Friday, November 13, 2026
Ishengero ry’Uburundi rihejeje kwunguka abamenyeshamakuru ndoramana

Inyuma yaho ikinyamakuru ndoramana kizwi nk’umwungere News gihamagariye urwaruka rushika kuri 10 kwitaba inyigisho zibategura kuba abamenyeshamakuru ndoramana mu kiringo kingana n’amezi atatu (3), baraye bahawe ingaragazabumenyi (certificat).
Hari kw’igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2026 I Bujumbura, aho urwaruka rugera kuri 8 muri 10 rwashoboye guhabwa ku mugaragaro ingaragazabumenyi mu mwuga w’itangazamakuru rukristo.
Urwo rwaruka rugizwe n’inkumi n’imisore bava mu mashengero atandukanye bari bamaze amezi atatu biga. Bamaze guhabwa zongaragazabumenyi(Certificat) n’abo baciye bashikiriza Oswald Nshimirimana Umuyobozi w’ikinyamakuru akaganuke ko kumukengurukira ku mahirwe yabahaye yo kwiga izo nyigisho ngirakamaro. Nayo Ndayikeza Pascal umumenyeshamakuru akaba n’umwigisha yabaye hafi cane mu kwigisha urwo rwaruka, bakaba batamwibagiye mu kumuha nawe akaganuke.


Urwo rwaruka rurashima cane kubw’ivyo vyirwa bidasanzwe baronkejwe muri ico kiringo ca mezi atatu. Mbere bamwe muri bo barashinze intahe y’ukuntu ivyo vyirwa vyabafashije mu gushobora gukoresha imbuga ngurukanabumenyi mu kwagura ubwami bw’Imana, mw’ijanabutumwa mu buryo bwiza kandi bwemewe n’amategeko y’ikimenyeshamakuru.
Ikimenyeshamakuru Umwungere news caregereye bamwe muri urwo rwaruka mu kubabaza ico bungutse muri izo nyigisho z’itangazamakuru rukristo baronkejwe.

Gisèle Irakiza , asanzwe asengera muri Eglise Minevam Kigobe agira ati: uno musi ndibona nzi ico ari co réseaux sociaux na cane cane muri wa mutima wo kwamamaza ubutumwa bwiza.Uno musi mugiye kuri compte yanje ya facebook muraza kubona yuko muri aya mezi atatu hari itandukaniro, rero ndibaza ko kuba mfise ubu bumenyi hari ico bizofasha mu gihugu ndetse no kw’isi na cane cane mu gisata c’ivyinjanabutumwa kubera ko sinzosubira kubikora nk’umuntu atabizi nzobikora nk’umuntu yavyize.
Gisèle abandanya agira ati “Jewe ikintu kimwe novuga n’uko nk’amashengero canke abana b’Imana badakwiye gufata réseaux sociaux nk’igikoresho umurwanizi yazanye kugira ngo atuyovye, nyabuna kutazikoresha nk’inshengero nk’abana b’Imana turiko turahomba gose kuko aho hantu hariho benshi bariko barahatakarira. Rero ahubwo ndabatumirira vyukuri kumva ko ari ikindi gikorwa gikwiye kwitwararikwa na cane cane tugahindura ukuntu twacihaye mu mutwe.”

Gédéon Muhiziwintore nawe asengera mw’ishengero Apostolic pentecost church of God aratubwira ico izo nyigisho zamufashije: Jewe izi nyigisho akamaro ni kanini, kuko vyarahinduye ibintu bimwe bimwe nahora nkora nkabikora mu buhinga bwa kera butabereye ariko ubu nk’aba ndabikora kinyamwuga.

Gatavu Kenza Harley asengera muri Nation du Christ Espoir du Reveil nawe yagize ati: Umwe mu bigisha yatwigishije yatubwiye ati iyaba ba Paulo bagihari uno musi baba bariko bakoresha ama réseaux sociaux nanje numva ndamushigikiye cane kuri ico ciyumviro uravye ingendo bafata bajanye ubutumwa bwiza;
Ubu bumenyi buzongirira akamaro, kubera ko hari ico vyongeyeko kuvyo nari nsanzwe nzi kandi bizomfasha cane kuvyo nari nsanzwe nkora aho nsengera.

Pasteur Nshimirimana Oswald umuyobozi w’ikinyamakuru Umwungere News yarashimiye cane urwo rwaruka rwari rumaze ikiringo ca mezi atatu, mu kwerekana umwete muri ivyo vyirwa kandi akabona ko ivyo babigishije babifashe nka nkama. Oswald Nshimirimana avuga ko, inyigisho nk’izo zizokomeza ku rundi rwaruka rubifitiye umuhamagaro mu kwezi kwa Ntwarante 2026″. Oswald, akaba amenyesha ko biteze kwakira n’abasanzwe bakora igikorwa co kwegeranya no gutangaza amakuru mu mashengero n’amashirahamwe rukristo mu ntumbero yo kubafasha gukora neza ico gikorwa.
Ongera usome:
https://umwungerenews.com/2026/02/amasehngero-ahamagarirwa-gukoresha-imbugahwaniro-mu-kwagura-ubwami-bwimana/
Tubamenyeshe ko imbere y’ico gikorwa co gutanga izo ngaragazabumenyi habanje kuba inyigisho ku barongozi b’amashengero (Aba pasitori n’abakozi b’amashengero) zibereka imvo zotuma ishengero ry’uno musi ridakwiye na gato kwirengagiza gukoresha imbuga hwaniro mu kwagura ubwami bw’Imana.



















