Burundi 2026: Ibibazo 12 Bibangamira Ukwizera Rukristo

Mu ntango z’umwaka wa 2026, igihe amashengero n’abungere bariko baritegura gushiraho integuro z’inyigisho bazokwigisha  mu mezi ari imbere, hari ikibazo gikomeye gikwiye kwibazwa: ni izihe ngorane zibangamira intahe y’ishengero mu Burundi uno musi?

Ishengero ryo mu Burundi rirafise abantu biyita abakristo. Rirafise ibikorwa rikora, amakoraniro n’amasengero atari make. Ariko n’aho bimeze gutyo, intahe yaryo iracumbagira. Hariho ikibazo cigaragaza mu kwizera kw’abakristo cane cane iyo uriko urumviza uko batura ukwizera kwabo canke bariko barabaho mu buzima bwa misi yose.

Umwe mu banditsi b’ikinyamakuru Umwungere News, asanzwe ari umupasitori amaze igihe yigisha Ijambo ry’Imana no gutanguza amashengero haba i Bujumbura no hagati mu gihugu, yatanze uyu mwihwezo, agira ati:

“Igihe nihweza uko abakristo batura ukwizera kwabo, n’ingene babayeho mu buzima bwa buri musi, mbona hariho ikinyurane gikomeye. Ivyo bituma nibaza nimba koko dutahura ico ukwizera rukristo gusigura.”

Ahejeje uwo mwihwezo, yahishuye ibibazo 12 nyamukuru bigaragaza intege nke mu gutahura no kubaho ukwizera rukristo mu Burundi.

  1. Kwitiranya ubutumwa bwiza n’imigenzo

Abakristo benshi baravanganya ukwizera rukristo n’imigenzo y’amadini canke y’akaranga k’igihugu. Hari abaguma mu bwoba bw’imivumo, imizimu n’ibintazi, n’aho biyita abakristo.

Ivyo bituma ukwizera kwabo kuba ukw’inyuma gusa, kudahuza n’ubuzima babamwo. Usanga basenga ku wa Mungu, ariko ku wa mbere bakaja kurondera izindi “MANA”.

Matayo 6:24 – Ntimushobora gukorera Imana n’Itunga.

  1. Ubukristo bwo kw’izina gusa

Hari abakristo bavuga bati: “Ndi umukristo kuko navukiye mu muryango w’abakristo.” Ariko mu mutima bazi neza ko ata cahindutse mu buzima bwabo.

Bamwe barabatijwe, abandi ntibasiba mu rusengero, ariko nta kuvuka ubwa kabiri kwabaye. Ibikorwa vyabo birasa n’ivy’abatazi Imana, n’aho bayivuga ku munwa.

Yohana 3:3 – Iy’umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.

  1. Ugutahura nabi agakiza ku buntu

Hari abakristo bafata agakiza nk’impembo y’ibikorwa vyiza. Ivyo bituma baguma mu bwoba bwo kugatakaza, bibwira ko kagumaho ku nkomezi zabo.

Ico ciyumviro kibabuza umunezero w’agakiza kabonerwa muri Yesu Kristo wenyene, kikabavyarira no gucira abandi imanza.

Abanyefeso 2:8–9- Ubuntu ni bgo bgabakijije…….. ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira.

  1. Ubutumwa bwiza bwubakiye ku migisha n’ibitangaza gusa

Hari abakristo babona Imana nk’uwutanga imigisha gusa. Ukwizera kwabo gushingiye ku co Imana ibaha, atari ku co Imana iri.

Igihe ibigeragezo bishitse, benshi bumva bahemukiwe mu mpwemu, bamwe mbere bakareka ukwizera.

2 Timoteyo 4:3 – ……ariko kukw amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahuje n’ukwifuza kwabo,

  1. Kubura ubwigishwa bwuzuye

Mu mashengero menshi, hashirwa inguvu ku bikorwa n’amakoraniro, aho gutegura abantu kuba abigishwa ba Kristo.

Kubura inyigisho zikurikiranye kandi zishingiye kuri Bibiliya bituma havuka abakristo badakuze, bajanwa n’inyigisho z’ikinyoma.

Matayo 28:19–20- ………..mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.

  1. Gutandukanya ukwizera n’ubuzima bwa misi yose

Hari abakristo basiga ukwizera mu rusengero. Ntaco guhindura mu kazi bakora, mu gutunganya amahera canke mu muryango,…

Ivyo bituma usanga ibiturire, ububeshi n’akarenganyo no mu biyita abakristo.

Yakobo 1:22- Kandi mube abakora ivy’ iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha.

  1. Gucanamwo n’amatati mu mashengero

Amatati hagati y’amashengero n’intambara mu burongozi biracumbagiza intahe y’ishengero. Rimwe na rimwe, usanga n’amajambo y’urwanko hagati y’abakristo.

Ivyo bituma isi ititaho ubutumwa ishengero rifise, izina rya Kristo rigatukwa.

Yohana 17:21- …..kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.

 

  1. Ukwinumira kw’ishengero ku bibazo vy’ikibano

Iyo ishengero ryirengagije ibibazo vy’ikibano nk’ubukene, akarenganyo n’ibiturire, riba ritandukanye n’ukuri kw’ubutumwa bwiza.

Ishengero rihamagariwe kuba ijwi n’inyishu mu kibano.

Mika 6:8- Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi……….?

  1. Uburongozi butizigiwe

Uburongozi budakorera mu muco, butwaza umukazo kandi butarera abantu mu buryo bw’impwemu, buronona ishengero.

Ivyo bivyara ibikomere mu bakristo, bamwe bagacika intege mbere bagahava baheba ishengero.

1 Petero 5:2–3- ………Kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegererezo vy’ubusho.

  1. Kubura umuco wo kwisomera Bibiliya

Abakristo benshi ntibisomera Bibiliya bonyene, ahubwo batunzwe n’ivyo bumva mu rusengero gusa.

Ivyo bituma badashikama mu kwizera, bakajanwa n’inyigisho zose zibatumbereye.

Hoseya 4:6  Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge…..

  1. Ukwizera gushingiye ku bigumbagumba atari ku kuri

Hari abakristo barondera ibintu bidasanzwe ngo babone ko ari vyo vy’impwemu cane, bakitiranya ibikorwa vy’ibigumbagumba n’ibikorwa vya Mpwemu Yera.

Ivyo bituma haba ukudatekana mu mpwemu no guheba ukuri kwa Kristo.

Ab’i Kolosayi 2:8- Mwirinde, ntihakagire ubagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu ar’ ibihendo vy’ubusa,

  1. Gutahura nabi ijanabutumwa

Bamwe bavuga ko ijanabutumwa ari iry’abapasitori gusa. Abandi bakicara bakaba abarorerezi.

Ico ciyumviro gituma ishengero riguma mu mpome zine, ntirigere aho ryohamagariwe.

Ivyakozwe n’Intumwa 1:8-…… muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.

Inyishu ku barongozi b’amashengero

Ongera usome ibi:

http://localhost/umwungerenews/2026/01/bibiliya-ivuga-iki-ku-gukora-ku-mukristo/

Uwo mwanditsi wa Umwungere News asozera agira ati:

“Ishengero ryo mu Burundi ntiribuze ukwizera, ariko rirafise ingorane yo kutagutahura neza no kutagushira mu ngiro.”

Ni co gituma atera akamo abungere bose ko, mu ntango z’uyu mwaka wa 2026, mu gutegura inyigisho bazotanga, batokwirengagiza izi ngorane zibangamira intahe y’ishengero, kugira ngo ukwizera rukristo kube ukuri kubaho kandi gutanga icabona mu Burundi.

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *