Friday, November 13, 2026
Kimwe mu Bibazo Bigora Abakristo Benshi Kwishura: Ibigize Ubutumwa Bwiza.

Si abantu benshi ubabajije ibigize ubutumwa bwiza bashobora kubivuga neza. Mbere bamwe ubabajije ivyo bumvise igihe bizera Yesu Kristo usanga bamwe bumvise igice mu bigize ubutumwa bwiza , abandi nabo babwiwe ibitari ubutumwa bwiza mu ntango yo kwizera kwabo.
Mu mwaka wa 2018, narigeze kubaza umukristo umwe intahe yiwe y’agakiza , ndamubaza nti wewe mu gukizwa kwawe vyagenze gute?
Uwo mukristo aca ambwira ati:

“Jewe mugukizwa, abavyeyi bantumye impuzu bari bakoresheje ku mu “Tailleur” hanyuma nsubiye inyuma nshitse muhira nsanga nazitaye, baranshwaniye cane, nsubiye kuzirondera ca ndazitora mu nzira, naranezerewe cane, ndazitoye naciye mfata ingingo yo gukizwa”
Anyishuye gutyo, naciye nibuka ko abakristo atari bake barinjira mu mashengero ariko umubajije uti: Ko uvuga ko wizera Yesu Kristo, wombwira ubutumwa wumvise igihe wizera? Ni bake cane bakubwira inkuru y’ubutumwa bwiza mu bice vyayo vyose.
Ibi biva rimwe na rimwe ko mu mashengero, usanga inyigisho zubakiye kuri Bibiliya zidahabwa ikibanza, canke ugasanga intimatima yazo ntizishira Yesu Kristo hejuru, hahandi umuntu aje mw’ishengero afashwa gutahura ubutumwa bwiza no kumenya ingendo nshasha y’uwukurikira Yesu Kristo iyo ari yo.
Ibi rero biraheza bikazana akaga gakomeye ko harwira abakristo bo kw’izina gusa, ukarondera ihinduka mu buzima bw’abitwa abakristo ukabura , ishengero rigakena abarongozi baryo babushitse, hakabura amashengero ashinze imizi mu kwizera kuzima akongera agashingira intahe vy’ukuri Yesu Kristo mu kibano.
Uriko urasoma Bibiliya, ijambo ry’Imana urabona ko ukwizera kuva ku kwumva. Intumwa y’Imana Paulo mu cete yandikiye Abaroma (Abaroma 10:17) asigura ko ukwizera kuvyarwa no kwumva ijambo rya Kristo.
“Nuko ukwizera kuva ku kwumva,…”
Paulo muri ico cete nyene abandanya asigura ko umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa. Ariko abandanya yibaza ibibazo bikomeye ati: “None bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva?kandi bazokwumva bate ,ata wabasiguriye ivyiwe? (Aborama10:14)”
Uko vyogenda kwose, umuntu amaze kwemezwa mu mutima ko ari umunyavyaha, akumva ko akeneye umukiza, Yesu Kristo, arakeneye umuntu amufasha gutahura ibiriko biramubako mu buzima bwiwe bwo kwizera.
Ibigize ubutumwa bwiza
Jeff Reed, umurongozi w’ishirahamwe rukristo BILD International, ishirahamwe rifasha abarongozi b’amashengero gutegura abizera bisunze inyigisho ya Yesu n’intumwa, ni we yasiguye mu gatabo yanditse kitwa “Becoming A Disciple” (Guhinduka umwigishwa), ko uravye ubushakashatsi bwakozwe n’abakozi b’Imana batandukanye urabona ko aho ha mbere hariho akarorero k’urufatiro mw’ishikirizwa ry’ubutumwa bwiza.
Uwitwa Michael Green ava mu Bwongereza , mu gitabo ciwe citwa Evangelism now & Then ( Ivugabutumwa ubu naho hambere ), niwe yagize ubushakashatsi kw’ivugabutumwa ry’ishengero rya mbere yerekana impfunyapfunyo yisungwa mu gushikiriza ubutumwa bwiza:
“Igihe carashitse nk’uko ivyanditswe vyera bivuga. Imana yatumye Mesiya, Yesu Kristo. Yapfuye urupfu rw’agashinyaguro rwo ku musaraba. Imana yaramuzuye mu bapfuye. Ubu ni umwami yicaye i buryo bw’Imana Data. Ikibigaragaza ni ibikorwa vya Mpwemu Yera mubona. Uwo Yesu azogaruka mu mpera y’ibihe. Mwihane, mwizere hanyuma mubatizwe.”
Nayo C.H.Dodd, umwe mu basobanuzi bakomeye b’isezerano rishasha bo muri iki kinjana yarerekanye ko aho hambere hariho akarorero k’urufatiro mw’ishikirizwa ry’ubutumwa bwiza.
Mu gitabo ciwe The Apostolic Preaching and its Developments (Ivugabutumwa ry’intumwa n’ingene ryagiye ritera imbere) yarerekanye impfunyapfunyo y’ubutumwa Paulo yashikirije, maze arabwandika mu buryo bumeze nk’ivyizerwa rukristo (Credo):
“Ivyahanuwe vyarashitse, kandi igihe cashikijwe n’umuzo wa Kristo. Yakomotse ku gishitsi ca Dawidi. Yarapfuye nk’uko ivyanditswe vyera bivuga,kugira ngo adukize ibibi vy’iki gihe. Yarahambwe. Yarazutse ku musi ugira gatatu nk’uko ivyanditswe Vyera bivuga. Yicaye i Buryo bw’Imana, nk’umwana w’Imana akaba n’umwami w’abazima n’abapfuye. Azogaruka nk’umukiza n’umucamanza w’abantu.”
Jeff muri ka agatabo “Becoming A Disciple” (Guhinduka umwigishwa), mu cigwa ca 1 kivuga ubutumwa bwiza yagarutse ku nkuru ya Koroneriyo iri muri Bibiliya mu gitabo c’ivyakozwe n’intumwa igice ca 10 ivuga ingene ubutumwa bwiza bwashikiriye abanyamahanga ubwa mbere. Koroneriyo yari umusoda w’umuroma (umunyamahanga) ariko yakunda gusenga Imana n’aho atari bwayimenye.
Uwo mwigisha, mu gitabo c’ivyakoze n’intumwa 10:34-43 yasiguye ivyo Koroneriyo yarakeneye kumenya kuri Yesu kristo afatiye kuvyo Petero yabwiye Koroneriyo:
“Yesu Yari yatumwe n’Imana ku Bisirayeli. Yagiye akora ivyiza. Abayuda baramwishe, yamara Imana yaramuzuye. Intumwa zaramubonye, zasangiye nawe, hanyuma abategeka kwigisha iyi nkuru. Ni umucamanza w’abariho n’abapfuye kandi uwizera wese aronka uguharirwa ivyaha vyiwe. Ibi vyose vyari vyarahanuwe n’abavugishwa bo mw’isezerano rya kera.”
Reed avuga ko Abizeye iyo nkuru nziza bose bafatwa nk’abizera b’ukuri mu gihe c’ishengero rya mbere.
Pasitori Onesphore Manirakiza, aserukira imbere y’amatengeko Ishengero Shammah Temple Fellowship mu Burundi, akaba anarongoye Antioch Foundation, mu gatabo yanditse kitwa “Kaze mu muryango” gakoreshwa n’amashengero mu kwakira abakristo bashasha mw’ishengero, mu cigwa kivuga ubutumwa bwiza ico ari co yanditse gutya:
“Kugirango dutahure mu buryo bworoshe ico ari co ubutumwa bwiza, reka turabire hamwe ingingo nyamukuru zibugize; nazo akaba ari: Imana, Umuntu, Kristo, inyishu.”

Onesphore muri ico cigwa yabandanije asigura izo ngingo zigize ubutumwa bwiza muri aya majambo:
Imana ni umuremyi w’ibintu vyose; yuzuye ukugororoka n’ubuntu. Twaremwe n’Imana ariko twarononywe n’icaha. Ikimazi Yesu Kristo yatanze kirashobora gukuraho ivyaha vyacu kikongera kikatunywanisha n’Imana biciye mu rupfu no kuzuka kwiwe. Niwe wenyene ashobora gukuraho uburake Imana ifitiye abantu kubera ivyaha vyabo. Dushobora kunywana n’Imana biciye mu kwizera Yesu Kristo gusa.
Usomye igitabo c’ivyakozwe n’intumwa kitwereka intango y’ishengero rya mbere uko ryabayeho ryitondera ivyo umwami wabo Yesu Kristo yabageze, ukaraba ubutumwa Paulo yashikirije mu vyete yandikiye amashengero ubonamwo iyo mpfunyapfunyo igize urufatiro rw’ubutumwa bwiza.
Ubwo butumwa bwiza nibwo abatwitangiye imbere mu kwizera bizeye buhindura ubuzima bwabo bwose n’ingene babona ibintu.
Abarongozi b’amashengero barakeneye kwijukira kwiga ivyigwa ndoramana bibafasha gutahura umugambi w’Imana n’igikorwa c’ishengero, gutyo ngo baheze bategure abizera bashinge imizi mu nyigisho ya Kristo ibamenyesha ubutumwa bwiza, yo ntango yo kuba umwigishwa wa Kristo, hanyuma bigishwe kwitondera ivyo Yesu Kristo yageze abamukurikira (Matayo 28:19-20).


