirizwa ku rwego rw’igihugu. Yibukije ko no mu gihe ubonye Pasitori yambaye umwambaro w’akazi agiye mu bikorwa bitandukanye atawotangara, kuko na Yesu Kristo ubwiwe hamwe n’intumwa Pawulo bakoze ibikorwa.
Mwomenya ko izo nyigisho zari zateguriwe urwaruka, ariko iryo shengero ryatangaje ko kubera akanovera kazo, rizozishikiriza ishengero ryose.
Gukora ku Mukristo ni umuhamagaro ukomoka ku Mana. Akazi si umuvumo, ni umugisha, ni inshingano, kandi ni uburyo bwo guhimbaza Imana no gufasha abandi.


