Thursday, November 12, 2026
Imana Canke imana?

Kuva isi ibaho, umuntu yamye afise ico yizera nk’ikiremwa kiruta ibindi vyose, asenga kandi yitura igihe cose afise ikibazo kinaka mu bice bitandukanye vy’ubuzima bwiwe. Ivyo tubisanga mu mibereho y’abantu batandukanye bo kw’isi, mbere harimwo n’Abarundi. None nimba ihanga ryose rifise imana zaryo, ni iyihe mana y’ukuri? Ni kuki amashengero yoshira umwete n’inguvu mu kuvuga ubutumwa bwiza kandi abantu basanzwe bafise imana bizera? Ni irihe hangiro nyamukuru ry’ubutumwa bwiza? Mbega birakenewe ko havurwa ubutumwa bwiza? Mbega hoho ni kuki vyitwa ubutumwa bwiza? Hoba hari ubutumwa bubi?
Mu buzima bwacu bwa minsi yose, ijambo “Imana” ritanguzwa n’urudome rukuru hamwe n’imana ritanguza n’urudome ruto avugwa kumwe kandi kenshi, ariko birashoboka ko igihe cose avuzwe ataba ariko aganisha ku nsiguro imwe. Birashoboka ko haba hari uwuvuze “Imana Muremvyi” n’uwundi aba avuze “imana” ishobora kuba imwe muri nyinshi yizera. Kubera ko bivurwa kumwe, biroroshe ko bitera ukuzazanirwa mu kumenya iyo umuntu avuga iyo ari yo, ariko bikwiye gutandukanywa, mbere n’umuntu ubwiwe akibaza neza iyo aba avuze iyo ari yo. Abisirayeli bavuze ijambo “Imana” ryaba ritandukanye n’ijambo “imana” ryakoreshwa n’ayandi mahanga abakikuje. Ikirenzeko, Imana yabo yarabahamagarira kwitandukanya n’imana z’abanyamahanga kubera ko zitari Imana y’ukuri (Kuvayo 20: 1-6, Gusubira mu Vyagezwe 4: 1-11). Kubasoma Bibiliya, hagenda haribonekeza amazina atandukanye y’Imana ashingiye ku kugene yagenda Irihishurira Ab’Isirayeli.
Nk’uturorero dukeyi, umuntu yovuga amazina nka Jehova-Yire (Adonaï-Yireéh: Imana ituma bironkeka/ibitanga, Itanguriro22:14), Yehova Rafa (Imana Ikiza, Kuvayo 15:26), Elohim (Imana Muremvyi), El-shaddai (Imana mushoboravyose), Yehovanisi (Imana Iturwanira/itabara, Kuvayo 17:15), El-Elyon (Imana isumba vyose, Itanguriro 14: 18-22) n’ayandi menshi atandukanye umuntu agenda arabona akoreshwa muri Bibiliya. Yamara n’ayandi mahanga na yo nyene, yari afise amazina y’imana zayo bivanye n’ico imw’imwe ikora.

imana z’amahanga
Uko ingoma zitandukanye zo mw’isi zagiye zirakurakuranwa, buri hanga ryose ryari rifise imana zaryo. Dufashe uturorero dukeyi tw’amahanga tubona muri Bibiliya, ihanga ryose ryari rifise imana zaryo. Egiputa bari bafise imana nyinshi nka Hapi (imana y’uruzi Nil), Hequet (ikigirwamana c’ikigore gifise umutwe nk’uw’igikere citwa ko kiganza ubuzima n’ivy’ivuka: déesse à la tête des grenouilles, qui gouvernait la vie, la naissance), Api na Hathor (imana z’ibitungwa : divinités du bétail), Râ (imana zuba yitwa imana y’izindi mana: le dieu-soleil dit dieu des dieux.), Osiris ( imana y’uburimyi be n’ukumera kw’isi: dieu de l’agriculture et de la fertilité) n’izindi nyinshi zitandukanye nk’uko umwanditsi John R. Cross abivuga mu gitabo ciwe “Par ce nom, la vie se limite-t-elle à ce que l’on voit ? (Canada, Quebec : Bonne Semence, 2011), p163-160-165”
Abanyakanani na bo nyene n’uko bari bafise imana zabo. Aha twovuga nka El (se w’imana), hari Ashera (umugore w’imana El ikaba na nyina w’izindi mana), hakaba Baal ( imana y’ikirere, igaba imituragaro, imvura be n’ukwimbuka kw’isi: Divinité la plus active, “Seigneur du ciel”, maître de l’orage, de la pluie et de la fertilité.), hari Moloch, Anat, Yam, Astarté, Dagon n’izindi umuntu atokwirirwa aravuga.
Umuntu agiye ku ruhande rw’abanyababuloni, na ho nyene ahasanga urundi rutonde rw’imana zabo. Uturorero dukeyi, turabona imana nka Marduk, Ishtar, Enki, Nabu, Shamash, Adad n’izindi nyinshi.
Abaroma na bo nyene ni kwo kw’uko bari bafise imana zabo nka Zeus, Hera, Athena canke Minerve, Ares, Aphrodite, Artemis canke Diane, n’izindi nyinshi
Ntawovuga ibigirwamana ngo yibagire imana z’abagiriki, nk’uko nazo hari izitari nke. Aha umuntu yocishako akavuga nka Héphaïstos ( imana y’umuriro, ubucuzi hamwe n’utugenegene: dieu du feu, de la forge et des artisans), Déméter ( imana-ngore y’uburimyi, ukumera kw’isi be n’iyimbura: Déesse de l’agriculture, de la fertilité et des moissons), Dionysos ( imana y’inzoga canke vino, y’iminsi mikuru n’ukwinezereza birenze:dieu du vin, de la fête et de la démesure), Apollon ( imana y’izuba, y’ubugenegene, umuziki n’ubuvugishwa: dieu du soleil, des arts, de la musique et de la prophétie), Poséidon ( imana y’ibiyaga, amabahari be n’ugutigita kw’isi: dieu de la mer, des océans et des tremblements de terre) n’izindi nyinshi.

Tuje ku mugabane wa Afrika na ho nyene, umuntu asanga abany’Afrika na bo nyene, umurwi wose ufise imana wizera canke ukwizera kwawo, gufatanye n’ukwizera kavukire ivyo twokwita mu gifaransa les religions traditionnelles africaines. Umuhinga w’ivy’inyigisho ndoramana (la théologie) yamuka muri Nigeria Samuel Waje Kunhiyop, mu gitabo ciwe yanditse citwa African Christian Theology, mu ntangamarara yaco (ku rupapuro rwa 2), yanditse agira ati :
« Africans unquestioningly believe in a Supreme Creator of the universe and humanity. There is no ethnic group in Africa that does not have a specific name for a Supreme God. »
«Atagukekeranya kurimwo Abany’Afrika barizera Ikibirengeye caremye ibiriho hamwe n’abantu. Nta murwi n’umwe w’abantu muri Africa udafise izina ry’uruharo rikoreshwa mu kuvuga Iyo Mana isumba izindi zose »
Kuvyerekeye Abarundi, Patiri Jean Baptiste Ntahokaja, umuhinga w’indimi n’Amayagwa y’Ikinyafrika, mu gitabo ciwe citwa Imigenzo y’ikirundi, ku rupapuro rw’147, mu kigabane ca VII ciswe: IMANA N’IMIHANGO IRORA KU MANA, aremeza ko Abarundi bizera imana.
«Imana bayitazira amazina y’ukuyishemeza, bayita Rugira, Rugaba, Rutunga, Indemyi, Indavyi, Ingaruzi, Incanyi, Sebibondo. Yamara abantu bamwe bamwe bavuga ngo Imana ziri kubiri ngo hari Imana nziza n’Imana mbi, hari itanga n’iyaka. Iyaka bayita amazina y’ibigaba, ngo ni Rwuba rwa Bigata, Bigiriti, Bijinyagu, Imana y’imbwa; nk’uwugowe bavuga ngo barahuye na Shahu ari we busa bubi. »
Itandukaniro hagati y’Imana Rurema n’izindi mana z’amahanga
Izo mana zose zavuzwe haruguru urondeye uza gusanga imwe yose yaba ifise ico ijejwe, ku buryo abantu bakeneye ico kintu baja kugisaba iyo mana nyene ikijejwe. Ivyo kandi biratwereka ko buri hanga ryose, rito canke rinini (eka mbere n’ibisagara), ryaba rifise imana zaryo, ryizera ko ari zo zariremye, zirikiza, zirizigama kandi zirironsa ivyo rikeneye. Ivyo birerekana kandi ko izo mana zaba zigabuyemwo imirwi, imwe yose ikagira ico ijejwe, binerekana ko hari n’ivyo idashoboye. Ibi birerekana ko amahanga yose yizera ikintu citwa imana, yirukira igihe cose hari ikiyabakiye. Kubw’ivyo, kubera ko biboneka ko mu mitwe no mu mitima y’abantu hamyemwo kuva kera bakiremwa iciyumviro c’ikintu citwa “imana” kandi bikaboneka ko hari “imana” nyinshi, hari ikibazo nyamukuru umuntu wese abwirizwa kwibaza kivuga kiti: mbega none imana y’ukuri ni iyihe?
Kimwe mu bibazo amahanga yari akikuje Isirayeli usomye Bibiliya ubona kwari ukumenya imana ikomeye hagati y’imana zabo be n’Imana y’ab’Isirayeli. Inkuru dusoma mu gitabo c’Abami 20: 10-30 ni imwe mu turorero twinshi tw’amahanga ashaka kumenya imana y’ukuri kandi ikomeye muri izo mana zose.
Ariko igihambaye tubona muri Bibiliya n’uko uko Imana igenda irihishurira amahanga igenda iratomora neza yemeza ko ata yindi mana iriho atari yo yonyene kandi ko hagowe abantu bizigira izindi mana, canke ibigirwamana vyakozwe n’abana b’abantu. (Yeremiya 10-12, Yesaya 43 :11-13).
Mu gitabo co kuvayo kuva ku gice c’indwi (7) gushika ku gice ca cumi na kabiri (12) tuhabona ingene Imana iteza ivyago abany’Egiputa. Umuntu asomye neza ico birya bigirwamana vyabo kimwe kimwe cose cari kijejwe, arabona neza ko hejuru yo kugondoza Pharaon (umurongozi w’igihugu ico gihe) ngo arekure ihanga ryayo, Imana yariko Irereka abany’Egiputa mbere n’ab’Isirayeli ko ivyo vyose bibaza ko zirya mana zabo zikora canke zigaba atari vyo, ahubwo ko ari yo yonyene Mana y’ukuri, igaba ivyaremwe vyose n’abantu bose mbere na Pharaon na we nyene arimwo. Mukuzimya izuba hose igasigaza i Gosheni gusa (Kuvayo 10: 21-24), ni nk’aho yari ibabwiye ngo: mwebwe mwiyumvira ko Râ ari yo mana igaba izuba. Ariko nimurabe ndarizimije kandi Râ ntiza gushobora kuryatsa, kuko ni jewe Mana y’ukuri naremye n’iryo zuba! Mu guhindura amazi ya Nil akaba amaraso kwari ukubabwira ngo burya Hapi si yo igaba amazi ahubwo ni jewe ; Kugira ngo gutyo bacurure ubwenge n’imitima bamenye ngo bwa bundi bwose ya Mana yahamagara ab’Isirayeli ni yo yonyene Mana y’ukuri, ifise ububasha ku bantu no ku bindi vyaremwe.
Mbere kubw’ivyo, kuvyerekeye vya bigirwamana vyose vy’abany’Egiputa hamwe n’ivyago cumi yabateje, John R. Cross umwanditsi w’umunya Canada, agira ati: « Au fur et à mesure que les plaies frappaient les Egyptiens , il devenait de plus en plus évident que, non seulement YAHVE regnait sur la terre, mais qu’il était aussi le maitre de l’univers. »
« Uko ivyago vyagenda bishika ku bany’Egiputa, ni ko vyagenda bigaragara ko Imana itaganje isi gusa ariko kandi ko Iganje n’ivyaremwe vyose»
Ico amahanga akwiye kumenya rero, n’uko uwo mugambi w’Imana wo kwihishurira amahanga n’ubu ukibandanya kuko no muri kino gihe cacu, dufise izindi mana nyinshi canke ibigirwama vyinshi twizera n’aho vyoba bitari ahagaragara, ari na co gituma ubutumwa bwiza buguma bukenewe kandi buzoguma bukenewe igihe cose, gushika Yesu agarutse.
Ihishurwa ry’Imana Muremyi mw’Isezerano rishasha, Intango y’Ubutumwa Bwiza.
Izina ry’Imana n’inkomezi zayo vyakomeje kwigaragaza mw’isi inyuma y’ivuka ry’Umwami Yesu Kristo. Kimwe mu bikorwa vyari vyarazanye Yesu Kristo kwari ugucungura ikiremwamuntu no guhishura Data wo mw’ijuru mw’isi. Yesu yabaye intango y’ubutumwa bwiza nkuko ibitabu bine vya mbere vyo mw’isezerano rishasha ribishimangira.
Isezerano ry’umucunguzi ryari ryaratanzwe kuva isi ikiremwa neza na neza igihe Adamu na Eva bakora icaha, maze Imana ica isezerana ko izotanga umucunguzi azomena umutwe ya nzoka igereranywa na Satani, na yo ikamukomeretsa igitsintsiri (Itanguriro 3:15). Kuva ico gihe, inkuru zose tubona muri Bibiliya, Imana iba iriko yuzuza iryo sezerano yatanze, gushika aho tubona Yesu Kristo aza, agapfa, agahambwa, akazuka, gutyo akaba akuyeho urubanza rw’icaha, maze agaha uburenganzira uwumwizera wese, uburenganzira bwo kugaruka muri rya tongo Adamu na Eva birukanwamwo bagicumura (Yerusalemu nshasha) no kuzorya kuri ca giti c’ubugingo babuzwa kuryako ca gihe birukanwa muri Edeni (Itanguriro 3:22-24).
Ikirenzeko, kubera ko icaha ca Adamu na Eva cateye umuntu kugarariza Imana no kwironderera izindi mana mu mutima wiwe (Kuvayo 32), vyatumye amahanga yose aba mu kutamenya no kutizera Imana y’ukuri( Abaroma 1:18-32), ngo ayisenge yongere abeho ubuzima buhwanye n’uko ijambo ryayo rivuga.
Ni co catumye igihe cashinzwe kigeze, Yesu aza mw’isi kugira ngo abe impongano y’ivyaha ihoraho kandi amaze kwuzuza ico gikorwa, agera abigishwa biwe (bamwe cumi n’umwe) mbere n’abamwizeye inyuma yabo ko bakwiye kwama bavuga iyo nkuru nziza (Matayo 28:18-20) y’uko bacunguwe bagakurwako urubanza rw’icaha maze bakabaho batinezereza ariko banezereza uwabaremye akabacungura (Ab’I Galatiya 2:20). Ni co gituma abamwizeye bose bahamagarirwa gusangiza abandi iyo nkuru nziza(Ubutumwa Bwiza), kugira ngo na bo barokoke urwo rubanza rw’ubunyavyaha rw’ibihe bidashira; baze bashobore kubana n’Imana ibihe bidashira.
Intumbero y’ubutumwa bwiza
Igikorwa c’ubutumwa bwiza, ni ugufasha umuntu asanzwe yizera ikindi kintu atari Imana y’ukuri, gutahura ko yihenze mu kwizera kwiwe, ko kubw’ivyo rero akwiye guhindura ivyiyumviro akizera Imana y’ukuri. Ariko kugira yizere ni vyiza ko atahura igituma akwiye kwizera. Uwumubwira ubutumwa bwiza yomufasha gutahura ubwa mbere na mbere ko ikibazo nyamukuru afise ar’uko ari umunyavyaha (bitavuye kuvyo akora ahubwo bivuye ko asanzwe yavukanye kameremere k’ubunyavyaha) kandi ko kubw’ivyo afitanye urubanza n’Imana, kuko Imana itazobana n’umunyavyaha. Umuntu akamufasha gutahura ko urwo rubanza ata wundi muntu canke ikindi kintu gishobora kurumukurako kiretse ukwizera Yesu Kristo wenyene, kuko ari we wenyene yabaye ikimazi (impongano y’ivyaha) c’ivyaha gikwije ukwera gusabwa n’Imana kandi akaba n’ikimazi gihoraho (kidata agaciro) c’ivyaha vy’abantu.
Akamenya ko kubw’ivyo akwiye kwizera uwo Mwami,kubera ko ari ingingo ihambaye ku buzima bwiwe. Yofashwa kandi gutahura ko amaze gutahura ukwo kwizera aheza akarondera umuryango w’abizera arererwamwo abona womufasha gukura mu kwizera. Ni intambuko ya kabiri ihambaye ku wamaze guhitamwo gukurikira Kristo.
Kubw’iyo mpamvu rero, biguma bikenewe y’uko, n’aho abantu basanzwe bafise ibindi vyinshi bizera, ishengero rishishikara igikorwa co kuvuga ubutumwa bwiza kugira ngo rifashe abantu kumenya Imana y’ukuri n’ukuyizera kugira baze bashobora kubana na yo ibihe bidashira.
Ni kubera iki iyo nkuru yitwa ubutumwa bwiza ?
Iyo nkuru ibwirizwa gusangizwa uwo ari we wese atarizera Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwiwe yitwa inkuru nziza canke Ubutumwa Bwiza, kubera ko hasanzwe hariho inkuru mbi ku muntu wese atarizera Yesu Kristo, n’aho wewe atoba abizi.
Inkuru mbi cane kuri we akwiye kumenya n’uko afise urubanza rw’ubunyavyaha rumutsinda imbere y’Imana (Itanguriro 6 :5-7, Abaroma 3 :9-20) rumutuma adashobora kwubahuka imbere y’Imana ngw’aze abane na yo ibihe bidashira, kubera ko Imana ari Iyera rwose, idashobora kwemera kubana n’umunyavyaha. (kumwe Adamu na Eva bamaze gucumura yaciye ibirukana mw’itongo ryayo)
Kubw’ivyo yoheza akamubwira inkuru nziza y’uko Yesu yemeye kuba impongano, ikimazi gihoraho gikwije ibisabwa kandi cemerwa n’Imana kizohoraho ibihe bidashira (Abaroma 3 : 21-30, Abaheburayo 10 :11-28) kubw’iwe, kugira ngo ahe uwumwizera wese (uwizera ko ari umunyavyaha kandi ko ashobora kubabarirwa urwo rubanza rw’ubunyavyaha kubw’ukwizera ico gikorwa co gucungura ca Yesu Kristo conyene) kuzobana n’Imana ibihe bidashira. (ko Abizeye Kristo bose bazosubira kubana n’Imana ibihe bidashira muri Yerusalemu nshasha – Ivyahishuriwe Yohana 21: 1-2), bakarya kuri ca giti c’ubugingo (Ivyahishuriwe Yohana 22: 14) kimwe Adamu na Eva birukanwa ngo ntibaryeko.
Nk’uko Yesu Kristo tubona abitegeka abigishwa biwe (Matayo 28:18-20) iyi nkuru ni yo mvo nyamukuru ikwiye kwama isunika umutima w’igikorwa c’ivugabutumwa haba kuwubikora ku giti ciwe nk’umwigishwa wa Kristo ariko agerageza kwumvira ibwirizwa rikuru ry’Umwami canke ishirahamwe rukristo canke ishengero risanzwe ryoryo ubwaryo ari co gikorwa nyamukuru rifise.
Vyerekana kandi ko Ubutumwa Bwiza bufise agaciro kadahera, kuko uko amahanga azoba akiriho, abantu bazokwama bakeneye kwumva iyo nkuru nziza, ari na ko igikorwa c’ivugabutumwa gikwiye kubandanya gushika Yesu agarutse.


