Thursday, November 12, 2026
Mbega vy’Ukuri Uwizera Arashobora kuba Musi y’Imivumo y’Akaronda ?

Muri iki gihe hari abizera benshi babayeho bafise ubwoba ko ibibashikako ari imivumo bakwegewe n’abasogokuruza. Abandi nabo bakabona ko ubukene buri muri ibi bihugu vy’Afrika atakindi vyoba bivako atari imivumo y’abasokuru. Nk’akarorero mu mwaka wa 2010, hari urunani rw’amashengero rwateguye amasengesho y’imisi 40 yo kwirukana imivumo bavuga ko igihugu c’Uburundi cakwegewe n’abasokuruza, kubera gusenga Kiranga. Ico gihe ndavyibuka neza: harabaye n’urugendo rwo kuduga ku gasumo ka Mwaro, kuko bavuga ko iyo mivumo izirikiye muri ico kibanza, aho bambaririza Kiranga.
Nawe ushobora kuba umaze kwumva ivyerekeye “imivumo y’akaronda” ngo ikurikirana abantu! Mbega ni iyihe nyishu bibiliya itanga kuri ivyo vy’izerwa ? iyi nyandiko iraguha inyishu komeza gusoma.
Abizera Yesu Yarabakuyeko Umuvumo Wose
Niba uri uwizera muri Kristo, ntukwiye kwiyumvira ko uri musi y’umuvumo n’umwe. Bibiliya ivuga neza ko Yesu yavumwe ku bwacu. Nk’abanyavyaha, twese twari musi y’umuvumo kubwo kunanirwa no kwitondera ivyagezwe vy’Imana, ariko Kristo yadukuyeko uwo muvumo kuko yawishizeko (Ab’i Galatiya 3:10-14). Nico gituma abizera bose bakuweko imivumo; ubu ni ivyaremwe bisha:Ivyakera vyose vyaraheze, vyose vyarahindutse bisha (2 Ab’i Korinto 5:17).

Birashobora gushika umuntu akaba afise ubuzima bwuzuyemwo ingorane zikwegwa n’ivyaha, ariko igihe ahindukiriye Kristo, akakira agakiza, Imana iraheza ikamukurako imivumo yose yatewe n’ivyaha yagendeyemwo. Icizerwa c’uko umuntu ari musi y’imivumo, Satani aragikoresha cane kugira yambure abana b’Imana umunezero n’imigisha bafise muri Kristo.
Ubwoba n’Ugutahura Nabi Imibabaro Bituma Abizera Bibaza ko Bavumwe
Umwigisha n’umuhinga mu mico n’imigenzo y’Abarundi, Patiri Adiriyano Ntabona, mu rukurikirane rw’ibiganiro yise “ubwenge nyabo” ku mico n’imigenzo y’abarundi mu kiganiro yakoze mu mwaka wa 2020, yavuze ko akenshi imivumo yakora ku bantu kubera ubwoba baterwa n’amajambo bumvise. Ubwo bwoba bwarashobora gutuma umuntu akora ibintu nabi: mu kazi, mu mibano, canke mu buzima bwa misi yose. Ivyo vyatuma ananirwa mu buzima kubera agendera ku bwoba.
Iyo nsiguro ya Ntabona irashigikirwa n’umwanditsi Samuel Samuel Waje Kunhiyop mu gitabo ciwe African Christian Theology, yerekanye ko hari abantu badatera imbere kubera biyumvira ko bavumwe, kuko ubwoba bubabuza gukora neza. Nk’akarorero, umuntu ashobora kuja mu kibazo c’akazi afise ubwoba bwinshi, akishura ibibazo atabajijwe, bikarangira abuze ako kazi,atari umuvumo, ariko ari ubwoba.
Nk’abizera, ntidukwiye kwita ikintu cose kidushikiye “umuvumo.” Bibiliya ivuga ko imibabaro ari kimwe mu bikoresho Imana ikoresha kugira iduhindure, idushushanye na Kristo, kandi idufashe kwitegurira ubwiza bw’ijuru. Ivyashikiye Yobu (Yobu 1–2): ntivyari imivumo, ariko vyari ikigeragezo Imana yarekuye. Paulo na we nyene yagendana “igisata mu mubiri,” naho tutazi ico cari co. Yasavye Imana kenshi ngo ikimukureko, ariko Imana imubwira iti: “Ubuntu bwanje buraguhagije” (2 Ab’i Korinto 12:7-9). Ivyo vyerekana ko hari aho Imana ireka ingorane zikaguma mu buzima bwacu, ariko Ubuntu bwayo bukaduhaza. Ntidukwiye rero kwama twiyumvira ko ingorane zose ari imivumo.
Mbega Ivyaha vy’Urunganwe Rumwe Birakurikirana Urundi?
Hari imirongo imwe isa n’iyerekana ko ivyaha bishobora gukurikirana urunganwe ku rundi. Nko mu Kuvayo 20:5 ahavuga ko Imana “ihora abana ibigabitanyo vya ba se gushitsa ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane.” uno umurongo ukwiye gusomerwa hamwe na Ezekiyeli 18:4 na 20, aho havuga neza ko “uwukora icaha ari we azopfa,” kandi ko umwana atazohanirwa ivyaha vya se, canke se ngo ahanirwe ivyaha vy’umwana wiwe.
Imana ntihanira urunganwe rumwe ivyaha vy’urundi. Ariko birashoboka ko urunganwe rukurikira inzira mbi z’ababanje, hanyuma ingaruka z’ivyo vyaha zikabarwako. Ariko igihano cose kijanye n’ivyo umuntu ubwiwe aba yakoze.
Mbega vy’Ukuri Ingorane Zisubiriza mu Muryango Umwe aba ari Umuvumo Kuri wo?
Hari n’ibibazo tubona mu miryango imwe imwe: indwara zimwe zimwe (nk’igisukari, indwara z’umutima), amasanganya, akaboregwe, ukwahukana n’ibindi. N’aho isi yuzuyemwo ingorane zitoroshe gusigura, ntidukwiye kwama tuvyitirira imivumo kuko ata mivumo iba kubizera nkuko twamaze kubivuga aho haruguru.
Ku batizera, Bibiliya irerekana ko bashobora kuba munsi y’ububasha bw’abadayimoni, ni co gituma bakeneye kubwirwa Ubutumwa Bwiza kugira babohorwe. Ariko ku bijanye n’indwara zikurikirana abantu bo mu miryango imwe imwe, ubushakashatsi bwa siyansi bwerekana ko hari uturemangingo (génétique) dushobora gutuma indwara zimwe zishobora kufata abantu bo mu muryango kanaka. Ivyo ntibisigura ko abo bantu bavumwe gusumba abandi. Ahubwo vyerekana ko n’aho twokizwa, tukiri mu mibiri idatunganye ishobora kurwara. Iyo biriko bishika ku bizera ntibikwiye gutuma biyumva ko bavumwe ahubwo bikwiye gutuma bahahamira kuzohabwa imibiri mishasha idashobora kurwara canke gupfa.
Ubutumwa Bwiza Nibwo Butanga Kwidegemvya
Mu vyose ducamwo, dukwiye kumenya ko Ubutumwa Bwiza bufise ubushobozi bwo kutubohora ubwoba bwose. Abari muri Kristo Yesu nta muvumo n’umwe ubariko, kandi umusi umwe bazokurwako ingaruka zose z’icaha Yesu ni yagaruka. Niba uri uwizera vy’ukuri ariko ukaba uboshwe n’ico cizerwa ko uriko umuvumo, ntuje kurondera ibohorwa (delivrance) mu vyumba vy’amasengesho, ahubwo rondera imfashanyo kubajenama bisunga Bibiliya (biblical counsellors)
Mu kurangiza nk’ abizera dukwiye kwirinda imvugo zitera ubwoba abantu ko bari munsi y’imivumo canke kubavuma. Satani ashobora gukoresha ayo majambo kugira atere ubwoba abantu b’Imana. Nk’uko Bibiliya ibivuga, amajambo arashobora gukomeretsa canke gukiza (Imigani 12:18; Yakobo 3:8-10). Nico gituma imvugo zacu zikwiye kwamana ubuntu bw’Imana, zirunzwe umunyu ngo twubake abandi atari kubatera ubwoba (Ab’I kolosayi 4:6)
Samuel Waje Kunhiyop, African Christian Theology (Grand Rapids, MI: Zondervan, 2008), 114–15.
Ino nkuru ni umwihwezo w'umwanditsi Janvier Ndikubakuru. Ni umu Pasitori w'umu "Baptiste", akaba yakurikiranye ivyigwa vy'ubutunzi muri kaminuza y'Uburundi, munyuma anonosora ivyigwa ndoramana (Divinity in Biblical Studies) muri kaminuza ya African International University muri Kenya. Ubu akaba ariko arakurikirana ivyigwa ku rwego rwa "Doctorat" muri African International University (Doctor of Ministry).



Vy’ukuri ku wizeye, ivya kera Biba bihise aba ari icarelwe gisha, mu Bwami busha bwa Kristo uwishizeko urubanza rw’ivyaha vyamurega, akishirako n’umuvumo wose w’ubunyavyaha.
Ni vyiza KO dutandukanya ingaruka z’ivyaha umuntu yogenderamwo n’imivumo.
Ni vyiza kandi KO Tumenyana KO isi yuzuye amarushwa azokurwaho burundu n’igihe c’ubwiza bwa Kristo.
Aho abizera bazosa nk’uko azosa.
Imana mubwingenge bwayo irareka rimwe na rimwe tugaca mubihe bitoroshe kugira bidukomeze.
Ukomere mu Mwami. usangize abandi iyo nkuru
Vy’ukuri ku wizeye, ivya kera Biba bihise aba ari icaremwe gisha, mu Bwami busha bwa Kristo uwishizeko urubanza rw’ivyaha vyamurega, akishirako n’umuvumo wose w’ubunyavyaha.
Ni vyiza KO dutandukanya ingaruka z’ivyaha umuntu yogenderamwo n’imivumo.
Ni vyiza kandi KO Tumenyana KO isi yuzuye amarushwa azokurwaho burundu n’igihe c’ubwiza bwa Kristo.
Aho abizera bazosa nk’uko azosa.
Imana mubwingenge bwayo irareka rimwe na rimwe tugaca mubihe bitoroshe kugira bidukomeze.
Imana ishimwe cane ku muco wa Yesu Kristo wakumurikiye