Thursday, November 12, 2026
Ihimbazwa rya Pasika: Umusi wo Kurya, Kunywa no Kwinezereza?

Mu gihe abakristo benshi bo mu bihugu bitandukanye vy’isi, harimwo n’Uburundi, bahimbaza umusi mukuru wa Pasika mu kwibuka urupfu n’izuka ry’umukiza Yesu Kristo, kuri bamwe bawufata nk’umusi wo kwinezereza, kurya no kunywa. Ariko uko niko vyategerezwa kugenda? None urupfu n’izuka vy’umukiza Yesu Kristo vyibutsa iki abakristo?
Mu gushaka gutahura neza ico uwo musi mukuru usigura n’uko abakristo bowuhimbaza, Umwungere News yaraganiriye n’abungere mu mashengero atandukanye, abahinga mu vyigwa ndoramana hamwe n’intahe z’abakristo batandukanye.
Musenyeri Déogratias NSHIMIYIMANA, Umwepisikopi mw’ishengero Methodiste Libre mu Burundi, yavuze insiguro nyayo ya Pasika.

“Icemezo simusiga cuko Yesu ari Umwana w’Imana. Intsinzi ya Yesu ku caha no ku rupfu: Mu kuzuka, Yesu yatsinze icaha n’urupfu”abansi babiri bakomeye cane mu mugambi w’agakiza. Abamwizera dufise isoko y’ubushobozi bwo kunesha icaha n’urupfu»

Yishimikije amajambo aboneka mu gitabu c’Abaroma 4:25- yatangiwe ibicumuro vyacu, akazurwa kugira ngo dutsindanishirizwe- Musenyeri Nshimiyimana asigurako izuka rya Yesu Kristo rihesha abamwizera ugutsindanishirizwa. Avuga ko ivyo bisigura yuko ikimazi Yesu yatanze cemewe kandi ko izuka ryiwe rishoboza uwumwizera kwakira ubugingo bushasha, agahinduka mu mutima, mu nyifato no mu mibereho yiwe.”
Acher Niyonizigiye, umwungere akaba n’umuhinga mu bijanye n’uburongozi, avuga ko Pasika itanga ivyizigiro bikomeye ku mukristo.
Yifashishije umurongo uboneka 1 Korinto 15:12-14, asigura ko Pasika ari ikimenyetso cuko Yesu yatsinze urupfu kandi ko abapfuye bizeye mu Mwami nabo bazozuka.
Niyonizigiye yongerako ko urupfu n’izuka rya Kristo bigaragaza inkomezi z’Imana nkuko bigaragara muri Bibiliya mu gitabu Abaroma 8:11
“Ariko bisanzwe Mpwemu w’Iyazuye Yesu imukuye mu bapfuye aba muri mwebge”
Kudatahura Pasika: Uruhombo Ku Kwizera
Naho biri uko, hari abibagira insiguro nyayo ya Pasika. Leger BIGIRIMANA, umwigisha muri Kaminuza “Great Lakes School of Theology and Leadership”, avuga ko kudatahura insiguro ya Pasika ari uruhombo runini rwerekeza ku gutakaza urufatiro rw’umukristo.
“Kudatahura rero Pasika neza canke urupfu n’izuka vya Kristo n’uruhombo rudasanzwe kuko n’ugutakaza gutahura urufatiro rw’ukwizera rukristo… Mu vy’ukuri, kudatahura Pasika bituma n’umusaraba uca ucika inkuru y’umubabaro aho kuba inkuru y’umunezero”, uko niko BIGIRIMANA abishikiriza yishimikije amajambo aboneka mu gitabu 1 Ab’i Korinto 15:19.
Naho Pasitori Amédée BAGIRAKANDI, umwungere mw’ishengero Redeemer Baptist Church, yishimikije amajambo aboneka mu Abaroma 4:8, asigura ko kuba Yesu yatsinze urupfu bitanga ivyizigiro vy’amahoro kuri abo bose bamwizera.
“ Ivyo bituma umukristo abaho afise amahoro n’ivyizigiro, azi ko icaha cacu cahongewe ibihe vyose”.
Naho Hypolite NDAYIRUKIYE, umwigisha w’ijambo ry’Imana n’umurongozi w’indirimbo mpimbazamana mu Burundi asanzwe yegukira ishengero Shammah Temple Fellowship- Paroisse Rohero-avuga ko izuka ry’Umukiza ari indemesho k’umukristo mu bihe vy’umwiheburo akabisigura yisunze amajambo-
“Urupfu rumizwe n’Intsinzi… –Paulo yandikiye 1 Ab’i Korinto 15:54-55
“Mubihe bigoye iyo umukristo ataremeshwa n’uko Kristo yatsinze urupfu… ntahandi hariho ivyizigiro vyiwe… Iki nico giha uwizera ukurema” Ndayirukiye
Ihinduka Ry’ Ubuzima: Intahe y’ Umukristo
Gisèle IRAKIZA umuriririmvyi mw’ishengero rya Minevam aravuga ingene Pasika yazanye ihinduka rikomeye mu buzima bwiwe. Mu ntahe yiwe yemanga ko imbere yuko atahura insiguro ya Pasika, kuri we uwo musi, kaba akaryo keza ko kwinezereza, kurya, kunywa no gushaza gusa.
«Kaba ari akaryo ko gufungura neza no kwambara neza no kwigora uwo musi nkaja gusenga»
Irakiza abandanya asigura yuko inyuma yo gutahura neza insiguro nyezina ya Pasika, uguhimbaza uwo musi kwavuye muvy’umubiri bigera mu mutima. Avuga ko Pasika imwibutsa itsinzi ikomeye mu buzima bwiwe bwaho yatsindanishirijwe, ivyaha vyiwe bigaharigwa.
Ni Gute Pasika Yatanguye Guhimbazwa Muri Kahise?
Mu mateka ya Bibiliya, Pasika ifise inkomoko mw’ Isezerano rya Kera, aho Abisirayeli bayihimbaza bibuka uko Imana yabakuye mu buja bwo mu Misiri. Ico gihe, nk’uko vyanditswe mu gitabo co Kuvayo, Imana yategetse ko bohora bahimbaza uwo musi bibuka amaraso y’umwagazi w’intama yasizwe ku miryango yabo (Kuva 12:1-14).
Mw’Isezerano Rishasha, Pasika yararonse insiguro nshasha. Yesu Kristo ni we yabaye “Umwagazi w’Imana”, yitanze kugira akize abantu ivyaha vyabo (Yohana 1:29. Urupfu rwiwe ku musaraba n’izuka ryiwe ku musi ugira gatatu ni intango y’ukuri ya Pasika y’abakristo (1 Korinto 5:7; Matayo 26-28).
Muri make, Pasika si umunsi wavuye mu migenzo y’abantu, ahubwo ufise imizi yimbitse mu mugambi w’Imana wo gucungura abantu”uhereye ku gukurwa mu buja bwa Misiri gushika ku ntsinzi ya Yesu Kristo ku musaraba no ku rupfu.
Ongera usome:
Gutahura neza kahise ka Pasika bifasha umukristo kuyihimbaza afise ukwizera gukomeye n’ugutahura kwuzuye.
Ubutumwa nyamukuru buguma ari bumwe: Yesu yarapfuye kandi yarazutse kugira umuntu aronke ubugingo bushasha n’ivyizigiro bidashira.
Ku mukristo, Pasika ikwiye kuba isoko y’ubugingo bushasha, ukwizera gukomeye n’ubuzima buhindutse.


