Abanyororo bababaye gusumba abandi barenga 300 baraye bahawe imfashanyo

Abantu bashika ku 300 bari mw’ibohero rikuru rya mpimba nibo baronkejwe Imfashanyo igizwe n’ibifungurwa, amavuta, amasabuni hamwe n’amabahasha kuri uyu wa 17 Nzero 2026 bitanzwe n’Ishengero Église du Rocher biciye mu mugambi ” Niwe tubikorera”.

Nk’uko bishikirizwa na Pasteur Isaac Mbonipa Liotin yari yagiye aserukiye abakirisu bo muri iryo shengero, avuga ko ibikorwa nk’ibi vyo gufasha abantu bafise amikoro make hamwe n’abari mu ngorane zitandukanye, ari igikorwa catangujwe mw’Ishengero Eglise du Rocher mu mwaka wa 2023, aho avuga ko ibikorwa nk’ivyo babikora basunitswe n’urukundo mu ntumbero yo kugaragaza urukundo rw’Imana.
Soma n’ibi:

https://umwungerenews.com/2026/01/ubujanama-bukristo-inzira-yo-gukiza-imitima-no-kugarukana-ivyizigiro/

Pasteur Isaac Mbonipa Liotin agira ati : ” Igikorwa twaje gukora uno musi, ni igikorwa kiri mu rukurikirane rw’ibikorwa dusanzwe dukora buri mwaka, aho dusanzwe dufasha abantu bababaye cane kurusha ahandi. Ni igikorwa twise “Niwe tubikorera “ . Aho ibikorwa nk’ibi twabikoze twishimikije amajambo y’Imana ari muri Matayo 25:32-45.

……35 Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nywa; nar’ ingenzi, mumpa indaro; 36 nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye, muza kuraba uko mmeze; nari mw ibohero, muza kundaba.

Aho tubona kumpera y’ibihe Yesu Kristo azohamagara abantu bamwe akabashimira abandi akabacira urubanza. Twebwe rero twahisemwo kuja mubo azoshimira. Turegeranya ivyo kurya, impuzu hamwe n’ibindi bikoresho bikenewe mu buzima bwa misi yose, tugaheza tukarondera ahantu hari abantu bababaye gusumba abandi takabibaha. Uyu musi rero Igenekerezo rya 17 Nzero 2026, twaramutse tuje kuraba abari mw’ibohero bababaye gusumba abandi kugira twifadikanye nabo muguhimbaza umwaka mushasha wa 2026.

Uno musi rero tukaba twafashije abarenga 300 aho umwe wese twamuha ibirori 2 vy’umuceri, amasabuni, hamwe n’akabahasha. Twatanze kandi ifu y’ubuyi ku bavyeyi baba bafise abana bari mw’ibohero. ”

Iyo mukozi w’Imana yasozereye avuga ko kuva batanguye ibikorwa nk’ibi bamaze gufasha abatari bake, aho bamaze kugarukira ku miryango ifise amikoro make I Gihanga Muri Commune ya Bubanza, kuja mu bitaro kuraba abarwaye hamwe no kugurira ibikoresho vy’ishure abanyeshure bava mu miryango y’amikoro make.

Akaba yarashimiye Leta y’Uburundi biciye mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo gufatana mu nda ko bakorana neza. Ariko kandi akagirako yibutsa n’abandi bipfuza gufadikanya n’Ishengero muri ico gikorwa ko bobashikira ku cicaro gikuru c’Ishengero Eglise du Rocher.

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *