Ni Gute Umwana Womufasha Gukura Mu Buryo Bwose: Mu Bwenge, Ibigumbagumba, Imibano, Umubiri N’impwemu?

Ishirahamwe rukristo ryitaho iterambere ry’abana, Vessels of Hope Burundi (VHB), kuva kw’igenekerezo rya 27 na 28 Myandagaro 2026 I Bujumbura, ryaratunganije inyigisho zigenewe abigisha b’abana,abavyeyi n’abakozi baryo mu ntumbero yo kubakahiriza ubumenyi mu bikorwa vyo kurera abana bijanye n’ubwenge, ibigumbagumba, umubano, umubiri n’impwemu.

Izo nyigisho zari zihagarariwe na Maggie McClurg, umuhinga aturuka muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika asanzwe afise ubumenyi mu bisata bitandukanye harimwo uburongozi, ibidukikije ndetse no kwitaho abana.

Uyu mwigisha yaravuniye akagohe abavyeyi ko mu gihe umwana atarezwe neza akiri muto ashobora kuzohura n’inkurikizi mu bijanye n’ubwenge, ibigumbagumba, imibano, umubiri,n’impwemu. Yatanze akarorero afatiye k’umwana akina umupira w’amaguru ko adashobora kuba rurangiranwa atafashijwe mu myimenyerezo akiri muto. Aha agasigura ko n’umwana ategerezwa kuronswa inyigisho zimufasha akiri muto kugira azokure ashobora kwifasha.

Agira ati: “Usanga umuntu akuze bimugora kuganza ibigumbagumba kuko abavyeyi batabimureresheje akiri muto.”

Umwigisha McClurg yaragarutse ku bikorwa mfashanyigisho bifasha umwana kwiga neza nko gukina, kwiga amajambo mashasha, ibiharuro, indome, kwandika canke kwigisha ijambo ry’Imana.

Abitavye inyigisho bariko bariga uko ukoresha ibikoresho mfashanyigisho bimwe bimwe

Yongerako ko hari ibihimba nyamukuru vy’umubiri vy’inyumviro, ku bwiwe avuga yuko bifasha umwana kwiga neza. Aha aratomora neza ko  kuraba, kwumviriza, gukorako n’intoke, kwimotereza canke kwumviriza n’ururimi navyo bifasha umwana ku bice bitandukanye. 

“Umwana yakira ibice 10% iyo asoma, 20% iyo yumviriza, 50% iyo abona kandi yumva, 70% iyo avuga, eka mbere na 90% iyo avuga kandi akora.”

Uwo mushakashatsi yarongeye avunira akagohe abavyeyi gukoresha imvugo ibereye kandi yoroheje igihe cose bariko batanga amabwirizwa ku bana babo.

Yagize  ati: “Bwira umwana ico akwiye gukora, atari ico akwiye kudakora kuko wewe birya umubujije kenshi yumva ko umubwiye abikore.”. Nk’akarorero, hako umubwira uti “ntiwiruke”, mubwire uti “tambuka”.

Kubera Iki VHB Ishira Inguvu Ku Bana?

Chadrack Nininahazwe, arongoye ishirahamwe VHB, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru  Umwungere News muri Myandagaro, yarashikirije imvo n’imvano y’iki gikorwa. 

Yagize ati: “VHB ishira inguvu cane mu gufasha abana kuko mu Burundi hari ibice birenga hafi 22% vy’abana batarakwiza imyaka 8 kandi abana baremwe mw’ishusho y’Imana kandi Yesu yishimikije akarorera yatanze ko ubwami bw’Imana ni nkubwabameze nk’abana yarerekanye ko aha agaciro abana.”

Chadrack Nininahazwe, Uwatanguje Vessels of Hope Burundi Foundation

Gushika ubu mu Burundi ibice 25% bigizwe n’abana bari munsi y’imyaka umunani nkuko biri mu cegeranyo co mu mwaka wa 2024 c’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho ineza y’abana UNICEF. 

Muri ico kiganiro, Nininahazwe atera akamo abavyeyi n’ishengero gufasha abana gukura mu buryo bwose bakiri bato cane kuko ubwonko bwabo buba bugishobora bwakira neza ibintu bikiyubaka. Yarashimangiye kandi ko abavyeyi bafise uruhara rukomeye mu gukurikirana iterambere ry’abana babo aho kubakubita gusa iyo bafise inyifato itabereye.

“Umwana umurere nkuwumutegura kuzoba umuntu w’akamaro kw’isi muri kazoza.” 

Ico Abitavye Inyigisho Bakuye mu Ruganda

Abitavye izi nyigisho bavuga yuko bungutse ubumenyi buzofasha guhindura uko bagiye gukora.

ITEKA Cheryl Princia, ni umwe mu bitavye inyigisho asanzwe afasha mu bijanye n’iterambere ry’umwana n’umuryango mu kigo ca VHB

Yagize ati: “Narize ko umwana bisaba kumwigisha kwiyumvira atari kumwigisha ivyiyumviro… ni ukugira nawe ejo azobe umuntu avumbura ibintu bishasha kuko umubwiye ivyiyumviro ntasubira kwiga kuvumbura.”

Ku bijanye n’ukwizera, Iteka ashimangira ko umwana akenera gufashwa mu buryo bw’impwemu mu ku mwigisha inkuru zo muri Bibiliya zikozwe mu masanamu bifasha umwana gutahura ningoga ibintu abona imbere y’uko atahura ibitaboneka.

Sonia Iradukunda, nawe asanzwe akorera mu kigo ca VHB asa nkuwunganira mugenzi we: “Kwigisha abana tuba turi ku marembo y’ijuru, abana nasanze ari abantu bafa iyambere mu bwami bw’IMANA kubera yuko iyo bateguwe neza bavamwo abantu bakorera Imana mu buryo butandukanye.”

Kuri Fidèle Bigirimana, umwe mu barongozi mw’ishengero Shammah Temple Fellowship, yaje avuye mw’ishengero ry’i Makamba, yashikirije ko gushigikira abana mu gukura neza kwabo ari igikorwa uburongozi bw’ishengero budakwiye kwirengagiza. 

Kuri we, ngo izi nyigisho zamufashije kumenya ingene yifata imbere y’abana n’ibikoresho bikwiye gukoreshwa biva mu vyo bisanzwe biboneka, n’ingene yofasha abavyeyi gutsimbataza imigenderanire hagati yabo n’abana.  

Sangiza abandi

2 Comments

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *