Thursday, November 12, 2026
Kuvukira Mu Muryango W’Abakristo Canke Kubatizwa Birahagije Kugira Umuntu Abe Umukristo?

Mu Burundi no mu bindi bihugu birimwo imigenzo ya gikristo, abantu benshi bavukira mu miryango isenga, bagakurira mu mashengero kandi bakitabira ibikorwa vy’idini kuva bakiri bato. Ariko none ivyo vyonyene birahagije kugira umuntu yitwe umukristo vy’ukuri? Ivyiyumviro vy’abakozi b’Imana hamwe n’intahe z’abizera biratanga umuco kuri ico kibazo.
Kuva mu buto bwabo, hariho abantu bakurira mu migenzo ya gikristo. Bariga gusenga, bakaja mu mashengero, bakitabira mu mirwi yo kuririmba (Chorale) canke ibikorwa bitandukanye vy’ishengero. Hari mbere n’ababatizwa bakiri bato. Ariko n’aho ivyo vyose bifise ikibanza cavyo mu buzima bw’ukwizera, abakozi b’Imana bavuga ko bitandukanye n’agakiza nyako gatuma umuntu aba umukristo.
None umukristo ni nde ?
Nk’uko bisigurwa na Audace Ndayisaba, Umuyobozi w’ishirahamwe rukristo risanzwe rikora ivugabutumwa mu buryo butandukanye (Campus pour Christ) mu Burundi, umukristo ni umuntu akurikira inyigisho za Yesu Kristo kandi akazigendera mu buzima bwa misi yose.

Avuga ko ubukristo butagarukira ku kwitwa izina canke ku kuba umuntu asengera mw’ishengero runaka, ahubwo bugaragarira mu guha Kristo ikibanza ca mbere mu buzima no kubaho hisunzwe Ijambo ry’Imana. Bitabaye uko, muri ico gihe uba uri umukristo wo kw’izina gusa.

« Umukristo ni umuntu akurikira inyigisho za Kristo kandi akazigendera. Akunda Kristo kandi urwo rukundo rukamushoboza gukunda n’abandi »
Ivyo abivuga yishimikije amajambo aboneka muri Yohani 1:12. “Ariko abamwakiriye bose yabahaye ububasha bwo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe.”
Ivyo vyerekana neza ko kuba umwana w’Imana bitava ku muryango umuntu avukiyemwo, ahubwo biva ku kwakira Kristo no kumwizera nk’umwami n’umukiza.
Kuvukira mu muryango ukijijwe ntibituma umuntu aba umukristo.
Mu vyiyumviro vyatanzwe n’abakozi b’Imana batandukanye, bose bahuriza ku ciyumviro c’uko umuntu ashobora kuvukira mu muryango usenga, agakura azi ibikorwa vyose vy’ishengero, ariko bidasigura ko yamaze kwakira Kristo ku giti ciwe.
« Umuntu ashobora kuvuka ari mu muryango w’abakristo, ariko ntashobora kuvuka ari umukristo » . Ni ko Audace Ndayisaba abivuga.
Pasteur Sadi Bigirimana wo mw’ishengero Méthodiste Libre nawe agira ati:
« Umuntu arashobora gukurira mw’ishengero akarinda asaza, ariko atarafata ingingo yo kwizera Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza wiwe ».
Rev. Juvenal Nzosaba wo mw’Ishengero Baptiste akaba n’umurongozi w’ishirahamwe rukristo RENAPEC (Umuryango w’abakozi b’Imana) na we ahagaze kuri ico ciyumviro. Avuga ko umuntu ataba umukristo kubera ko ari mu muryango wa gikristo canke mw’ishengero runaka, ahubwo aba umukristo igihe afashe ingingo yo kwizera Yesu Kristo no kwihana vy’ukuri.

« Umuntu aba umukristo mu gihe yiyemereye ko Yesu Kristo ari Umukiza n’Umucunguzi wiwe, agafata ingingo yo kwihana no guheba ubuzima bwa kera kugira ngo abeho ubuzima bushasha buyoborwa na Kristo » .
Kubwiwe, kuba umuntu afise izina ry’umukristo canke akamenyera ibikorwa vy’ishengero ntibihagije mu gihe atararonka ihinduka ry’ukuri mu mutima no mu buzima vyiwe.
Ivyanditswe Vyera navyo birashigikira ivyo vyiyumviro vy’abo bakozi b’Imana. Akarorero n’amajambo dusanga muri Yohani 3:16 havuga ngo:
“Kuko Imana yakunze abari mw’isi urukundo rungana rutyo, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira.”
Ayo majambo yerekana ko agakiza gashikira “uwumwizera wese”, atari uwavukiye mu muryango runaka.
Umubatizo urahagije kugira umuntu abe umukristo?
Ku kibazo c’umubatizo, abakozi b’Imana bavuga ko hariho abawufata nk’ikintu gihagije kugira umuntu abe umukristo. Ariko kuri bo, umubatizo ni ikimenyetso c’ihinduka ribanza kuba mu mutima w’umuntu mu kwakira Yesu Kristo nk’umwami n’umucunguzi w’ubuzima bwiwe.
« Ntihakizwa uwabatijwe, habatizwa uwakijijwe ».
Aya majambo ya Ndayisaba afise insiguro yimbitse. Yerekana ko umubatizo udatanga agakiza, ahubwo ushingira intahe ku ngingo umuntu yamaze gufata yo kwizera no gukurikira Kristo.
Pasteur Sadi Bigirimana na we yagereranije umubatizo n’impeta y’abubakanye. Nk’uko impeta itarema urugo ahubwo yerekana isezerano ryamaze gufatwa, ni ko n’umubatizo utarema umukristo ahubwo ushingira intahe ku ngingo umuntu yamaze gufata yo gukurikira Kristo.
Ivyo bihurirana n’ivyavuzwe na Rev. Nzosaba, asigura ko umubatizo ari ikimenyetso c’uko umuntu yakiriye Kristo.
« Kubatizwa ni ikimenyetso c’uko umuntu yakiriye Yesu nk’Umwami n’Umukiza wiwe, yemeye gupfana nawe no kuzukana nawe mu buzima bushasha » .
Ku bwiwe, umubatizo ntutuma umuntu aba umukristo, ahubwo werekana ku mugaragaro ingingo umuntu yamaze gufata yo kwizera no gukurikira Kristo.
Intahe z’abafashe ingingo yo kwizera Kristo ku giti cabo
Sarah Irakoze, umupfasoni akijijwe asanzwe ari umuganga kandi asengera mw’ishengero Shamah Temple Fellowship i Bujumbura, avuga ko yavukiye mu muryango w’abakristo kandi agakurira mw’Ishengero rya Pentekote ariko munyuma aza gutahura ko agakiza kadashingiye ku kwizera kw’umuryango wiwe.
« Agakiza sindagahabwa no kuvukira mu muryango ukijijwe; mba umukristo kuko nizeye Yesu Kristo ku giti canje »
Irakoze amaze imyaka 22 afashe iyo ngingo, avuga ko ari ho yatanguye gutahura ico gukurikira Yesu Kristo bisobanura no kubaho ubuzima buyoborwa n’Ijambo ry’Imana.
Uwundi ni Anniella Ingabire, umukristo wo mw’ishengero Minevam Kigobe.
Yakuriye mw’Ishengero rya Katolika, hanyuma amara ikiringo c’imyaka ibiri aja mu mashengero atandukanye y’Abaporoti, ndetse aranabatizwa. Avuga ko ivyo vyose bitamuhaye amahoro, ahubwo yarushiriza kunanirwa mbere akisanga mu vyaha bimuruhisha kuko atari bwarekure ubuzima bwiwe ngo burongorwe na Kristo.
Agira ati:
«Vyukuri amajambo y’Imana narayumva, ariko ivyo vyose ntaho vyanshikana kuko ntari bwigere mfata ingingo yo mu mutima »
Nk’uko abandanya abivuga, haciye imyaka itatu, umusi umwe yumvise ubutumwa mu nyigisho zo kuw’Imana aho bahamagarira abantu kwihebera Kristo. Ni ho yafashe ingingo avuga yuko yahinduye ubuzima bwiwe.
« Ubuzima bwanje kubutwara vyari vyananiye. Nca ndabuha Kristo kuko nabonye ko ari we ashobora kubumpindurira »
Ingabire ashinga intahe ko ubuzima bwiwe bwaronse intumbero nshasha, amahoro n’umunezero bitari bihari mbere.
Uwundi mukristo yavukiye mu muryango w’abakristo yasavye ko amazina yiwe atamenyekana, avuga ko yakuriye mw’Ishengero Méthodiste Unie akunda kuja no gusenga.
Avuga yuko igihe yari mu murwi wo gusenga (Groupe Biblique) mu mashure yisumbuye, biciye mu butumwa bwiza yumvise, ni ho yatanguye gutahura ko kuba yarakuze aja gusenga bitari bihagije kugira abe umukristo.
Avuga ko inyuma yo kwumva inyigisho zerekeye kwakira Kristo no kumugira Umwami w’ubuzima, yafashe ingingo yo kumwizera ku giti ciwe.
« Nari narakuriye mu buzima bwo gusenga kandi nkabikunda, ariko ico gihe niho natahuye ko ukwizera kwanje atari ukw’abavyeyi canke ukw’umuryango navukiyemwo »
Nk’uko abandanya abivuga, kuva ico gihe yatanguye gukunda gusoma Ijambo ry’Imana kurushiriza, arakura mu buzima bw’impwemu kandi aheba zimwe mu ngendo yabona ko zitajanye n’ubuzima bushasha yari yatanguye kubamwo.
Izi ntahe zose ziratandukanye, ariko hari ikintu kimwe zihuriyeko: ni uko bose bavuga ko inyuma yo kwakira Kristo, ubuzima bwabo bwatanguye guhinduka.
Ivyo bihuye n’ivyo Bibiliya ivuga mu 2 Abakorinto 5:17:
“Nuko rero umuntu wese ari muri Kristo aba ari icaremwe gishasha; ivya kera biba biheze, ehe vyose biba bihindutse bishasha.”
Kubw’ivyo, iryo hinduka si ryo umuntu yizanira ubwiwe gusa, ahubwo ni ingaruka z’urugendo rushasha atangura igihe yakiriye Yesu Kristo.
Naho abantu benshi bashobora kuvukira mu miryango y’abakristo, bakaja gusenga canke bakabatizwa, ivyo vyonyene ntibihagije kugira umuntu abe umukristo.
Abakozi b’Imana hamwe n’abizera batanze intahe bahuriza ku ciyumviro c’uko ubukristo nyabwo butangurira ku kwizera Yesu Kristo no kumwakira nk’Umwami n’Umukiza w’ubuzima bwacu.
Nico gituma umuntu wese avuga ko ari umukristo ategerezwa kwibaza kino kibazo:
“Mbega narigeze gufata ingingo yanje bwite yo kwakira Yesu Kristo no kumugira Umwami w’ubuzima bwanje, canke ndiko ngendera gusa ku vyo nasanze mu muryango canke mw’ishengero?”


