Friday, November 13, 2026
Prophet EBONOAH Imana yamubwiye ko umwuzure ugira uze, none ariko abaza ubwato

N’kuko vyabaye mu gitabo ca Bibiliya aho Imana yabwiye Nowa kubaza ubwato hama agatumira abantu guhunga umwuzure wagira utere munyuma abantu bakabikengera, maze batwarwa n’uwo mwuzure ukuyemwo abantu bake cane bemeye kwinjira. Ubu naho, haje umuvugishwa (Prophet) wo mu gihugu ca Ghana azwi kw’izina rya #Ebo-Noah, ariko aravugwa cane ku mbuga ngurukana bumenyi, inyuma yaho avugiye ko Imana iherutse kumwiyereka ikamubwira ko isi igiye kurangira vuba cane.
Prophet Ebonoah, avuga ko isi igiye guhura n’ikibazo c’umwuzure udasanzwe ku ncuro ya kabiri kuva isi yaremwa, bitarenze itariki 25 Kigarama 2025. Ebonoah yatangaje ko ibihumbi vy’abantu bizohasiga ubuzima nibatemera kwitegura.
Tubamenyeshe ko, Imana ya Ebonoah yaciye imubwira kwubaka ubwato bunini. Bamwe bavuga ko, ubwo bato bwoba bushika umunani(8); abandi n’abo bati ni bubiri. Profet Ebonoah, kugira azoshobore kurokora abantu kuri uwo musi, ubwato bumwe bushobora kwakira abantu bangana n’ibihumbi bitanu (5000). Hariho n’abemeza ko yoba yakoze ubwato bushobora kwakira abantu imiliyoni mirongo itandatu (60).

Kubw’ivyo, amakuru dukesha imbuga hwaniro zitandukanye avuga ko abantu bangana na 375 bamaze kwemera guhunga uwo mwuzure wahishuwe na Ebonoah.
Tubibutse ko igenekerezo rya 25 Kigarama uko umwaka utashe ibihugu vyinshi bifise ukwemera gikristu bihimbaza iyo tarike nyene ivuka rya Yesu Kristo.
Ibibazo kubwato bwa Ebonoah ni vyinshi:
N’ubwo biboneka ko ubuhanuzi bwa Ebonoah bwakwiye impande nyinshi z’isi mbere no mundimi zitandukanye, Muhiziwintore Gédéon umumenyeshamakuru akorera Umwungere News, akomeza kwibaza nimba abantu bazohava bitaba akamo batewe, canke bazokomeza kwitegirira iminsi mikuru irangiza umwaka 2025.
Ku rundi ruhande, uwo mu menyeshamakuru; aribaza aho Ebonoah yakuye uburyo bwo guhingura ubwato nk’ubwo, agatako akibaza hamwe ama miliyaridi yabagize isi yokwemera ubuhanuzi bwa Ebonoah aho boca baja mugihe ubwato bwiwe bwiteze kwakira abantu imiliyoni mirongo itandatu (60) gusa.
Mu kurindira ko ubwo buvugishwa bwa Ebonoah bushika, Reka tubibutse ico Bibiliya Yera ivuga ku bintu Nk’ivyo. Ijambo ry’Imana rigira riti:
“Umuvugishwa azogira ico avuga mw izina ry’Uhoraho, hanyuma ntikibe, ntigishike; ico kizoba kitavuzwe n’Uhoraho: uwo muvugishwa azoba yahangaye kucigenera: ntimuze mumutinye.Gusubira mu vyagezwe 18:22”. Bibiliya yongerako iti:
“Nuko nshinze isezerano mbasezeraniye: ibifise umubiri vyose ntibizosubira kurandurwa n’amazi y’umwuzure ukundi, kandi ntihazobah’ umwuzure wo gutikiza isi ukundi.
Nshize umuheto wanje ku gicu, ni wo munywamazi, uzoba ikimenyamenya c’isezerano nsezeraniye isi.
Itanguriro 9:11, 13.
Nk’uko tubibonye, amajambo ya bibiliya arerekana neza y’uko Imana itazosubira kurimbura isi n’umwuzure. Gushika ubu rero, ibibazo n’amakenga ni vyinshi kuri ubwo buvugishwa bwa profet Ebanoah, abantu bararindiriye nimba vy’ukuri ubwo buvugishwa buzoshika canke ko yoba ari ibinyoma.


