Mbega Ikibano n’Ishengero Vyofasha Gute Abariko Barahura n’Ivyago?

Mu gihe humvikana hirya no hino mu gihugu inkuru zivuga umuriro uhitana ibidandazwa vy’abantu hirya no hino mu masoko no mu bibanza vy’idandarizo mu gihugu cacu, turumva kandi tukabona amajambo menshi y’ihumure n’indemesho ashikirizwa n’abantu batandukanye, baba abarongozi b’igihugu bo mu nzego zitandukanye, baba abo mu mashirahamwe y’abigenga mbere n’abantu ku giti cabo, kandi birakwiye.

Ariko kandi umuntu yokwibaza ati mbega indemesho yacu, yaba abo mu kibano canke mu butegetsi bw’igihugu, no mu mashirahamwe atandukanye, yogarukira mu majambo gusa no mukubiyagako duhanahana amasamu y’ivyononekaye gusa, canke hoterwa iyindi ntambwe mur’ukwo guhoza no mu kwirura abashikiwe n’ivyo vyago? mbega nivyaba bikwiye ko birengera imvugo gusa bigashika no mu bikorwa, vyokorwa kubera iki? n’uyuhe mutima ukwiye kubiherekeza? vyokorwa gute? bigakorerwa hehe? bigakorwa na ba nde?

Ugufashanya nk’umuco w’ikirundi

Turakunze kwumva amajambo nka” guhoza”, “kugarukira ku bahuye n’ivyago”, “kubafata mu mugongo” n’ayandi.

Abarundi bamye bafise ingene bafashanya mu bihe bitandukanye vy’ubuzima, vyaba ivyiza canke ivy’ivyago. Uwabuze uwiwe baramufasha kumushingurana iteka, mu gihe co kugandara bakamuzanira udukwi, bakamuvomera amazi, bakamusoromera utwo ateka, eka bakanazana ibiryazagu; iyo hagize uwibaruka amahasa na ho bagatura imigeru (=imigeru ni amasaka n’ibitoke batura uwavyaye. Amasaka ni ayo kwengamwo inzoga zizosohora amahasa ubwa mbere, izo nzoga zitwa iz’urweyo rwa mbere.) nk’uko bisigurwa na Padiri Jean Baptiste Ntahokaja,yanonosoye ivyigwa vy’indimi z’ubwoko bw’ikiromani (Phiolosophie romane) hamwe n’ubutohoji bw’indimi z’ikinyafrika (Linguistique Africaine), mu gitabo yanditse citwa  Imigenzo y’ikirundi mu mwaka wa 1978 ku rupapuro rwa 19. 

Uwufise ubukwe baramuterera igitoke (intango y’inzoga), bakamugemurira, maze hagera kurimira impeshi bagashirana mu kurima. Wa wundi ati «Nyamwigendako ntarimira impeshi », kuboba bize mu ndinganizo ya kera y’ivyirwa (ancien système),canke abakunze gusoma, woba wibuka igisomwa co mw’ishure ry’umwaka wa gatandatu citwa « Nyamwigendako ntarimira impeshi» mu gitabo “Dusome, igitabo c’umwaka wa gatandatu” canditswe mu mwaka wa 1987 ku rupapuro rwa 23, aho hari ikigabane kigira kiti :

 « Ntwarante kubonetse, irima ry’imishike rica ritangura. Benshi baca bibuka ko gusohora ukuboko kumwe(=kurima uri umwe) birutwa n’uguca umukozi. Ni ho rero baja barashirana mu kurima :uyu musi bakarimira umwe, ejo bakarimira uwundi. Iyo na ho batagiye barashirana, benga inzoga , bagatora abantu baza kubafasha , bakiriza ikibiri»

Umuntu afatiye kuri ivyo vyose bidondaguwe haruguru, turabona ko muri rusangi, ugufashanya mu Burundi camye ari ikintu kiboneka mu muco w’ikirundi. Aho amajambere aziye, ugushigikirana kenshi bibonekera mu guhana uburyo bw’amafaranga, no mu gufashanya ibikorwa vy’amaboko n’ivy’ubwenge, kandi ni vyiza cane. 

Kubw’ivyo, muri iki gihe hibonekeza amasanganya y’umuriro mu masoko n’ayandi mazu y’idandarizo, bituma ababanyi, incuti, abagenzi, abo turikumwe mu mashengero, eka mbere n’umurundi wese muri rusangi bahaburira ivyabo maze bigahungabanya ubuzima bwose bw’imiryango, ikibano n’igihugu, tudasize inyuma n’amagara yo mu mutwe, ishengero n’ikibano bibwirizwa kwiyumvira ingene vyogarukira ku bantu bahuye n’ivyo vyago, kugira baremeshwe, bashigikirwe mu gusubira kuvyuka bushasha inyuma y’ivyago vyabashikiye.

Umuriro wadutse muri Galerie “Le Parisien” na “NDAYIZAMBA” ku wa 21 Myandagaro 2026 i Bujumbura (Akeza.net)

Umuco wo gufashanya muri Bibiliya

Muri Matayo 22 Yesu ariko arishura ibibazo vy’Abafarisayo n’Abasadukayo, umwe mu bigisha b’ivyagezwe yamubajije ibwirizwa rikuru riruta ayandi yose (Matayo 22 :36). Yesu yamwishuye amajambo aganisha mu nzira zibiri : iya mbere ija ku bucuti umuntu abwirizwa kugiriranira n’ Imana : « Aramwishura, ati Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose. » (Matayo 22 :37), nayo inzira ya kabiri ikajana ku bucuti umuntu agirirana na mugenziwe, aho Yesu agira ati : « Har’ irindi rya kabiri rimeze nka ryo, n’iri: Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. » (Matayo 22 : 39), maze Yesu akarangiza yerekana ko ayandi yose yenena kuri ayo abiri : « Kur’ ayo mabgirizwa yompi ivyagezwe vyose n’amajambo y’abavugishwa n’Imana ni yo vyenenako.» (Matayo 22 :40).

Umuntu afatiye kuri ako gace ka kabiri k’iri bwirizwa rikuru, turashobora kwemeza ko gukunda mugenzanje nk’uko nikunda havukamwo na rya hame ry’uko ndamufasha, ndamushigikira, nkamuserukako igihe cose bikenewe, kuko nanje ari vyo nipfuza ko nogirirwa igihe cose bikenewe. 

Kuri iri bwirizwa rikuru, hariyongerako irindi hame tubona muri Matayo 7 :12, iryo bamwe bakunze kwita the golden rule canke la règle d’or : « Nukw ivyo mugomba kw’abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ ivyagezwe n’ivy’ abavugishijwe n’Imana.», maze aya yose akaza kutubera urufatiro, umushinge twubakirako mu gukora ico gikorwa ciza co kwitaho abandi.

Mu turorero twinshi tubona muri Bibiliya, twokwishimikiza ak’abizera b’i Makedoniya (Ikete rya kabiri Paulo yandikiye ab’i Korinto igice ca 8) aho mu bukene bwabo, bagira umutima ubikunze wo gutanga umwe wese uko ashoboye kugira bashigikire abizera b’I Yerusalem. Nk’abizera b’uyu munsi mu Burundi no muri kino gihe cacu, birakwiye ko bitubera akarorero ko gufasha, kuvyura abahuye n’ibi vyago bihitiye mu gihugu.

Vyokorwa gute ?

Abakurambere bati :« isorosoro rirwirira iyo rija».

Mu kibano, ibi si irya mbere vyoba bikozwe, kuko no mu bindi bihe vyama vyakozwe: iyo hari uwufise ubukwe turabimenyeshwa biciye ku butumire duhanahana, maze umwe wese akamuterera bivuye ku mutima kandi bivanye n’ico Imana yamuhezagije. Iyo hari uwabuze uwiwe na ho nyene bigenzwa gutyo nyene; mbere no mu bindi bihe vy’ubuzima bigenda biradushikira. Mbega none muri ibi bihe ubu buryo bwobwo ntibwodufashanya mu gushigikira abo tuzi bashitsweko n’ivyago?

Kuruhande rw’amashengero, kurya duhora dushiraho igiseke co gushigikira ibindi bikorwa bitandukanye vy’ishengero, vyokunda ko twiyumvira umunsi umwe canke iyindi yose ibereye yo gushiraho igiseke co gushigikira abo bahuye n’ingorane? Mbere bibaye ngombwa tukabanza tukabimenyesha abizera kugira bavyitegurire maze umwe agatanga avyemeranije n’umutima wiwe kandi uko abishobojwe?(kuvayo 35:4-5)

Kuruhande rw’ubuyobozi bw’igihugu ku nzego zitandukanye, birashoboka ko hashirwaho ikonte mw’ibanki iyi canke iyindi, maze kurya abantu baterera ibindi bikorwa vy’igihugu (amatora canke ibindi), umurundi wese abishoboye agatanga ico afise co gushigikira abashikiwe n’ivyago?

Mu mutima w’urukundo n’ubumwe tubwirizwa kwerekana nk’Abarundi ariko kandi nk’abizera, birashoboka k’umwe wese aho aherereye ashobora kugira ico aterereye ata gahato kandi atiyumviriye ko abwirizwa gutanga muri iyo mice yose (mu kibano-mw’ishengero- ku rwego rw’igihugu) ariko agahitamwo aho acisha intererano yiwe.

Tuje kure mu kwiyumvira

Ntibibereye gusa ko uyu mutima wo gufasha ugarukira kuri abo bahishije ivyabo gusa, ariko ukwiye gukomezwa ugashimangirwa no ku yindi mirwi ya ba ntahonikora usanga tubana mu kibano canke mw’ishengero.

Birakwiye ko ishengero ryiyumvira uburyo bubereye bwo gufasha imirwi y’abantu bashikirwa n’ivyago bitandukanye ma mashengero, rikibaza ukugene imirwi itandukanye y’abantu (Abagendana ubumuga, abapfakazi, impfuvyi) dufise mw’ishengero ryacu ibayeho? Mbega ishengero rirabazi? ririyumvira ingene boba babayeho? n’utundi tubazo tujanye n’ubuzima bwabo; maze hisunzwe ingingo zimurikiwe n’ijambo ry’Imana (Ikete rya mbere Paulo yandikiye Timoteyo 5) hagategekanywa ingene bafashwa.

Kubera iki ishengero rikwiye kuvyitwararika?

Aka kabazo umuntu yokishura canke kukiyumvirako yisunze iciyumviro c’umwigisha w’umushakashatsi akaba n’umwigisha w’indoramana akomoka mu gihugu ca Coote d’Ivoire yitwa Rubin Pohor, aho mu kigabane yanditse ku rupapuro rwa 262 “Du temple à la cité, quand l’église pense le développement” mu gitabo citwa Eglise et Société yabajije ikibazo kigira kiti:

 « Dans quelle mesure les chrétiens évangéliques en Afrique francophone sont-ils solidairement responsables de l’évolution sociale, politique, culturelle, économique de leur peuple ? Qu’ont-ils à offrir à la communauté pour guérir, penser, soulager les maux sociaux ? »

Tubivuze mu Kirundi twoca tuvuga tuti : 

« Ni ku rugero uruhe abakirisu bo mu mashengero mvugabutumwa (les chrétiens évangéliques)bo ku mugabane w’Afrika mu gice gikoresha ururimi rw’igifaransa bunze ubumwe mu kugira uruhara mw’iterambere ry’ivy’imibano, rya politique, ry’imico, ry’ubutunzi vy’abantu babo ? Ni igiki bafise co gufashisha ikibano mu gukiza, mu kwiyumvira, mu kuremururo imibabaro iri mu kibano »

Kubw’ico kibazo rero, umuntu yovuga ko biri ngombwa ko uburongozi bw’ishengero bwiyumvira ingene hambavu yo kwitaho igikorwa co kuvuga ubutumwa bwiza, hiyumvirwa ingene Ishengero riba inyishu ku bibazo vy;ikibano, harimwo n’ico gufasha abahura n’ivyago bitandukanye mw’ishengero.

Umwihwezo nk’uyu ukaba nkenerwa gose muri kino gihe, na cane cane inyuma y’amasanganya y’umuriro yibonekeje mur’uno mwaka wa 2026, mu masoko ya Kinama, Ngozi, Kinindo, hamwe n’amazu y’idandarizo (galeries marchandes) azwi nka galerie NDAYIZAMBA hamwe na galerie Le Parisien, tutirengagije ko hariho n’ayandi tutorinda kudondagura hano.  

Akabazo ku musomyi: mbega ku bwawe, wibaza ko abantu bashikiwe n’ivyago vyo kubura ivyabo bitwawe n’umuriro bakeneye gufashwa mu buryo ubuhe? dusangize iciyumviro cawe muri commentaire.

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *