Thursday, November 12, 2026
Koko Abanyafrika bariko umuvumo wa Nowa? (Igice ca mbere)

Kuri uyu musi wa gatatu igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2026, ni umusi uhambaye mu bijanye n’ubuzima bw’impwemu mu bemera batandukanye. Abakatolika bariko bahimbaza umusi w’iminyota (Mercredi des cendres) batangura Ikarema (Careme) mugihe abasengera mw’idini rya isilamu bo batanguye amasengesho yo kwisonzesha bita Ramadani.
Nanje nk’umwanditsi akunda gusoma ibica ku mbuga hwaniro, nagiye kuri Facebook rumwe mu mbuga nkoresha cane mu gutangaza amakuru y’ivyo mba natohoje. Ngize kuno nca ngwa ku nkuru (publication)! Ni isanamu (video) y’inyamiramabi (aba polisi) bari mw’i mu kiyago batekanye, bariko batera inkuru ku bijanye n’ingene abanyafrika badatera imbere kandi bafise vyose nk’ubutunzi, mu gihe ivyo abo mu gice c’uburengero bw’isi (Occident) bakenera babikura ino iwacu.
Iyo Nyamiramabi iremeza ko abirabure bariko umuvumo wa Nowa, umwe yavuma umuhungu wiwe kubera yeretse bene wabo ubwambure bwa Se mugihe Nowa yari yaborewe.
Iyo Nyamiramabi, ikoresheje urwenya rwinshi, iremeza ko bakuru ba Hamu ko baciye bamufuka bagendesheje umugongo, ko bo bari abazungu, ari nayo mpamvu bo batera imbere bagashika kure kandi bakoresha ibiva iwacu muri Afrika.
Icagiye kuntangaza gose, ni uko hageze igihe uwo mu polisi yemeza bagenzi biwe ko n’ijuru abirabure batoryizera ko bazorishikamwo kubera uwo muvumo ubariko. (Raba iyo videwo mu gufyonda aha )
Nk’umwanditsi, nibutse igitabo c’umwanditsi akomoka mu gihugu ca Ghana yitwa Dag Heward-Mills citwa “Twosambura imivumo gute?” kivuga ukuri ku bijanye n’imivumo, ukugaragara kwayo hamwe n’ingene imivumo yoshirwa kw’iherezo.
Dag aremeza ko gushika ubu umuvumo wa Nowa ukiriko urakora. None uwo muvumo ni bande bawuvumwe? Abawuriko bameze gute? Koko ni abanyafrika? None ni gute uwo muvumo wosamburwa burundu?
Imivumo iri mu bwoko bwinshi
Ku bwa Dag, hari ubwoko butari buke bw’imivumo dusanga muri Bibiliya, ariko yose sinoyivugako muri iki gisomwa. Imwe imwe tuzoza turayigarukako mu bisomwa vyo hanyuma.
Dag avuga ko hariho imivumo yo muri rusangi, imivumo ya Bibiliya hamwe n’imivumo itewe n’imigenzo.
Imivumo yo muri rusangi ngo ni imivumo yaje kw’isi kuva mu ntango kandi yamye ishika kw’isi yose mu buryo bukomeye kandi bwamaho. Akarorero ni umuvumo uri ku bagabo wo kuzorya aruko babanje kubira icuya (Itanguriro 3: 17-19), umuvumo ku bagore ko bazovyara barushe kandi bakamana inyota y’abagabo babo (Itanguriro 3:16), umuvumo Nowa washitse kuri Kanani n’abazomukomokako bose (Itanguriro 3:16), umuvumo kuri Isirayeli mugihe itokwitondera ivyagezwe vy’Imana (Gusubira mu vyagezwe 28: 15) hamwe n’umuvumo ku banka Isirayeli (Itanguriro 27:29).
SOMA N’IBI :
http://localhost/umwungerenews/2026/02/kubera-iki-bamwe-baguma-bashikamye-mu-bigeragezo-abandi-bagata-ukwizera/
Mu bindi bice bizokurikira tuzoyaga ku kuntu hariho imivumo iza ku bantu basenga ibigirwamana, abatubaha ba Se na ba Nyina, ku ngunge n’ababeshi, ku basuma, ku barahira ibinyoma, ku basuma bitwaje ibirwanisho, ku bantu badatanga ikigiracumi, ku bantu batumvira, ku baturubika abafise ubumuga, ku birengagiza abanyantege nke n’abatishoboye mu kibano, abizigira abantu, abigisha b’ibinyoma, ku baherezi b’ibinyoma, ku batumviriza abavugishwa n’Imana, umuvumo ku kibi, ku badafasha mu gikorwa c’Uhoraho, ku barongozi batuma abantu baba mu ngorane n’inzara, ku birengagiza amagorwa y’umworo, ku bayovya abandi (abanyepolitike), abasambanyi, abakora ku bintu biriko umuvumo, abakora imibonano mpuzabitsina n’abantu bo mu miryango yabo, abakora imibonano mpuzabitsina n’ibikoko, abaja mu bibanza bimwe bimwe hamwe n’abahonya isi,. (Zekariya 5:3-4).

None Koko umuvumo wa Nowa uriko urakora ku banyafrika?
Mu gitabo c’Itanguriro 9:18-25, haratwereka inkuru y’ivyashikiye abana ba Nowa igihe bari basohotse mu bwato uko ari batatu : Shemu, Hamu na Yafeti. Haheze igihe umwuzure ukamye, Bibiliya ivuga ko Nowa yatanguye kurima, atera imizabibu kugeza igihe ayikuramwo vino. Umusi umwe rero Nowa ngo yaranyoye izo nzabibu araborerwa kugeza igihe impuzu zimuvako. Hamu, se wa kanani, abona ubwambure bwa se, abibarira bene nyina bari hanze. Shemu na Yafeti baca bafata umwambaro, bawukika mu bitugu vyabo, baca bagenza imigongo, bapfuka ubwambure bwa Se.
Bibiliya ivuga ko kubera amaso yabo yaraba hirya, ko bo batabonye ubwambure bwa se wabo.
Mu nyuma rero Nowa vino imuvuyeko akamenya ivyabaye niho yaca avuma Kanani umuhungu wa Hamu yamwararaje amubonye ari gusa, ko azoba umuja w’abaja wa bene nyina.
SOMA N’IBI:
https://umwungerenews.com/2026/01/bibiliya-ivuga-iki-ku-gukora-ku-mukristo/
Umwanditsi avuga ko uko kuntu havumwe Kanani, kandi se wiwe ari we yakoze amakosa, ari ikimenyetso c’uko Nowa yari avumye uruvyaro rwose ruzokomoka kuri Hamu kubera yambitse isoni se wiwe Nowa.
None uruvyaro rwa Hamu ni bande?
Bibiliya ivuga ko abahungu ba Hamu bari Kushi, Misirayimu, Puti na Kanani (1 Ngoma 1:8). Kushi akaba yakomotsweko imiryango itandukanye y’abanyetiyopiya yasagaje mu bumanuko bwa Egiputa ikabandanya no muri Arabiya, Babuloni no mu Buhindi.
Misrayimu nawe akaba ari sekuruza w’imiryango ya Egiputa ibiri (Iyo hejuru n’iyo hasi), yitwa Igihugu ca Hamu, cavuye muri we.
Puti nawe akaba yari sekuruza w’abanyelibiya no mu yindi miryango yo muri Afrika y’ubumanuko. Kanani we akaba yari sekuruza w’amoko yegereye cane cane muri Palestine na Arabiya.
Afrika: Umugabane w’icerekerezo
Mu cigwa Dr Renita asanzwe yatanguje ishirahamwe Discipling Marketplace Leaders ( DML) kw’isi yateguye kiriko kirigishwa mu bihugu bitandukanye muri Afrika, arerekana ko Afrika ari umugabane w’icerekerezo kw’isi.
Mu bigabane 6 yateguyemwo ico cirwa gifasha abakristo gutahura ico ijambo ry’Imana rivuga kuvyerekeye gukora, mu kigabane ca mbere c’intangamarara yavuze ati:
“Inkuru yuko Afirika ari ihanga rikenye si ukwihenda….ariko inkuru ntirangiye!”
Yongera ati :
“Muri Afirika hari abantu bakenye ariko ntibiyigira ihanga rikenye.”
Ku bwa Dr Renita, Afrika yabayeho kugira ihindure inkomezi zidasanzwe mu kibano, ibidukikije, ubutunzi, ivugabutumwa mu bisagara vyo kw’isi yose. Ariko ngo ikibabaje n’ukuntu Afrika ari umugabane wa nyuma ukenye kandi udateye imbere kandi usanzwe ufise ubutunzi bwa triliyaridi imwe yama dolori ya Amerika.
Ikigo citwa United States Geological Survey (USGS) hamwe n’ibanki ya Afrika ijejwe iyerambere (African Development Bank) berekana ko gushika ubu Afrika ifise hafi ibice 30% vy’ubutare busigaye mw’isi. Ni ukuvuga ko ifise hejuru y’ibice 40% vy’ubutunzi bw’inzahabu, hejuru y’ibice 60% vy’amabuye ya cobalt, n’ibice 90% vy’amabuye ya platinum.
Gushika ubu, hakaba hariko haravumburwa Gaz, ipeteroli n’amasoko ntanganguvu mashasha, aho gushika ubu Afrika ari iwabo w’inzuzi nini kw’isi naho hariho ibihugu bikeya bidashika ku mabahari.
Ikindi ngo ku bijanye n’ubutare, Afrika ikaba ariwo mugabane utunze kurusha iyindi kw’isi.
Mu bijanye n’uburimyi, Dr Renita yishimikije ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo FAO (Food and Agriculture Organization) hamwe na World Economic Forum, avuga ko Zambiya, Zimbabwe,na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bifise ubushobozi mu burimyi bwo gushobora kugaburira umugabane wose.
Ku bijanye n’irwirirana ry’abantu, Dr Renita mu bushakashatsi bwakoze n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (United Nations) mu gisata caryo kijejwe ubutunzi n’imibano UN DESA (United Nations — Department of Economic and Social Affairs), avuga ko Afrika ari umugabane munini gusumba ubushinwa (Chine), Leta zunze ubumwe za Amerika (USA) n’uburayi (Europe). Igitigiri c’abantu muri Afrika kingana na 1,287,000,000. Ni kuvuga ko ifise ibice 22% vy’isi yose mugihe ibice 16% ari ivy’abantu.
Mu mwaka wa 2050, muri Afrika abantu bazoba bangana n’Imiliyaridi 2,5. Ivyo bisigura ko umwe ku bantu bane (1/4) kw’isi azoba ari umunyafrika. Mu mwaka wa 2100, bizokwiyongera kabiri. Umwe kuri batatu azoba ari umunyafirika (1/3) nk’uko biboneka muri iyo raporo ya UN DESA .
Ivyo navyo rero bikaba bica biba mu bituma mu mwaka wa 2050, ubutunzi Afrika ifise bwa triliyaridi imwe y’amadolari ya Amerika buzoduga kugera kuri triyaridi 20, abantu nabo birwize kabiri, ubutunzi nabwo bwirwize incuro 20 nk’uko bibandanya vyandikwa na Dr Renita yishimikije Raporo y’ikigo McKinsey & Company yiswe Lions on the Move hamwe n’ibiharuro bitangwa n’ikigo IMF (International Monetary Fund).
Ku bijanye n’ubuzima bw’impwemu, Dr Renita yishimikije ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo Center for the Study of Global Christianity (Gordon-Conwell Theological Seminary), avuga ko mu myaka ya 1900, Abakristo bari munsi y’imiliyoni zitanu ari bo bonyene bakorera ku mugabane wa Afrika. Mu 2000, ico giharuro kikaba caraduze cane gushika kirenge 450 000 000.
Kubw’ivyo rero, Dr Renita akabona ko Afrika ifise amahirwe yo kuba umurwa mukuru ukomeye mu butunzi no mu vyo impwemu ishoboye gushitsa igikorwa gikuru Yesu yasigaranye intumwa mu gihe ishengero ryotegura neza abigishwa bakaba umuco, umunyu, umwambiro ahantu hose bari.
Ikibazo c’Umupolisi : Umugabane ufise ivyo vyose woreka gutera imbere gute utariko umuvumo ?
Dufatiye ku miryango yakomotse ku ruvyaro rwa Hamu, biragaragara neza ko igice kinini c’uruvyaro rwiwe kiri muri Afrika. Kandi uravye gatoyi ubuzima bw’ibihugu vya Afrika n’Abanyafrika, aho bari hose kw’isi, biboneka ko baba bakenye kurusha abandi bose kw’isi. Nk’ako kuko Afrika gushitsa ubu niwo mugabane uri inyuma y’iyindi mw’iterambere, mu ndero, mu butunzi, mu burongozi, muri politike, mu ntwaro, no mu magara.
Ariko ku bwa Dag, ngo naho biri uko, abazungu ntibari bakwiye gufata uwo muvumo wa Nowa nk’urufatiro rwo kugaya, guhohotera, kugira abaja n’uguhenda abirabure. Abaza impamvu abazungu batakoresheje iyindi mivumo.
Agira ati :
“Kubera iki batakoresheje umuvumo wa Eva canke wa Adamu kugira bababaze abagabo canke abagore kuri iyi si?”
Mu kindi gitabo yanditse citwa “Umujenerali mwiza”, Dag Heward Mills asobanura ko hariho n’ibindi bintu bitari bike birangwa n’abazungu nko : Gukunda amafaranga, kubaho bigunze bonyene, gukundana basangiye ibitsina, ukutizera, kunywa itabi, kunywa inzoga, kandi ngo n’igitigiri c’abiyahura ni kinini.
Kubwiwe, ngo n’ivyo biri mu bigaragaza umuvumo. Akabona ko Umukristo wese akwiye kurwanya ibintu vyose biza bifatira kw’ibara ry’urukoba.
Agira ati :
“Nimba uri umuzungu canke umwirabure, rwanya ivyo bintu. Vyigire kure. Niwifate nk’umukristo ureke kwifata nk’umuzungu canke nk’umwirabure. Ni intambara nziza yo kurwana.”
Ikindi, ngo abakristo bakwiye kumenya ko ata muvumo mutoya canke munini ubaho. Umuvumo ni umuvumo! Waba ugaragara ku muzungu canke k’uwufise ibara ryirabura. Uwufise imivumo yo muri rusangi, canke uwufise imivumo ya Bibiliya hamwe n’imivumo itewe n’imigenzo bose babayeho kumwe: Barugarijwe! Baraboshwe! Igihambaye, ni kumenya ko iyo mivumo ibaho, hamwe n’ingene yosangangurwa.
Mu nkuru y’igice ca Kabiri, tuzogaruka ku bintu vyerekana ingene “umuvumo wa Nowa” hamwe n’iyindi mivumo yose iriko irakora mu buzima bwa benshi n’ingene iyo mivumo yosangagurwa ikavanwaho burundu.
“Nta muvumo uzoba ukiriho. Intebe y’Imana na wa mwagazi izoba muri wa murwa, abashumba bazokwama bayisenga” – Ivyahishuriwe Yohana 22:3
Pascal Ndayikeza ni umwe mu bamenyeshamakuru bari mu murwi w’abanditsi b'ikinyamakuru Umwungere News. Ivyiyumviro vyashikirijwe muri iyi nkuru ni ivyiyumviro vyiwe bwite, kandi si ngombwa ngo bihure canke ngo bigaragaze ivyizerwa vya Umwungere News.


