Kuberiki Iki Chris Ndikumana Asengera Abarwaye Mu Bikorane Vya Kanguka?

Mu gikorane kidasanzwe caranzwe n’amasengesho yo gusengera abarwaye, umuvugabutumwa Chris Ndikumana yarasiguye imvo ituma asengera abarwayi yongera atangaza ko “Gukira umutima biruta gukira umubiri”.

Kw’igenekerezo rya 18 Mukakaro 2026, Umuvugabutumwa mpuzamakungu Chris Ndikumana asanzwe akomoka mu Burundi yaratunganije igikorane gikomeye cahuje ibihumbi vy’abantu benshi bavuye mu gisagara ca Bujumbura, mu ntara zitandukanye z’Uburundi, hamwe n’abandi bavuye ku migabane y’ Afurika,  Buraya, Aziya n’Amerika.

Umunezero mwinshi, indirimbo mpimbazamana n’amasengesho nivyo vyaranze ico gikorane cari citabiriwe na bamwe mu banyepolitike, n’abahoze mu nzego z’igihugu.

Kubera ubwinshi bw’abantu, hari vya vyuma vyerekana amashusho “écrans” kugira bifashe abari kure gukurikirana ibiriko biraba.

“Dusengera abarwaye kugira dushingire intahe ko Yesu Kristo akiza”

Inyuma y’inyigisho yiwe, uwo muvugabutumwa yagarutse ku kibazo gikunze kwibazwa na benshi kijanye no gukiza indwara.  

Imbere yuko atangura igikorwa co gusenga yamenyesheje ko atari we akiza abarwaye, ahubwo ko ari Yesu Kristo akiza.

Yagize ati: “Dusengera abarwaye kugira dushingire intahe ko Yesu Kristo akiza, maze n’abandi bavyumvise bizere.”, yongera avuga ko “gukira umutima biruta gukira umubiri”. 

Yasiguye ko naho umuntu yokira indwara uno musi, ejo ashobora gupfa ariko umuntu yizeye Yesu Kristo afise ivyizigiro vyo kuzomusanganira no kubana na we ibihe bidashira, ahatari imibabaro canke indwara.

Abantu bari mu gikorane Kanguka 2026 i Bujumbura

Afatiye ku majambo yo muri Yoweli 2:1, 13, yasiguye ko mw’Isezerano rya Kera, ijwi ry’inzamba ryari rifise insiguro ikomeye kandi rishobora gutangaza igikorwa kidasanzwe Imana igiye gukora.

Yatanze akarorero ko mu gihe c’intambara, ijwi ry’inzamba rishobora gutuma ibintu bihinduka mu buryo budasanzwe, nk’uko bivugwa muri Bibiliya mu gitabo c’Abacamanza 7:22, aho abansi basubiranamwo.

Muri ico gikorane, inzamba yaravugijwe nk’ikimenyetso c’ukubohoka no gukira incuro indwi.

Gushinga intahe no gusengera Uburundi

Muri ico gikorane abantu benshi barafashe ingingo yo kwakira Yesu Kristo nk’ Umwami n’Umukiza w’ubugingo bwabo.

Mu ntahe zagiye zirashikirizwa, benshi bahuriza ku kungene bakize ingwara zitandukanye harimwo ibivyimba, ububabare butandukanye bwo mu mubiri hamwe n’ingorane zo kutabona.

Umuvyeyi umwe yavuze ingene Yesu yakijije umwana wiwe yari amaze imyaka itatu adashobora gutambuka, inkuru yakoze ku mitima ya benshi.

Umwana w’umukobwa yaje adashobora gutambuka, ari kumwe na Mama wiwe, yashoboye gutambuka imbere y’ishengero mu gikorane (Akeza. Net)

Muri ico gikorane harabayeho akaryo ko gusengera igihugu c’Uburundi.

Yisunze inkuru yo muri Yosuwa 6, ivuga ingene Abisirayeli batsinze igisagara c’i Yeriko inyuma yo kuvuza inzamba incuro indwi, Ndikumana yakoze igikorwa nk’ico maze atangaza ko Yesu Kristo ari we Mwami aganje Uburundi mw’isi y’impwemu.

Mu gihe abantu bamwe bavuye muri ico gikorane bavuga ko bakiriye ugukira kw’umubiri, ubutumwa nyamukuru bwagumye ari uguhamagarira abantu kwakira Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza w’ubugingo bwabo.

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *