Thursday, November 12, 2026
Kuberiki Guhanahana Amakuru Neza Bikiri Ikibazo?

Guhanahana amakuru neza biteza imbere ibikorwa, bikomeza ingo, kandi bituma abana bakura neza. Naho biri uko abantu benshi birabagora gushikiriza amakuru no kuyakira kubera ibibazo vya kahise, imero y’umuntu n’imico.
Dr Joanna Jones, umuhinga mu vy’uburongozi bw’amashirahamwe akaba n’umuhanuzi w’abarongozi, ava muri Reta Zunze Ubumwe Z’Amerika, mu nyigisho zagenewe abakozi mw’ishirahamwe rukristo Vessels of Hope Burundi yatanze ubumenyi kuvyerekeye guhanahama amakuru (Communication) hagati y’abakozi ku kazi no mu miryango. Izo nyigisho zikaba zabaye kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu 2026 i Bujumbura.
Uwo mwigisha yamenyesheje ko iyo hatabaye guhanahana amakuru neza, gutorera umuti ibibazo biza mu mashirahamwe, mu miryango bica bigorana.

Avuga ati : “Rimwe na rimwe turiyumvira ko twatanze amakuru ugasanga abatwumvirije, ntibatahuye ivyo twavuze.
Mu bijanye n’ubuhinga bwo gushikiriza ivyiyumviro, gutanga amakuru, uwo muhinga yamenyesheje ko ubushakashatsi bwakozwe bwerekana ko abantu batakira amajambo umuntu yavuze gusa ahubwo bakira n’ingene “warumeze mu gushikiriza ivyiyumviro, ingene washimitse ku majambo n’ijwi wakoresheje”
Yagize ati: “Mu guhanahana amakuru, amajambo washikirije afise ibice 10 kw’ijana, ibice 40 n’ingene wakoresheje ijwi, ingene washimangiye amajambo nayo ibice 50 ni ingene wifashe n’ibimenyetso wakoresheje uriko uravuga”.
Yatsindagiye ico ciyumviro yerakana ingene umwana akiri muto ataramenya kuvuga nawenyene yakira amakuru ukuri kwamye.
Yagize ati: “Umwana muto ntatahura amajambo , ariko ijwi twakoresheje, ingene twamweretse isura, biramubwira ingene umuvyeyi canke umurezi amerewe n’ubutumwa tugomba kumuha”
Joanna yabandanije avuga ko ubiravye neza ikintu cinyegeje inyuma y’amatati aba mu mashirahamwe, mu miryango, bituruka ahanini kuguhana amakuru nabi.
Yamenyesheje ko umuntu wese afise uburyo bwiwe bw’ingene ahanahana amakuru n’abandi akongerako ko ivyo biba bifatiye ku mero yiwe (personnalité), n’umuco yakuriyemwo.
Ni izihe nzitizi zibuza guhanahana amakuru neza?
Joanna yasiguye ko hariho ibintu bishobora gutuma hataba guhanahama amakuru neza.
Akaba yavuze inzitizi 5 zibuza guhanahana amakuru neza hagati y’uwuvuga n’uwumviriza:
“Kahise ku muntu (Ivyashikiye umuntu muri kahise n’umuco yabayemwo); Imero y’umuntu (uko umuntu ameze:personalite); Ubumenyi buke mubijanye no guhanahana amakuru; Uko umuntu yiyumva mu bigumbagumba muri uwo mwanya ; Kuba hariho ibindi bintu umuntu ashizeko umutima muri uwo mwanya (Distraction).”
Yabandanije amenyesha ko kugirango guhanahana amakuru bigende neza bisaba ko uwuvuga ashikiriza neza iciyumviro agitomoye kandi uwumviriza nawe akumviriza neza , ivyiyumviro biraho kuko umwe wese muri abo arashobora guhura n’izo nzitizi.

Violette Ntawanka, umwigisha w’abana mu kigo gifasha abana gukura mu bice vyose (EarlyChidhood Development) ca Vessels of Hope Burundi kiri mu Ruziba, mu gisagara ca Bujumbura, yavuze icabona izi nyigisho zigiye ku mufasha mu gikorwa ciwe co kwigisha abana no gukorana n’abavyeyi babo.
“Izi nyigisho zizomfasha ingene numviriza abana n’abavyeyi neza, ingene ndabayagisha na cane cane kubandanya nisuzuma imbere yuko ndabikora, nkibaza nti mbega uku ngira ndabikore birahesha icubahiro Imana?”
“Abana tubakira buri musi bavuye mu miryango yabo, nzogerageza kubakira nisuzumye neza uko meza, ndabakire nkoresha ibimenyetse bigaragaza kwakira umuntu neza, ndabatwengera, kuko twarize ko amajambo afise ikibanza gito mu guhanahana amakuru neza.”
Erica Bishaza, umuhanuzi (counselor), umwe mu batunganije izi nyigisho, akaba ari nawe arongoye igisata co gutanga impanuro rukristo “Christian Counselling” muri Vessels of Hpe Burundi, yavuze ku kamaro k’ikiyago ciza haba mu kazi, mu miryango, mw’ishengero no mu gihugu.
Yagize ati: “Ikiyago ciza ni ngirakamaro mu buzima bwose bw’abantu. Gituma haba Imiryango yubakitse neza, amashirahamwe akora uko yategerezwa, amashengero akora intumbero yayo n’igihugu kiramererwa neza.”
Mwomenya ko Dr Joanna yaheruka mu Burundi mu kwezi kwa Ntwarante 2026 aho yamaze imisi yigisha abarongozi batandukanye mu mashengero, n’amashirahamwe kubijanye n’uburungozi bucungura (Redemptive Leadership) mu gisagara ca Bujumbura. Chadrack Nininahazwe arongoye Vessels of Hope Burundi yamenyesheje ko ico cigwa , umurongozi wese akwiye kuba yaracize imbere yuko arongora abandi.



C’est vraiment intéressant.kahise k’umuntu canke imero yiwe ni excuse muri communication?Que faire pour améliorer notre style de communiquer ?
Que vous ayez les bénédictions du Deutéronome 28