Patiri Kana aratabarutse ariko inyigisho ziwe zizoguma mu mitima ya benshi 

Patiri Kana aratabarutse ariko inyigisho ziwe zizoguma mu mitima ya benshi

Mu gatondo ko Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 30 Nzero 2026, niho hamenyekana amakuru y’uko  Patiri Abbé  Amando Kana yari arongoye ikigo “Foyer de Charité” kiri mu gisagara ca Bujumvura yitavye Imana  bivuye ku ndwara.

Patiri  Kana yari asanzwe  azwi cane  mu  gutanga inyigisho zifasha urwaruka n’imiryango, yari afise impano idasanzwe yo guhuza Ijambo ry’Imana n’ubuzima bwa misi yose bigatuma ivyanditswe vyeranda vyoroha gutahurwa.Mu nyigisho ziwe, yabwira abantu gukunda bagenzi babo, kubabarira, no kuguma mu rukundo. Yigisha ko Umukristo w’ukuri ategerezwa kugaragaza ukwizera kwiwe mu bikorwa vyiza.

Ikindi gikorwa benshi bari bazi kuri Patiri Kana n’uko yahora akunda gutanga inyigisho  buri mwaka ku munsi wahariwe abakundana (Saint Valentin), aho  yatanga inyigisho zubaka urwaruka ndetse zigakomeza n’abubakanye.

Ukugenda kwiwe gusize ikinogo kinini ku bakunzi b’inyigisho ziwe kuko zari kirumara mu buzima bw’abantu. Ariko n’ubwo atakiriho, ubutumwa bwiwe buracariho. Ivyo yigishije bizoguma bitanga umuco mu buzima bw’abantu benshi.

Mwomenya ko, Patiri Abbé Amando Kana yari imvukira yo  ku mutumba wa Bukwavu muri paroisse yitiriwe Umweranda Edouard i Bukeye, mu  ntara ya kera Muramvya akaba yari yavutse mu mwaka wa 1960. Yatiwe mw’ibanga ry’ubusaserdoti mu mwaka wa 1993, inyuma yo kuba umwigisha-murezi mw’iseminari nkuru ya Burasira iri muri komine Tangara zone Ruhororo gushika mu mwaka wa 2001, yahavuye arungikwa kuba umuyobozi w’ikigo Foyer de Charité  kiri mu gisagara ca Bujumbura kuva muri uwo mwaka nyene akaba arinze ashengera ariwe akirongoye ico kigo.

Patiri Kana yitabiye Imana mu bitaro CMCK, inyuma y’imisi mike avuye mu bufaransa kwivuza nk’uko amakuru dukesha ikimenyashamakuru Jimbere Magazine abivuga.

 

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *