Thursday, November 12, 2026
Iterefone Mw’Ishengero: Igikoresho Gikenewe Canke Igisamaza?

Mu makoraniro y’abakristo, usanga kenshi hari abicaye mu rusengero bariko barakoresha amaterefone yabo, haba mu mwanya w’indirimbo, igihe co gusenga canke mu gihe hariko harigishwa ijambo ry’Imana. Iyi nyifato irabandanya kuvyura ikibazo gikomeye mu barongozi b’amashengero no mu bakristo benshi: Ni iyihe nyifato ibereye ku mukristo akoresha Iterefone igihe ari mu rusengero?
Hari umusi nitavye inyigisho zagenewe abigisha b’abana. Uwariko ararongora izo nyigisho yarasavye ko abigisha bokwirinda gukoresha Iterefone mu gusomera abana ijambo ry’Imana ari imbere y’abo. Umwe mu bitavye izo nyigisho aca abaza ati: “Kubera iki umwigisha atokoresha Iterefone mu gusomera abana ijambo ry’Imana?”
Uwatanze inyishu yavuze ko n’aho Iterefone ishobora kuba igikoresho ciza, ishobora kandi kuba intandaro yo gusamara. Yasiguye ko umuntu yoshobora kuba ariko arasoma ijambo ry’Imana, agaca abona agakengeri kamumenyesha ubutumwa bushasha bw’umuntu adashobora kwirengagiza, ivyo bigatuma aca atakaza ivyiyumviro n’intumbero yari afise.

Yatanze akarorero k’umusore canke umukobwa ari mu rukundo. Yagize ati: “Ibaze uriko urigisha abana, hanyuma ukabona ubutumwa buvuye ku muntu muri mu rukundo. Ukabwugurura ugasanga akubwiye ko “aguhevye”. Mbega wobandanya inyigisho nk’uko vyari bimeze?
Igikoresho gikenewe, ariko gisaba ubwitonzi
Ubushakashatsi bwakozwe na Lifeway Research bwerekana ko Iterefone ishobora gufasha umukristo gukura mu buzima bw’impwemu. Ishobora gukoreshwa mu gusoma Bibiliya, gukurikirana indirimbo, kwandika ivyo umuntu yiga canke gusoma inyigisho zimuasha mu buzima bw’impwemu.
Ariko kandi, ubwo bushakashatsi nyene burerekana ko Iterefone ishobora kuba intambamyi ikomeye ku kwitwararika ibiriko birabera mw’ikoraniro.
Pasteur Anaclet Sabiyumva, umwungere mw’Ishengero muri Minevam Kigobe, mu kiyago twagiranye yavuze ico bisaba kuba mu mwanya w’ikoraniro, atanga n’impanuro.
“Ikoraniro ni umwanya wo guhura n’Imana no gusangira ukwizera n’abandi. Ivyo bisaba ko umuntu aba ahari wese: mu vyiyumviro vyiwe, mu marangamutima yiwe no mu mubiri.”

“Mu mwaka wa 2014, mu gihugu c’Ubufaransa, harabaye igurisha ry’ibitabo (Salon du Livre), aho vyashikirijwe ko n’aho ibitabu biri ku mbuga ngurukanabumenyi bifise akamaro, igitabo c’impapuro kiguma corohereza gusoma no gutahura. Ni co gituma mbona Bibiliya yo muri Terefone ikwiye kuba igikoresho gifasha, ariko ntisubirire Bibiliya y’impapuro.”
“Inama nogira abakristo ni ukwiga kwiha indero igihe bari mu rusengero. Kandi ni vyiza kwimenyereza gukoresha Bibiliya y’impapuro mu makoraniro, bakifashisha Bibiliya yo muri Terefone mu kwiga no kwiyigisha ijambo ry’Imana mu yindi myanya.”
Urashobora gusamara utabishaka
Ikibazo nyamukuru co gukoresha Iterefone mu rusengero si gusa guhamagarwa canke kwakira ubutumwa. Ahubwo ni uko ishobora gutuma umuntu agabura umutima n’ivyiyumviro.
Ubushakashatsi bwasohotse mu kinyamakuru Explorations in Media Ecology mu mwaka wa 2023 bwashitse ku ciyumviro c’uko amaterefone ngendanwa akunda gutera ugusamara no kudatekana mu mwanya w’ikoraniro, mu gihe gukoresha ibitabu bisohowe, nka Bibiliya y’impapuro, bifasha umuntu kuguma akurikirana neza ibiriko biravugwa.
Mu yandi majambo, umuntu ashobora gusamara n’aho atoba yagize iyo ntumbero canke ngo abe ashaka gusuzugura ikoraniro ry’abera.
Ariko ikoraniro ry’abakristo risaba ko umuntu ahaba n’umutima wiwe wose, ashize umutima ku Mana no kuri benedata bahuriye hamwe kugira bakomezanye mu kwizera.
Indero irakenewe
Ishengero rirafise uruhara rwo kwigisha ko ikoraniro ry’abera ari igihe co kwumviriza, gusenga no gusangira ubuzima bw’impwemu. Bibiliya iradusaba kwubaha inzu y’Imana. Mu gitabo c’Umusiguzi 5:1 handitswe hati:
“Urinde ikirenge cawe iyo uja mu ngoro y’Imana, kuko kwegera ngo wumve biruta gutanga ibimaze kw’ibipfu.”
Umukristo arahamagarirwa kwisuzuma no kugenzura ico cose gishobora gukomeza canke guhungabanya ukwizera kwiwe. Intumwa Pawulo na yo yanditse mu cete ca mbere c’ Abikorinto 6:12 ati:
“Vyose ndavyemererwa, ariko si vyose bingirira ikimazi; vyose ndavyemererwa, ariko sinzoganzwa n’ikintu na kimwe.”
Ubuhinga bwa none ntibukwiye kutuganza, ahubwo ni twebwe dukwiye kubukoresha kugira budufashe gukura mu kwizera. Ni co gituma umuntu yokwiha indero mu gukoresha Iterefone igihe ari mu rusengero, harimwo:
- Gushira Iterefone muri rugigimiza “silencieux” canke kuyizimya imbere yo kwinjira mu rusengero igihe bikunda ;
- Kwirinda kwishura ubutumwa canke kwakira abahamagara igihe ikoraniro ririko riraba;
- Gukoresha Iterefone gusa igihe usoma Bibiliya canke wandika ivyo wiga;
- Gusohoka hanze y’urusengero igihe bibaye ngombwa kwakira ubutumwa bwihutirwa.
Inyifato umukristo afata mu rusengero iratanga intahe ku bandi. Igihe umuntu yumviriza ashize umutima ku vyo ariko arumva, aba yerekanye ko yubaha Imana, yubaha ikoraniro kandi yubaha n’abo basangiye ukwizera.
Ivyiyumviro vy’abandi bakristo
Mu bushakashatsi bwa Lifeway Research, bamwe mu bakristo bavuze ko bahisemwo gusubira gukoresha Bibiliya y’impapuro kubera ingorane zizanwa n’amaterefone.
Umwe muri bo, Smith, yavuze ati: “Nasanze rimwe na rimwe ndungika ubutumwa kuri Terefone mu gihe ijambo ry’Imana ririko ririgishwa.”
Courtney Cook, umunywanyi w’ishengero rya Burnt Hickory Baptist Church muri Géorgie, yavuze ko n’iyo ariko akoresha Terefone mu gusoma Bibiliya, udukengeri tuguma tumenyesha ubutumwa bushasha tumusamaza.
Yagize ati:
“Utwo dukengeri n’ubutumwa buguma buza burashobora kugusamaza wewe nyene, mbere bugasamaza n’abari iruhande yawe.”

Kelsey Bridges wo mw’ishengero The Summit muri Caroline ya Ruguru na we yavuze ko n’aho akunda kugira Bibiliya muri Terefone yiwe, inkurikizi mbi zo kuyikoresha mu rusengero rimwe na rimwe zisumba akamaro kayo.
Bamwe mu bakristo cane cane urwaruka mu mashengero y’i Bujumbura nabajije, barashikirije ivyiyumviro vyabo igihe nandika ino nkuru ku bibashikira igihe bariko barakoresha Iterefone mu rusengero.
Ange Arielle Gateka avuga ko adakunda gukoresha Iterefone mu rusengero kuko imusamaza kandi ikamubuza kwinjira neza mu mutima w’ikoraniro.
“Jewe gukoresha Iterefone mu rusengero binshikira gake cane. Iyo ndiko ndayikoresha, numva impagarika kwinjira neza mu mutima w’ikoraniro, kandi ivyo birambabaza. Ni co gituma imbere yo kwinjira mu rusengero nca ndayishira muri silencieux canke muri vibreur, nkama nisuzuma ko nayihinduye.”
“Ku bwanje kandi, nkunda gukoresha Bibiliya y’impapuro kuruta iyo muri Terefone. Bibiliya y’impapuro iranyorohera kuko nshobora kuyicako akarongo, gushiramwo utumenyetso no gusubira aho naringeze gusoma bitagoranye. Iyo iri muri Terefone, numva umenga ntinyorohera kuyikoresha, kandi udukengeri, ubutumwa canke ibindi bimenyeshamakuru biza bishobora kunsamaza. Vyongeye, kumara umwanya munini ndaba kuri ecran birananiza amaso.”
Igor Niyondiko avuga ko naho ashira Iterefone yiwe mu buryo bwo kutamusamaza igihe ari mw’ishengero, hari igihe kuyikoresha bishobora kumutwara akanya k’ikoraniro.
Yagize ati:
“Kenshi iyo nje mw’ishengero téléphone ndayishira muri Silencieux nakuyemwo connexion ariko hari igihe bishika nkayikura mu mufuko ari nk’ijambo ry’Imana ngira nsome canke indirimbo ngira ndabe, ariko hari igihe bishika nkisanga hari nka message mbonye nkumva sinoyirengagiza ngaca ntakara gato nkabanza kuyishura mpejeje nkabona kugaruka mw’ikoraniro.”
“Kubwanje vyari vyiza ko iyo Umuntu yitwararika gukoresha Bibiliya nk’igitabo gusumba Telephone, kubera kenshi Telephone uyuguruye ntuyisangamwo Bibiliya gusa uyisangamwo n’ibindi vyinshi bishobora kugusamaza, canke bikwibutsa ibijanye n’iyindi myitwarariko canke ibibazo mbere ugaca ushaka kubitorera inyishu mu mwanya wo kubana n’abandi mw’ikoraniro.”
Bernice Akimana na we yemera ko gukoresha Iterefone mu rusengero bishobora kuba bifise akamaro mu gukurikirana indirimbo canke gusoma Bibiliya, ariko akavuga ko hari aho bishobora guhinduka intambamyi.
“Ku bwanje, gukoresha Iterefone mu gukurikirana indirimbo ntibingora. Mu mwanya wo guhimbaza Imana, umuntu aba ashize umutima ku ndirimbo ku buryo bitoroshe gusamara. N’uwoba afise igitabo c’indirimbo c’impapuro yoshobora gusamara, kuko ikibazo kiba atari igikoresho, ahubwo kiba ku muntu agikoresha.”
“Ariko iyo bigeze ku gusoma Bibiliya iri muri Terefone, ni ho mbona hashobora kuba ikibazo. Urasoma umurongo, hanyuma mu gihe umwigisha ariko arawusigura, ugasanga Iterefone iracari mu minwe yawe. Ako kanya, udukengeri, ubutumwa canke ivyibutsa bitandukanye birashobora kuza, ugaca wibuka uwo utishuye canke ikindi washaka gukora. Hari n’igihe usanga winjiye kuri WhatsApp canke mu bindi bikoresho vya Terefone, mu gihe abandi baguma bakurikirana ijambo ry’Imana, kandi ababibona bakibaza ko uguma usoma Bibiliya.”
Juvenal Niyibizi, we abona ko ikibazo nyamukuru atari Iterefone ubwayo, ahubwo ari indero n’ubushobozi bw’umuntu bwo kuguma ashize umutima ku kimuzanye mu rusengero.
Yagize ati:
“Icambere gikomeye nuko umwanya w’Indirimbo canke w’ijambo ry’Imana mbaniteze ikintu numva gikomeye kinsumbira ibindi bintu vyose kandi vyose. Uti none bigenda gute? Ndi muri Eglise nshira muri silencieux, hanyuma appel ije ndaziko appel uyishura igihe cose ubonako uri mu gihe ushobora kuyishura ntihagire igipfa.”
Uravye neza, Iterefone irashobora kuba umugisha canke ikaba intambamyi ku mukristo. Si igikoresho gikwiye gucirwa urubanza, ahubwo ni uburyo tugikoresha bukwiye gusuzumwa.
Naho ubuhinga bwa none bwamaze gufatana n’ubuzima bwacu bwa misi yose, agacerere, ukwumviriza no kwiha indero biracari ngirakamaro kugira umuntu akure mu kwizera.
Ikibazo nyamukuru rero si ukwanka Iterefone, ahubwo ni ukwiga kuyikoresha neza, kugira ngo tugume ari twebwe tuyiganza, aho kuba yo ituganza.


