Kubera iki bamwe baguma bashikamye mu bigeragezo abandi bagata ukwizera?

Mu gitondo co ku w’Imana igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2026, mw’ishengero Shammah Temple Fellowship – Paroisse Rohero, hari agacerere kadasanzwe kari mu rusengero. Abari bitavye ikoraniro bari bicaye bateze amatwi, bamwe bafise Bibiliya zabo zizinguruye, abandi bandika amajambo ariko aravugwa. Nta nduru, ata kwihuta , bose barindiriye ijambo ryatera akamo abakristo gusubira ku nkingi z’ubuzima bw’impwemu.
Ni ho Umwungere Oswald Nshimirimana yahaguruka, atangura insiguro y’ijambo ry’Imana, araheza avuga ijambo ryatumye benshi biyumvira:

“Turi mu gihe abakristo bakunda ibikorane kurusha gukura mu buryo bw’impwemu; bakunda ubuvugishwa kurusha kunywana n’Imana;bakunda ibiteramo n’indirimbo kurusha gushira umutima ku majambo aririmbwa.”

Aya majambo ntiyari ugukebura gusa,yari nk’icirore c’ubuzima bw’ishengero ryo muri iki gihe. Mu nsiguro yiwe, uwo mwungere yaciye ashira ahabona ibibazo bibiri bikomeye abakristo benshi biyumvira mu mitima yabo ariko badashira ahabona:

  • Kubera iki abakristo bamwe baguma bashikamye mu bigeragezo, abandi bagaca bata ukwizera ningoga?
  • Kubera iki bamwe bagumana amahoro mu bukene, mu ndwara no mu ngorane z’imiryango, mu gihe abandi basubira inyuma mu kwizera?

Yaciye yishura mu majambo atomoye, agira ati:
“Ntitwobishira ku Mana gusa ngo yabiretse biraba. Hari uruhara rw’umuntu. Hari abakristo batimenyereza indero zo mu buryo bw’impwemu.”
Yatanze akarorero koroshe cane: Umurima utarimwa wama ivyatsi bibi. Ni ko n’umukristo adatunganya ubuzima bwiwe bw’impwemu, intege nke zirakura.

Aho niho yaciye yibutsa amajambo intumwa Paul yabwiye Timoteyo, aho yagize ati: “Wimenyereze kwubaha Imana.” 1Timoteyo 4:7.

Indero zo mu buryo bw’Impwemu ni izihe?

Mu gusigura, Pasteur Oswald yagereranije umukristo n’umunonotsi. Nk’uko umunonotsi avyuka kare, akirinda imfungurwa zimwe kugira aronke intsinzi, ni ko n’umukristo akenera imyimenyerezo imufasha gukura mu mpwemu.
Yashize izo ndero mu mice itatu nyamukuru:

  1. Indero hagati y’umukristo n’Imana

Izi ni zo rufatiro rw’ubuzima bw’impwemu:

  • Gusenga ubudasiba (1 Ab’i Tesalonike 5:17)
  • Gusoma ijambo ry’Imana (Zaburi 1)
  • Kurimbura ijambo ry’Imana (Yosuwa 1:8)
  • Kwisonzesha (Matayo 6)

Yaburiye abakristo agira ati: ukwizera kudafise izi ndero kuguma gufise intege nke.

  1. Indero zo mu mutima

Si ibikorwa bigaragara gusa, ahubwo ni ihinduka ryo mu mutima:

  • Kwihana
  • Agacerere imbere y’Imana
  • Kwumvira
  • Guca bugufi

Yaciye yibutsa ijambo ryo muri Zaburi 46:10: “Nimwisigireho, mumenye ko ndi Imana.”
Imana ishaka umutima wizeye ko ari yo irongoye ubuzima bwose.

  1. Indero zubaka imigenderanire n’abandi

Ubukristo ntibwubakiye kubuzima bwa nyamwigendako. Harimwo:

  • Ubumwe bw’abizera
  • Gufashanya
  • Gutanga
  • Kuvuga ubutumwa

Nk’uko vyanditswe muri Bibiliya, mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa 2:42, abakristo ba mbere barashishikara……..si ibintu bakora rimwe na rimwe, ahubwo vyari ubuzima bwabo bwa misi yose.

Kubera iki ugukura mu mpwemu ari urugendo?

Mu majambo yuzuye ubwitonzi, uwo mwungere yabajije ikibazo coroshe:
“Mbega umwana yokura adafunguye?”Inyishu yari imwe: Oya. Ni ko n’umukristo avutse ubwa kabiri, akeneye gufungurira impwemu yiwe.
Yaciye yibutsa 1 Petero 2:2:

“Mwifuze amata y’ivyo impwemu atavanze n’amazi kugira ngo abakuze.”

Ukuvuka ubwa kabiri ni igitangaza; ariko ugukura ni urugendo rwa buri musi.
Yashinze intahe avuga ati :Jewe igihe nakizwa ntavyo nari nateguye. Mugabo naramenye ko navutse ubwakabiri kuko uwo musi naremejwe na Mpwemu yera ko ndi umunyavyaha kandi ko nkeneye umucunguzi ari we Yesu Kristo. Arongera ati: mugabo hageze ibi vyogukura mu rugendo rwo kwizera, kwezwa naho navyo ndabihabwa n’ubuntu bw’Imana nyene hariho uruhara Imana insaba mu gukura narwo ni ukwumvira inzira Imana inyereka gucamwo ngo nkure.
Yerekanye ko Yesu, n’aho yakiza abarwaye akigisha amasinzi ku murango, yaguma arondera umwanya wo gusenga:

“Aravyuka kare, aja ahantu hiherereye gusenga.” (Mariko 1:35)

Ivyo ntiyabikora ngo atangaze Imana, ahubwo kwari ukuguma mu migenderanire na Yo.

Ico indero zo mu mpwemu zitari

Hari aho abantu bazihindura amategeko akomeye canke inzira yo kwemeza Imana. Uwo mwungere yarabihanije. Yasiguye neza ati:

  • Indero zo mu mpwemu ntizitanga agakiza.
  • Dukizwa kubwo ubuntu bw’Imana (Abanyefeso 2:8).

Yibukije n’ijambo rya Martin Luther, umwe mu batanguje inagurwa (reforme) ry’ishengero:

“Dukizwa kubwo ubuntu gusa.”

Ntidusenga kugira dukizwe,dusenga kuko twakijijwe. Imana ntishaka idini ridafise ubuzima; ishaka imigenderanire ifise ubugingo.

Akamo ku mukristo w’iki gihe

Mu gusozera, Pasteur Oswald yashimangiye ko ishengero rikomeye ritangurira ku bakristo bakomeye mu buzima bwabo bwa misi yose. Yahamagariye abakristo:

  • Gutegura ikirangamwanya kirimwo igihe co gusenga
  • Kugira ubumwe n’abandi bizera
  • Gufasha abandi
  • Kurondera uwo basangira urugendo rw’impwemu ashobora kukubaza uko uriko urabishobora,…

Soma n’ibi:

https://umwungerenews.com/2026/01/abanyororo-bababye-gusumba-abandi-barenga-300-baraye-bahawe-imfashanyo-abanyororo-barenga-300-baraye-hahawe-imfashanyo/

Yaciye yibutsa amajambo ya Yesu muri Yohana 15:5: “Kuko ata co mushora gukora mutamfise.”
Ibanga si irindi: Kwubakira ubuzima ku migenderanire n’Imana nka kurya ishami riguma ku muzabibu kugirango rishobore kwama.

Mu majambo yanyuma, yasize ikibazo kuri umwe wese:

Ni izihe ndero zo mu mpwemu uriko urashobora? Ni izihe ziriko zirakunanira?

Kuko Imana ntirondera abakristo bo ku wa Mungu gusa, irondera abigishwa babaho ubuzima bwose hamwe na Yo, kuva ku wa mbere gushika ku wa Mungu.
Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *