Thursday, November 12, 2026
Ni Irihe Banga Ryotuma Umukristo Agumana Umunezero Mu Bihe Bigoye?

Mu gihe abakristo benshi bahura n’ingorane z’ubuzima zirimwo ubukene, ukubura akazi, indwara hamwe no kugira umwitwarariko wa kazoza, ikibazo c’ingene abakristo bokwifata muri ivyo bihe ni kimwe mu bibazo bikizazaniye benshi.
Mu nyigisho yatanze kw’ishengero rya Shammah Temple-Paroisse Mukaza mu gisagara ca Bujumbura kuwa 3 Rusama 2026, Pasitori Audace Niyonkuru yahimirije abakristo kudashingira umunezero ku bintu vy’isi bihindagurika ahubwo ko bokwisunga Kristo, Umucunguzi wabo.
Niyonkuru yibukije abakristo ko amafaranga, icubahiro canke ubushobozi bishobora guhera, ariko imigenderanire hagati y’umuntu na Kristo yoyo idahinduka.

Afatiye ku majambo y’intumwa Pawulo yandikiye Abifilipi 1:21 “Kuko kubganje kubaho ari Kristo, kandi gupfa ari inyungu”, pasitori Niyonkuru asigura yuko “umunezero nyakuri udashingiye ku bihe vyiza canke bibi turimwo, ahubwo ko ushingiye ku bucuti abantu bafitaniye na Kristo Yesu”.

Yongeye avuga ko intumwa Pawulo ari akarorero keza afatiye ku kungene yateye intege ishengero ry’Abifilipi, akemanga Kristo, mbere akabahamagarira kugira umunezero mu gihe nawe yari mu bihe bitoroshe mw’ibohero.
“Umuntu afise intumbero y’ubwami bw’Imana ashobora kugira umunezero naho yoba ari mu mibabaro”.
Uko niko abisigura avugako umuntu kubaho ku bwiwe gusa “birananiza,” ahubwo ko ubuzima bukwiye kugira intumbero y’ibihe bidashira.
Ibihe bigoye birashobora guhinduka intahe
Niyonkuru yabwiye ikoraniro ko ivyo umuntu acamwo mu buzima bishobora guhinduka intahe.
Afatiye ku karorero ka Paulo, umusuku w’Imana nzima, aho yari asugerejwe ari mw’ibohero ariko atigeze adendebukirwa ahubwo arushirizaho gukomera muri Kristo. Nkuko abishimangira, ikimenyamenya nuko ifungwa ryiwe ryatumye benshi bihana bahindukirira Kristo.
“Iminyororo ya Pawulo yahindutse urubuga rwo kuvuga ubutumwa, abamucungera barashikirwa n’Ubutumwa Bwiza n’abizera barakomera batangura kwigisha ijambo ry’Imana.”
“…..bituma ingoyi zanje zo kubga Kristo zimenyekana mu basoda bahora bashibama kwa Kayisari bose, no mu bandi bose. Kand’ abenshi bo muri bene Data bari mu Mwami wacu, baremeshejwe n’ingoyi zanje, barushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry’Imana bashize amanga”. Ab’i Filipi 1:13-14
Ongera usome:
Mbega vy’Ukuri Uwizera Arashobora kuba Musi y’Imivumo y’Akaronda ?
Akandi karorero yashimikiyeko ni inkuru ijanye na Yosefu, dusoma mu gitabo ceranda Bibiliya, cane cane mu gitabu c’Itanguriro kuva ku gice ca 37 gushika 50, aho yagurishijwe n’abavukanyi biwe ariko Imana ikamuhindura umuyobozi mukuru mu gihugu ca Misiri canke Egiputa, imufiseko intumbero yo guhindura ingeso za bene wabo.
“Ivyo uriko uracamwo bishobora guhinduka intahe y’ejo.”
Mu gusozera inyigisho yiwe, Pasitori Niyonkuru yahamagariye abakristo kwihana no kugaruka ku Mana, bakareka gushira ivyizigiro vyabo “mu mafaranga, mu bantu no mu nyishu z’abantu” ahubwo bagahindukirira Kristo ari we sôko ry’umunezero nyakuri.


