Thursday, November 12, 2026
Ishengero Ni Iki?

Hari umugenzi wanje yambwiye ko hari indirimbo yakunda kuririmba kuva akiri muto. Yari ayizi neza cane, ijambo ku rindi, ariko umusi umwe turi kumwe ndamubaza nti: “Iyo ndirimbo isigura iki?” Yanyishuye ko atazi neza ico isobanura, naho yari mu Kirundi. Narafashe akanya ko kuyimusigurira, hanyuma aca ambwira ati: “Ni ubwa mbere numvise ico iyo ndirimbo isigura.”
Nk’uko vyagendeye uwo mugenzi wanje, hari amajambo menshi dukunda gukoresha, tukiyumvira ko tuyazi, ariko hari igihe insobanuro yayo y’ukuri atayo tuba tuzi. Muri iyi nyandiko, nshaka kugaruka kw’ ijambo “Ishengero.”
Mu mvugo zacu za misi yose, twama twumva abantu bavuga bati: “Asengera kuri église,” “Ngira nje kuri église,” n’ibindi. Kenshi iyo bavuga “Ishengero,” baba bavuga inyubakwa, ikibanza abantu bahuriramwo, canke idini. Ariko Bibiliya itwereka ko ishengero rifise insobanuro yimbitse cane gusumba ivyo.

Kubera iki kugira insobanuro y’ukuri y’Ishengero bihambaye?
Nk’uko Pasteur Amedée Bagirakandi mw’ishengero Redeemer Baptist Church abivuga, abantu b’Imana barakeneye gutahura neza insobanuro y’ishengero, kuko rifise agaciro gahambaye imbere y’Imana gusumba izindi nzego zose ziriho canke zigeze kubaho[1].

Agira ati:
- Niryo Imana yatoranije imbere yuko isi ibaho (Abanyefeso 1:4);
- Niryo Yesu yaje gupfira (Abanyefeso 5 :25b);
- Niryo Yesu yasezeraniye kandi yarungikiye Mpwemu Yera (Ivyakozwe n’Intumwa 1:6-8, 2:1-4);
- Niryo Yesu asengera ubudahumeka ari mw’Ijuru (Abaroma 8 :34);
- Niryo Imana iriko irakoresha kuzana no mu kwagura ubwami bwayo mw’isi (Matayo 8 :18-20);
- Niryo nkingi ihagarariye ukuri mw’isi (1Timoteyo 3 :15) ;
- Niryo Yesu azogaruka gutora ngo ribane nawe ibihe vyose (Yohana 14 :1-3). Niwo muryango Kristo azogarukako ngo ubane nawe ibihe bidashira (Yohona 14 :1-3).
Insobanuro y’ishengero mw’Isezerano Rishasha
Mw’Isezerano Rishasha, ijambo “ishengero” rikoreshwa mu buryo bubiri:
- Ishengero rusangi (ritaboneka)
Ishengero ritaboneka rigizwe n’abizera bose Kristo, aho bari hose no mu bihe vyose (Ab’i Kolosayi 1:24–25).
- Ishengero riboneka (ryo mu kibanza kanaka)
Ni umugwi w’abizera bahurira hamwe mu kibanza kanaka, nk’ishengero ryo muri Antiyokiya canke i Korinto (Ivyakozwe n’intumwa13:1; 1 Abakorinto 1:2).
Muri ubwo buryo bwose, “Ishengero” risigura umugwi w’abantu, si inyubakwa.
Nk’akarorero, muri Bibiliya, mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa 15:12, havuga ko “ishengero ryose ryacecetse ryumviriza Paulo na Barunaba.” Aha biragaragara ko ishengero ari abantu, atari inyubakwa canke ikibanza.
Imigwi itatu igize Ishengero.
- Abizera bamaze gutaha mw’ijuru: bita ishengero ry’anesheje (Église triomphante).
- Abizera bakiri mw’isi uno munsi: bita ishengero rikiri ku rugamba (Église militante).
- Abazokwakira Kristo muri kazoza.
Ishengero ni umuryango w’Imana
Naho Bibiliya ikoresha ibigereranyo vyinshi kugira idufashe gutahura insobanuro y’Ishengero, nashimye kugaruka ku kigereranyo c’umuryango kuko gifitaniye isano n’uko umuryango wubatse mu Burundi.
Ishengero ni umuryango w’Imana mw’isi, kuko rigizwe n’abana b’Imana, kandi Imana ikaba Se wabo (1 Abi Korinto 6:18). Ni vyiza gutahura ko ishengero ari umuryango wacu wa mbere, mbere gusumba n’imiryango yacu y’amaraso, kuko wo ni umuryango uzobaho ibihe bidashira. Nimba wizera Kristo, uri muri uwo muryango w’abana b’Imana. Kandi naho wopfa, uzokomeza kubanaho na Kristo.
Uko umuryango w’Abarundi udufasha gutahura ishengero
Mu Burundi, umuryango ni ikibanza gikomeye aho umuntu yumva ari i muhira. Ni ahantu abantu bamuzi, bavuga ururimi rwiwe, kandi bamutahura. Mu muryango ni ahantu harangwa n’urukundo rw’abavukanyi, gufashanya, no kubabarana. Umuryango ni abantu baguserukako iyo uri mu vyago. Mu muryango kandi ni ahantu umuntu yigira ibizomufasha mu buzima. Niho umuntu avukira kandi akarererwa, hari n’imiryango imwe imwe isangiye izina kugira bamenye ko ari bene mugabo umwe.
Umuryango ni ikintu gihambaye kuburyo uwudafise umuryango baca bamwita umwana wo mw’ibarabara. Kandi umwana wo w’ibarabara kenshi usanga atandero afise kuko ataronse umuryango umurera.
Imana yashatse ko n’ishengero ryo mu kibanza kanaka (église locale) riba nk’umuryango.
Mw’ ishengero:
- niho Imana yashize abantu bo kutwitwararika;
- abantu batuzi kandi biteguye kutubera abavukanyi b’ukuri, bashobora no kutwihanganira kuko twese turi abanyavyaha bababariwe n’Imana;
- dufise umuhamagaro umwe, kubaho kubwo icubahiro c’Imana,
- dusangiye intambara, kurwanya icaha hamwe n’ivyizigiro vyo kuzobona Umwami wacu.
Nk’uko mu muryango ari aho umuntu aronkera ivy’ibanze vyo kumufasha mu buzima, ni ko no mw’ishengero ariho dukura ivyo kudufasha; ni naho twigishirizwa uko abantu b’Imana babaho.
Ntushobora gukura neza udafise Ishengero
Ishengero niyo mpetso y’abo Imana yavyaye bose, mw’ishengero niho Imana yabateguriye ibizobatunga mu rugendo rwabo. Hari abantu bavuga bati: “Ndizera Yesu, ariko sinkeneye ishengero.” Ariko ivyo si vyo na mba!
Ushobora kwizerera Kristo aho uri hose, ariko ntushobora gukura neza mu kwizera udafise ishengero ryo mu kibanza kanana ngo rikubere umuryango.
Soma kandi:
Mbega vy’Ukuri Uwizera Arashobora kuba Musi y’Imivumo y’Akaronda ?
“Nimba ata shengero rizima ufise rirondere.”
“Nimba uri muri ryo, rikunde, rikorere, rishigikire, risengere kandi uribemwo nk’umwe mu bagize umuryango. Ntube indorerezi canke sindabibazwa. Kuko ishengero si inyubakwa; ishengero ni abantu b’Imana. Kandi iyo abantu b’Imana bakoraniye hamwe, Imana iba hagati muri bo.”
[1] Redeemer Baptist Church Bujumbura. Turi bande nka RBC: Ivyigwa vyateguriwe abifuza kuba abanyeshengero ba RBC. Bujumbura: Redeemer Baptist Church, December 2024.
Ino nkuru ni umwihwezo w'umwanditsi Janvier Ndikubakuru. Ni umu Pasitori w'umu "Baptiste", akaba yakurikiranye ivyigwa vy'ubutunzi muri kaminuza y'Uburundi, munyuma anonosora ivyigwa ndoramana (Divinity in Biblical Studies) muri kaminuza ya African International University muri Kenya. Ubu akaba ariko arakurikirana ivyigwa ku rwego rwa "Doctorat" muri African International University (Doctor of Ministry).



Murakoze Ku nyigisho mudusangije.Birashoboka KO ishengero riba umuryango mu gihe n’intumwa vyanse KO basangira vyose, akarorero k’ igihe ca Ananias Na Saphira.Muri iki gihe cacu birashoboka canke ni mu kwizera gusa.Murakoze
Urakoze cane. Ahubwo nyene irya nkuru ya Ananiya itwereka ko Ishengero ugomvye kurigira ikindi atari umuryango, Imana itakwishimira. Uba wahushije.