Mbega Umurongozi w’ikimazi arangwa n’iki?

 Mu ruganda rw’indongozi rwabereye ku cicaro  gikuru c’Ishengero Eglise du Rocher S.S.I, ishirahamwe International Christian Ministries biciye muri Global Leadership Summit (GLS) ryari ryatunganije  inyigisho zari zigenewe gutegura abarongozi b’ejo.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Sylvestre Ntibantunganya, yari umwe mu bigisha bo muri urwo ruganda, akaba yatanze  icirwa  citwa “Kwitegurira kuba Umurongozi w’ikimazi.”

Mu majambo yashikirije, Perezida Ntibantunganya yerekanye ko kuba umurongozi w’ikimazi bisaba kugira umutima w’ubusuku. Yavuze ko mu gihe abantu benshi bakeneye uwubayobora, umurongozi w’ukuri ategerezwa kubanza kwiyemeza kubakorera, aho kwishira hejuru yabo.

Yarongeye amenyesha ko umurongozi, mu bihe vy’ubukene, inzara canke ibihe vy’ingorane akwiye kuba umuntu afise umutima ukomeye, adatinya ibiriko biraba, kandi aharanira kurondera inyishu y’ibibazo bihari.

Uwo yahoze arongoye igihugu c’Uburundi, yarongeye kandi yibutsa  ko umurongozi w’ukuri ategerezwa gukora ibikorwa bikomeye kandi birama, ku buryo n’igihe atakiriho abantu bobandanya kumwibukira kuri ivyo bikorwa vyiwe vyiza yakoze. Ikindi naco, yaravuze ko  umurongozi akwiye kumenya neza ivyo akeneye, yaba ibikoresho canke ubuhinga, kugira ngo ashobore gushira mu ngiro  ivyo yasezeraniye abo arongoye.

Ico cirwa ca Perezida Sylvestre Ntibantunganya co kurondera kuba umurongozi w’ikimazi, kirahuye neza na neza n’ivyo Bibiliya ivuga kuri  Nehemiya. Bibiliya iratwereka neza y’uko Nehemiya yari umurongozi yahagurukiye gukorera igihugu ciwe mu gihe cari mu makuba aho  Yerusalemu yari yasambutse, inzitiro zasenyutse, abansi babateye, abantu bagowe bamerewe nabi. Mu mwanya wo gutinya canke kwiheba, Nehemiya yafashe iyambere nk’umusuku w’igihugu, arasenga, arategura imigambi, ararongora abantu kugeza bubatse inzitiro za Yerusalemu mu misi 52 gusa.

Nehemiya yahuye n’abamurwanya bakamutera ubwoba, ariko ntiyacitse intege. Akarorero kiwe karerekana ko umurongozi w’ikimazi ari uwushira imbere ubuzima bw’abandi kuruta ubuzima bwiwe, kandi azi gukoraniriza hamwe ivyo akeneye vyose kugira ngo arangure imigambi yategekanije gukora..

Inyigisho za Sylvestre Ntibantunganya zatanzwe muri Global Leadership Summit, zerekanye ko kugira abarongozi b’ikimazi ari ingira kimazi mu Burundi no mu karere. Mu kurabira akarorero kuri Nehemiya, abashaka kurongora mu gihugu, mu mashengero no mu kibano barashishikarizwa kugira umutima w’ubusuku, kwihangana mu bihe bigoye no gukora  ibikorwa bizobandanya kuvugwa no mu bindi bihe.

Mwomenya ko izo nyigisho zabaye mu kwezi kwa Munyonyo ku magenekerezo ya 27 na 28.

 

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *