Friday, November 13, 2026
Gospel Burundi 🇧🇮: Abaririmvyi b’indirimbo mpimbazamana b’i Burundi mu biteramo mpuzamakungu

Mu gihe ivugabutumwa rishingiye ku ndirimbo riguma rirushiriza kugira ikibanza gikomeye mu buzima bw’ishengero, gospel y’i Burundi irabandanya kwaguka no kurenga imbibe z’igihugu. Abaririmvyi b’indirimbo mpimbazamana b’abarundi, babifashijwemwo n’ingabire n’ukwizera Imana yabahaye, bariko barashikana ubutumwa bwiza mu makungu, berekana ko  ijwi rya gospel y’i Burundi rishobora gushika kure.
Ivyo bikorwa bitwibutsa ijambo ry’Imana rivuga riti:
“Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, Yemwe abari mw’isi mwese ni muririmbire Uhoraho.” (Zaburi 96:1)
Mu Burundi, indirimbo mpimbazamana zifise uruhara runini mu gukomeza ukwizera kw’abakristo. Biciye mu majwi, amajambo n’intahe, abaririmvyi bazo barafasha benshi kwegera Imana, gukomera mu gakiza no guhumurizwa mu bihe bigoye.
Ivyo bikorwa ntibiri ku butaka bw’igihugu c’Uburundi gusa, ariko biribonekeza ko abaririmvyi b’indirimbo mpimbazamana b’i Burundi batanguye kurenga imbibe, bakaboneka mu biteramo bitandukanye haba ku mugabane wa Afrika canke ku mugabane wa Burayi. Mu misi iri imbere, bamwe muri bo baritezwe kuboneka mu biteramo bizobera mu makungu, harimwo Canada, Belgique na Kenya, aho bazoba bagiye mu bikorwa bidasanzwe vyo guhimbaza no gutazira Imana.


Umuririmvyi Niyukuri Théophile, benshi bazi kw’izina rya Dudu, abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe, yaramenyesheje ko agiye gutegura ibiteramo yitiriye “Aah ya ya ya Concert” mu mpera z’uyu mwaka wa 2026, guhera mu kwezi kwa Gitutu gushika mu kwezi kwa Kigarama. Ivyo biteramo bizobera mu gihugu ca Canada, mu bisagara nka Ottawa, Montréal, Edmonton na Vancouver.
Dudu Niyukuri ni umwe mu banyempano z’igihugu zakoze cane ku mitima ya benshi biciye mu ndirimbo z’Imana. Amaze igihe kitari gito ari mu murimo w’ivugabutumwa biciye mu ndirimbo, kandi afatwa nk’umwe mu bagize uruhara mu gutuma gospel y’i Burundi imenyekana mu makungu.
Uwo muririmvyi amaze gukora ibiteramo bitandukanye haba mu Burundi no mu bindi bihugu nka Belgique, Suède, France na Danmark. Igiteramo ca nyuma yakoze mu Burundi cari “Aah ya ya ya Concert”, cabaye mu mwaka wa 2024, mu kwezi kwa Mukakaro, mu gisagara ca Bujumbura.
Uwundi muririmvyi mpimbazamana agiye kugaragara mu biteramo mu makungu ni Pasteur Lopez Ininahazwe, afise igiteramo yitiriye “Akandi Karyo Worship Concert”, gitegekanijwe kuba mu kwezi kwa Rusama 2026, mu gihugu c’Uburigi (Belgique). Naho amagenekerezo nyakuri ataramenyekana neza, uwo muririmvyi yamenyesheje ko ico giteramo kizoba ari umwanya udasanzwe wo guhimbaza no gusenga Imana.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Pasteur Lopez yagize ati:
“Mu kwezi kwa Rusama 2026, nzogira umunezero mwinshi wo kubasanga mu bihe bidasanzwe vy’uguhimbaza n’ugusenga Imana. Amajwi yacu azohurizwa hamwe, maze Imana ifate ikibanza cose kugira yihishure mu bubasha bukomeye.”
Pasteur Lopez ni umwe mu baririmvyi bafise uruhara rukomeye muri gospel y’i Burundi, azwi ku ndirimbo zifise ubutumwa bwimbitse bwo gukomeza ukwizera. Indirimbo ziwe zirakundwa mu Burundi no mu makungu, cane cane mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho amaze kenshi gutumirwa mu biteramo vy’indirimbo mpimbazamana.
Ku rundi ruhande, umurwi Victorious Team, ugizwe n’urwaruka rufise impano yo kuririmba indirimbo mpimbazamana mu muziki wa kijambere, nawo nyene uriteguriye igiteramo “Youth in Christ – 2nd Edition (Urwaruka muri Kristo)”, kizobera mu gihugu ca Kenya. Ico giteramo gitegekanijwe kuba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2026, mu rushengero Redeemed Gospel Church.

Uwo murwi uri mu mirwi y’urwaruka iriko iribonekeza cane muri gospel y’i Burundi, umaze gutegura no kwitabira ibiteramo bitandukanye mu gihugu no mu gihugu kibanyi c’Urwanda.
Ivyo bikorwa vyose birerekana ko indirimbo mpimbazamana ari igikoresho gikomeye Imana ikoresha mu gukoranya no gukomeza abantu bayo. Nk’uko Bibiliya ibivuga iti:
“Igihumeka cose ni gishime uhoraho.” (Zaburi 150:6)
Gospel y’i Burundi irabandanya gutera imbere, ishigikiwe n’abanyempano biyemeje gukorera Imana n’umutima wose. Uku kugaragara mu makungu ni intambwe ikomeye mu gushikana ubutumwa bwiza ku mahanga no mu kwubaka ishengero ryo mu Burundi.
Soma kandi:
https://umwungerenews.com/2026/02/gospel-tel-aviv-prosper-nkomezi-agiye-gukorera-igiteramo-muri-israelgospel-tel-aviv-prosper-nkomezi-agiye-gukorera-igiteramo-muri-israel/
Soma n’ibi:
https://umwungerenews.com/2026/02/kubera-iki-bamwe-baguma-bashikamye-mu-bigeragezo-abandi-bagata-ukwizera/
Umwungere News izobandanya gukurikirana no kumenyesha abakunzi bayo ibikorwa vy’ivugabutumwa rikorwa n’abaririmvyi b’indirimbo mpimbazamana, mu Burundi no mu makungu, mu ntumbero yo gukomeza ukwizera no gukuza ubwami bw’Imana.


