Friday, November 13, 2026
Abarongozi b’amashengero bahamagarirwa kwubaha no kuzana ivyiyumviro bishasha

Abarongoye amashengero baterwa akamo ko kwubaha no gukarisha ivyiyumviro vy’abo mu ntumbero yo kubandanya bakura muvy’Impwemu no kwagura igikorwa c’Imana.
Ivyo biri mu nyigisho zashikirijwe ku magenekerezo ya 19 na 20 Ruhuhuma, mw’ikarishabwenge ryari ryatunganijwe n’amashirahamwe Partnership International (PI), Youth With A Mission Burundi (YWAM) na Kingdom Leadership Foundation mu gisagara ca Bujumbura.
Urwo ruganda rwari rwitabiriwe n’abapasitori batandukanye bavuye mu mihingo itandukanye y’isi cane cane Reta Zunze Ubumwe z’Amerika

Pasitori Johnny Hunt aserukira ishengero rya Celebration Church muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, mu nyigisho yiwe yashimangiye ku kwubaha umuntu wese naho vyoshika akaba ariwe ari mu makosha, yishimikije akarorero ku mwami Dawidi aho yubashe Sauli naho uwo (Sauli) ariwe yari mu makosha.
Yagize ati: <<Dawidi yanse kwishira hejuru kugira arindire Imana yonyene abe ariyo imushira hejuru.>>
Uwo mwungere akaba yateye akamo indongozi mu mashengero kwitandukanya n’ingendo yo kwiyumva ko batubashwe nabo badashobora kwubaha bagenzi babo, agatanga akarorero ku vyamwa vyiza biva mu gusonera.
Muri izo nyigisho, Pasitori Doug Reed nawe arongoye ishirahamwe Partnership International rifise icicaro muri Amerika, yagarutse ku bijanye n’inyifato y’ abungere mu guhindura ivyiyumviro no kubinagura.
Yagize ati: <<Burya abarongozi bakomeye barafise uko biyumvira. Iyo ugiriwe ubuntu ukicarana n’abo ntukwiye kwiga gukora uko bakora ibintu bikomeye kuko wewe nturi bo ahubwo iga uko biyumvira>>
Uwo mwungere akaba yahamagariye indongozi mu mashengero guha ikibanza Imana nyambere ikaberekeza ku vyiyumviro birashe bakongera bakabikarisha biciye mu nyandiko no gusoma ivyanditswe n’abagenzi babo
Uruhara rw’abakenyezi mu gikorwa co kwagura ubwami bw’Imana
Muri urwo ruganda rw’imisi ibiri, abakenyezi nabo ntibashizwe inyuma.
Pastori Jessie Taft arongoye ishengero Reach Church muri Reta zunze ubumwe za Amerika yibukije intererano y’abakenyezi mu gikorwa co kwubaka no gukomeza ubwami bw’Imana mw’isi, yishimikije amajambo yibutsa ubumwe mu mubiri wa Kristo n’ingaruka zikomoka kuri Mpwemu w’Imana yo mu gitabu ceranda ca Bibiliya aboneka mu gitabu c’Abaroma 12:5-8.
Yisunze ayo majambo, Pasitori Jessie yibukije abakenyezi ko bakwiye gutahura ko ingabire z’abo ari zimwe mu zindi ngabire zitangwa n’Imana, badakwiye kwikengera, nyabuna bakwiye kuzikoresha mu kwubaka ubwami bw’Imana n’ishengero.
Hano yagize ati: <<Mukenyezi Imana yagushizeho kugira ugire aho ubarizwa, iragukunda, yarakuremye kandi yaragutoranije kandi uri uwagaciro kw’ishengero, mu miryango ndetse no ku gihugu, ntukwiye kwishira hasi canke ngo wikengere kuko uri uw’agaciro mu Mwami wacu Yesu Kristo.>>
Abitabiriye izo nyigisho barashima intunganyo y’uraganda
Abari bitabiriye urwo ruganda barashimye cane integuro y’inyigisho kuko zibasahiriza ubumenyi mu gikorwa kidasanzwe bahawe co kwubaka ubwami bw’Imana nk’abakozi b’Imana mu bwami bwayo.
Aimable Izere arongoye ishengero New beginings yagize ati: “Ico nungutse ahanini ni kugira inyifato y’ubwami, kumenya uko umwami wacu Yesu Kristo yakorera abandi, ntiyaje ari umuntu ateye ubwoba arondera ivyubahiro ariko yaje ari umusuku akorera abandi, iyo nyifato ya Yesu n’iyo igaragaza ubwami turimwo »
Urwo ruganda rwabereye kw’ishengero rya Christian Life Center ( CLM) I Bujumbura ku ncuro igira kane mu ntumbero yo gusahiriza ubumenyi abungere narirya aribo bitezweko vyinshi mu gikorwa c’Imana nkuko vyashikirijwe na Pasitori Acher Niyonizigiye aramutswa ibikorwa bitunganya urwo ruganda mu Burundi.
<<Twari twatumiye abarongozi bakuru ba mashengero mu ntumbero yo kugira baronke igihe co kuganira hagati y’abo ngo baronke igihe co guterwa intege co kuganiririzwa ivy’igikorwa c’Imana, bongere banasenge. Hanyuma tuba twatumiye abandi barongozi ba mashengero bakuze muri ibi bikorwa mbere wanashaka bamaze kwinjira mu gikorwa co gukomeza no gutera intege abarongozi ba masenhengero, abo tubatumira bavuye hanze y’Igihugu >>
Niyonizigiye yavuze ko inyigisho zatanzwe muri urwo ruganda zizotsimbataza ubumwe gutyo bigafasha gukuraho icuka kibi hagati y’amashengero, ukutumvikana, ukwinubana n’ukutizigirana.
Muri urwo ruganda harabayeho n’igikorwa co kubisikanya hagati ya Pastori Jagen Gourmari Nzuguri arongoye ishirahamwe YWAM Burundi, yahora atunganya urwo ruganda kuva mu mwaka 2013, na Pasitori Acher Niyonizigiye umurongozi w’ishirahamwe Kingdom Leadership Foundation yinjiye icese muri ayo mabanga.
Pasitori Jagen yagize ati: <<sindabitaye canke ngo ndabivemwo, ariko ndahimbawe no gushikiriza uburongozi.>>


