Friday, November 13, 2026
Akanyamuneza n’uguhimbaza Imana n’ivyo vyaranze igiteramo KAINOS c’umurwi Victorious team

kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 28 Kigarama umurwi w’indirimbo mpimbazana “Victorious team” wari watunganije igiteramo bitiriye “KAINOS” bisobanura ikintu gishasha, cabereye mu kigo ca Source du Nil.
Akanyamuneza, uguhimbaza no gutazira Imana, n’ivyo vyaranga isinzi ry’abantu bari bitabiriye ico giteramo.Yari akaryo keza rero, ko guhimbaza Imana kuri uwo wese yaje afise uwo mutima wo guhimbaza Imana.
Ico giteramo bitiriye Kainos cama gitegurwa n’uwo murwi uko umwaka utashe, ubu akaba yari incuro igira gatandatu(6) ico giteramo giteguwe. Abagize uwo murwi bavuga ko, mu kugira igicapo c’igiteramo kainos, bishimikije ijambo ry’Imana riri muri yesaya 43:19, aho bipfuza ko uwo mwanya w’ico giteramo abantu bogira ubusabane n’Imana mu buryo bushasha uko umwaka utashe.

Muri ico igiteramo nyene harabayeho n’akandi karyo keza ko kubwira ubutumwa bwiza abari ngaho. Ubwo butumwa bukaba bwashikirijwe na Prophète Sinagaye Evrard, abatari bake barakiriye agakiza bemera gukurikira Yesu kristo.
Victorious Team ni bande??
Victorious team ni umurwi uhurikiyemwo urwaruka rwihaye intumbero yo gukorera Imana biciye mu ngabire y’abo bafise yo kuririmba. Urwo rwaruka rukaba rusanzwe rusengera mw’ishengero Aletheia Truth Revealed Church riri mu Kinindo rirongowe na Prophète Evrard Sinagaye. Uwo murwi umaze imyaka irenga cumi ukora, indirimbo zawo zikozwe cane cane mu muziki wa kijambere kandi ukaba umaze kumenyekana no gukundwa ngaha mu gihungu c’Uburundi.
Mwomenya ko, ico giteramo Kainos c’uyu mwaka cari citabiriwe n’abantu benshi ugereranije no muyindi myaka kandi ko cari categuwe k’ubuntu bitandukanye no muyindi myaka aho uwushaka kucitabira yarinda kugura ticket.


