Pentekote: Mbega Umusi wa Pentekote Usigura Iki ku Mukristo w’Uno Musi?

Kuri uyu musi igenekerezo rya 24 Rusama 2026, abakristo benshi kw’isi yose barahimbaza umusi mukuru wa “Pentekote”, umusi wo kwibuka ukuza kwa Mpwemu Yera ku bigishwa ba Yesu Kristo nk’uko vyanditswe muri Bibiliya, mu gitabu c’Ivyakozwe n’Intumwa, igice ca 2. Ariko no muri iki gihe, hari abakristo benshi bakibaza ico uwo musi usigura vy’ukuri n’akamaro kawo mu buzima bwa misi yose.

“Pentekote” isigura iki? Mpwemu Yera akora iki mu buzima bw’umwizera? Hari itandukaniro irihe hagati yo kwakira Mpwemu Yera no kwuzura Mpwemu Yera? None umukristo yoshobora guhomba iki adatahura neza insiguro y’uyu musi mukuru?

Ivyo bibazo vyose ntivyoshobora kwishurwa muri ino nyandiko imwe, tuzogenda turavyishura mu zindi nyandiko dufatiye ku vyiyumviro bitandukanye vy’abungere n’abigisha bijambo ry’Imana. Uno musi reka tugaruke ku nsiguro ya Pentekote n’ico umukristo yohomba igihe adatahuye neza ico uwo musi mukuru usigura.

Pentekoti n’abigishwa ba Yesu Kristo

Nk’uko Bibiliya ibivuga mu gitabu c’Ivyakozwe n’Intumwa igice ca 1 n’ica 2, imbere y’uko Yesu Kristo aduga mw’ijuru, yari yabanje kwiyereka abigishwa biwe ari muzima mu kiringo c’imisi mirongo ine (40), ababwira ivy’ubwami bw’Imana no kubihanikiriza kuguma i Yerusalemu barindiriye isezerano ry’Imana Data mu butatu ryo kwakira ubushobozi  bwa Mpwemu Yera.

Umusi wa Pentekote ushitse, abigishwa bari bakoraniye hamwe basenga n’umutima umwe, maze Mpwemu Yera amanuka kuri bo mu buryo bw’igitangaza, huzura igihinda nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, hanyuma batangura kuvuga izindi ndimi. Ivyo vyatumye abantu bavuye mu mahanga atandukanye batangara bumvise bavuga indimi zabo.

 Naho bamwe babanse bavuga ko baborewe igisama, intumwa Petero yasiguye ko vyari ishitswa ry’ubuhanuzi bwa Yoweli buboneka muri Bibiliya (Igitabo ca Yoweli 2:28) ku gusukwa kwa Mpwemu Yera. Uwo musi nyene, abantu bashika ibihumbi bitatu (3.000) bihanye bakira ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo biyongera kubari bahasanzwe.

Pentecôte: Ishitswa ry’Isezerano ry’Imana

Nk’uko Pasitori Charles Niyungeko wo mw’ishengero « Eglise Open Door » mu Burundi abivuga mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru umwunge News, Pentekote ni iranguka ry’isezerano Imana yari yaratanze kuva kera ryo gusuka Mpwemu wayo ku bantu bayo.

Yagize ati:

“Pentekote ni umusi mukuru werekana ishitswa ry’isezerano ry’Imana Data ryo gutanga Mpwemu Yera ku bwoko bwayo.”

Yisunze ijambo ry’Imana ryo mu gitabu ca Yoweli 2:28, aho Imana yavuze iti: “Nzobasukako Mpwemu wanje…”, yasiguye ko iryo sezerano ryashitse igihe Mpwemu Yera yamanuka ku bigishwa ba Yesu nk’uko tubisoma mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa,igice ca 2.

Ku bwa Niyungeko, “Pentekote” kandi ni umusi Ishengero rya Kristo ryavukiyeko ku mugaragaro. Niho hatanguriye igihe gishasha aho Imana iba hagati y’abizera biciye muri Mpwemu Yera aho kuba mu ngoro canke mu rusengero gusa nk’uko vyari mu gihe c’Isezerano rya Kera. Kandi cabaye igihe kidasanzwe aho bari bamenyereye kubona Yesu Kristo ari hagati muri bo, Mpwemu Yera yabaye muri bo.

Umukristo Yohomba Iki Adatahura “Pentekote”?

Nk’uko vyashikirijwe na Charles, umukristo adatahura neza Pentekote ashobora guhomba ibintu vyinshi bikomeye mu rugendo rwiwe rwo kwizera.

Muri vyo harimwo:

  • Kubaho mu nkomezi ziwe aho kubaho mu bushobozi bwa Mpwemu Yera
  • Gutahura nabi Ishengero n’umugambi waryo
  • Kudatahura isezerano rishasha Imana yashize mu mitima y’abizera
  • Gufata Mpwemu Yera nk’ikintu gito mu mugambi w’agakiza

Yibukije ko Mpwemu Yera atari ikintu c’inyongera mu buzima rukristo, ahubwo ari ntasubirizwa mu gukura no kugendera mu buzima bushasha bwa Kristo.

Uwo mu Pasitori yahamagariye abakristo guhimbaza Pentekote atari nk’umugenzo gusa, ahubwo nk’umwanya wo kwegera Imana no kugendana na Mpwemu Yera.

“Umusi mukuru wa Pentekote ni umwanya wo gushima Imana yaduhaye Mpwemu Yera, kwiga no kwamamaza Ijambo ry’Imana, kwihana no kugendera mu kwezwa, kubana mu bumwe bw’Ishengero no gushinga intahe ya Yesu Kristo.”

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *