Amashengero ahamagarirwa gukoresha imbuga hwaniro mu kwagura ubwami bw’Imana

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2026, ikinyamakuru rukristo Umwungere news caratunganije uruganda ku bungere bo mu mashengero n’amashirahamwe mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kwigishanya no guhanahana ivyiyumviro mu gukoresha imbugahwaniro nk’igikoresho co kwamamaza ubutumwa bwiza.

Umwanditsi w’ikinyamakuru umwungere news, yagize ati: uyu musi, imbuga ngurukanabumenyi zifise uruhara mu buzima bw’abantu rimwe rimwe no ku ngingo bafata. Abantu benshi bazikoresha barondera inyishu z’ingorane zabo, uguhumurizwa n’ivyobaha insiguro y’ubuzima.

Uwo mwanditsi yabandanije agira ati: Amashengero ntakwiye gusigara inyuma mu gukoresha izo mbuga hwaniro mu kwamamaza ubutumwa bwiza no mugutanga umuco kuco ijambo ry’imana rivuga vy’ukuri. Bitabaye uko, kuri izo mbuga hwaniro hazokomeza kugaragara inyigisho z’ibinyoma, ubutumwa bw’urwanko n’ivyotuma abantu bazimira mu vy’impwemu. Ariko iyo izo mbuga zikoreshejwe neza, zishobora kuba ibikoresho bikomeye vy’ivugabutumwa no kwubaka abakristo.

Ongera usome:

https://umwungerenews.com/2026/02/ishengero-ryuburundi-rihejeje-kwunguka-abamenyeshamakuru-ndoramana/

Pascal Ndayikeza umwigisha w’uyo musi avuga ko, amashengero adakwiye kuguma mu mpome zine zigize urusengero ahubwo abizera bakwiye kuba abigisha b’amamaza ubutumwa bw’umuco kandi bw’umwuzuzo kandi bakabikora mu nzira zose zishoboka, Imana yatanze.

Nk’uko ijambo ry’Imana rivyerekana, Yesu ubwiwe mu gihe yari kw’isi, imisi yose ntiyama avugira ubutumwa mu rusengero, ahubwo yarasohoka akatera intambwe akaja ahantu hari abantu benshi mu bisagara, ku misozi, mu mazu n’ahandi,.. akamamaza ubutumwa bwiza, ni kuvuga yuko yasanga abantu aho bari maze akababwira ubutumwa bwiza .
N’uyu musi abizera, Kristo atubera akarorera keza, katwereka ko natwe dukwiye kwamamaza ubutumwa bwiza mu buryo bwose bushoboka, nk’uko yasize abitubwiye ngo dukwiragire mu mahanga yose tuvuge ubutumwa bwiza.

Uyu musi imbuga hwaniro, niho hantu hambere ushobora kwamaza ubutumwa bwiza bugashikirwa n’abantu benshi y’aba abari hafi n’abari kure mu gihe gito.

Abakristo n’amashengero bakwiye gutera intambwe bakaja aho ahantu hari abantu benshi n’aho si ahandi ni kuri izo mbuga hwaniro zisigaye zarabaye aho abantu bamara umwanya atari muto.

Hariho abakoresha izo mbuga hwaniro mu kwamamaza ibikorwa vy’umwiza, mu kwiyerekana canke kwamamaza urudandaza rw’abo ariko natwe abakristo dukwiye kuzikoresha mu kwagura ubwami bw’Imana. Ari n’ayo mpamvu Abapasitori b’amashengero, abajanabutumwa eka abizera bose bakwiye gufata iyambere mugukoresha ubuhinga ngurukana bumenyi muri iyi ntumbero y’ubwami bw’Imana.

Pasteur Rutasha Lucien, umwe mubitavye urwo ruganda akaba yagize ati: Birakenewe gose ko abakristo baterwa intege ingene bokoresha imbuga hwaniro neza kuko hariho abasanzwe bazikoresha mugabo bakazikoresha nabi.

Nayo Pasteur Amédée, afatiye mu kinjana ca 16 aho haba kuvumbura imashini isohora ibitabo, yerekanye ingene vyafashije cane uko Bibiliya isohoka ku bwinshi mu ndimi zitandukanye. Amedee, akaba yibukije ko mu gihe kanaka Imana yama itanga ibikoresho bifasha igikorwa cayo kubandanya.

Ongerera usome:

https://umwungerenews.com/2026/01/ubujanama-bukristo-inzira-yo-gukiza-imitima-no-kugarukana-ivyizigiro/

Pasteur Oswald arongoye ikinyamakuru Umwungere news, mw’ijambo ryiwe yarashimiye abitavye ico kiyago, yongera kandi amenyesha ko, mu kwezi kwa gatatu hategekenijwe izindi nyigisho kubajejwe média mu mashengero n’itanganzamakuru mu mashirahamwe muri ya ntumbero yo gukoresha imbuga hwaniro nk’igikoresho c’ivugabutumwa no gukomeza abantu.

Mwomenya ko inyuma y’urwo ruganda, ico kimenyeshamakuru umwungere News caciye gitanga indangabumenyi ku banyeshure bari bamaze amezi atatu baronswa ivyirwa vy’itangazamakuru rukristo.

 

 

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *