Thursday, November 12, 2026
Kwamamaza Ubutumwa Bwiza ni Igikorwa Nyamukuru Kiza Imbere y’Ibindi Vyose Mw’ishengero- Akamo ku barongozi b’Amashengero

Urunani rw’abungere b’amashengero rukristo mu Burundi (RENAPEC), rutera akamo abarongozi b’amashengero gukorera hamwe, kwamamaza ubutumwa no gutegura abigishwa ba Yesu Kristo.
Mu nyigisho zatunganijwe n’urunani RENAPEC kuwa 20 Ntwarante 2026, Pasitori Victor Kiman wo mw’ ishengero ry’ Ababatisita bava mu gihugu ca Kenya yavuze ko ivugabutumwa ari igikorwa ca mbere mw’ishengero gutyo abakristo bahamagariwe kugitsimbataza biciye mu gusabikanya ubutumwa n’ abandi.Yagize ati:
« Kwamamaza ubutumwa bwiza ni igikorwa nyamukuru kiza imbere y’ibindi vyose mw’ishengero. Igihe Yesu azogarukira, azotubaza nimba twarashize mu ngiro iryo tegeko rikuru yadusigiye. »
Kiman yaciye aboneraho atera akamo amashengero gukorera hamwe, gushira hamwe ivyiyumviro n’inguvu, kugira bashobore gushikira benshi bashoboka. Yongeye kuvuga ko n’aho hari amashengero atandukanye, yose ahuriza ku gikorwa kimwe: gushikana ubutumwa bwiza ku bataramenya Kristo.

Izo nyigisho zahuje abungere baturutse mu mashengero atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura ku civugo: “Gukorera hamwe mu gushira mu ngiro itegeko rikuru ry’ Imana.”
Kwamamaza ubutumwa bwiza n’iryo tegeko rikuru Imana yatugeze.
Pasitori Acher Niyonizigiye, umuhinga mu burongozi bwiza, yashimikiye ku gushira mu ngiro itegeko rikuru biciye mu kwigisha no kurera abigishwa.
Yahimirije abungere gutunganya imigwi mito mito y’abigisha mu ntumbero yo gutegura abigishwa bakazoza. Yagize ati:
“Kugira wigishe neza, bisaba ko abo wigisha baba bake. Ushatse gushikira benshi, tangura n’abake ubigishe neza, hanyuma nabo bazigishe abandi ”, Niyonizigiziye uko niko yateye intege abitavye iryo huriro yishimikije akarorero ka Yesu Kristo aho yatoranije abigishwa cumi na babiri, nabo bagaca babandanya ico gikorwa co kwamamaza ubutumwa.
Intumbero y’inyigisho n’umwimbu witezwe
Abitavye izo nyigisho baragize ico bashikirije. Pasitori Isabelle Rusuku asengera mw’ishengero ryo kwizera Kristo yavuze ko izo nyigisho zamwibukije inshingano y’ umukristo yo kwamamaza ubutumwa bwiza kuri bose.
Yagize ati: “Twahamagariwe kugenda hirya no hino tukamamaza ubutumwa bwiza. N’aho igihugu cacu gifise benshi bitwa abakristo, turakeneye kwisuzuma ko tubayeho dukurikiza ivyo Imana yatugeze vyose nk’ abakristo. Hari n’abandi benshi bataramenya Kristo, kandi ntidukwiye kubirengagiza. Twese dufise inshingano yo gushikira bose tukababwira ubutumwa bwiza”
Naho Réverand Juvénal Nzisaba, umwungere mw’ ishengero Union des eglises Baptiste du Burundi akaba n’ umurongozi w’ ishirahamwe RENAPEC rihurikiyemwo abungere ba mashengero yasiguye ko intumbero nyamakuru y’izo nyigisho ari ugukomeza ubumwe hagati y’ abakozi b’Imana mu gushira mu ngiro itegeko rikuru ry’Imana- ryo kwamamaza ubutumwa hose.Yagize ati:
“Intumbero nyamukuru ni ugukorera hamwe nk’ abakozi b’ Imana mu gushira mu ngiro itegeko rikuru ry’ Imana. Kugira rishobore gushirwa mu ngiro, birasaba ko amashengero n’ abarongozi bayo bakorana, kuko bituma duterana intege kandi tugashikira benshi”
Nzisaba yongeye ko bizeye kubona impinduka zikomeye mu mashengero inyuma y’izo nyigisho, harimwo kwiyongera kw’ abigishwa ba Yesu Kristo no kwaguka kw’ ubutumwa bwiza mu bindi bihugu.


