Friday, November 13, 2026
Umwungere, agomba kuba ari umuntu afise ubwenge kugira abo arongoye bashike kure :

Munyigisho z’umukozi w’Imana Dag Heward Mills, zo kuri uyu wa 12 na 13 Kigarama 2025, bitiriye “Conférence Itange” zabereye mu gisagara ca Bujumbura mu nyubakwa z’Ishengero Église du Rocher, Pasteur Dag abandanya atanga inyigisho ziriko zikora benshi ku mitima. Mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 kigarama 2025, arerekana ingene umwungere (Pasteur) agomba kuba ameze kugira yubake ishengero rinini.
Dag Heward avuga ati: Kugira ngo abungere bashobore kugira amashengero manini kandi akomeye bagomba kuba ari abarongonzi beza bafise ubwenge n’uburongozi butandukanye kuko abo barongoye baba bafise ivyiyumviro bitandukanye.
Ni ikihe gikorwa c’umwungere imbere yabo arongoye ?

Uwo mukozi w’Imana akomoka mu gihugu ca Ghana, arerekana igikorwa c’umurongozi aho agira ati “Umurongozi ni umuntu agerageza gushira hamwe abo arongoye mu butandukane bwabo. Akarorero umurongozi ameze nk’umuntu acunga ibikoko vyo mw’ishamba, uko biba bimeze kwose arabikurikirana kuburyo usanga vyose bibanye amahoro. Rero n’Abungere b’amashengero bakwiye kugira ubwo bushobozi bwo guhuza abakristo mu butandukane ni vyiyumviro vyabo, akabereka inzira bukurikire, akamenya ikibakwiriye.”
Dag mu nyigisho yatanze, yavuze kandi ko abungere b’amashengero bakwiye kugenzura abakristo babo mu kubigisha kuko ijambo ry’Imana ryonyene niryo rishobora kubakora K’ umitima yabo.
Abungere canke aba pasteurs n’ibashobora gukora ivyo vyose, bazosanga amashengero y’abo akomeye kandi ateye imbere.
Umukunzi w’Imana ni uwo kwigisha Ijambo ry’Imana
Pasteur Dag Heward Mills, avuga ko hari igihe, usanga umukozi w’Imana yataye intumbero yiwe, mukwigisha abantu ibidahwanye n’ijambo ry’Imana. Aha atanga akarorero aho usanga umukozi w’Imana mu rusengero ariko yigisha ivyerekeye Politique, Economie, urudandazwa n’ibindi bitandukanye. Yamara mu rusengero si aho kwigishiriza ivy’irya bitari ivy’Ijambo ry’Imana, kuko abaza mu rusengero baba bakeneye Imana ntibaba bakeneye ibindi bintu. Rero iyo Umwungere azi ivyo ishengero ryiwe rikeneye, aramenya ivyo arihereza hanyuma rigakura. Ariko kandi, umukozi w’Imana Dag Heward yatanze amazina y’ibitabo icenda vyiwe yanditse, abungere b’amashengero boshobora gusoma kugira ngo bashishikare kuba abungere beza ndetse banagire n’amashengero yagutse kandi akomeye.
Izo nyigisho, zikaba zari ritabiriwe n’abantu bafise, ivyo barongoye mu mashengero atandukanye, kandi bakaba bavuye muri ico kibanza bashima ko izo nyigisho hari vyinshi zigiye guhindura kuvyo bari basanzwe bafise.
Ndikumana Potient umwe mu bari bitabiriye iyo Conférence, agira ati : ” Izi nyigisho zije hari hageze, kuko hari vyinshi abarongonzi ba mashengero benshi batari bazi, aho muri bino bihigu vyacu, usanga Umwungere umengo ni uwo gukankamira abo arongoye, kandi ugasanga rimwe narimwe akora ibikorwa yigeneye atari ibikorwa yabwiwe n’Imana kugira akorere ubwoko bwayo.
Muri ico kiringo c’imisi 2 kikaba cabaye ikiringo co guhugurwa, kumenya ico Imana igomba k’ubungere ba mashengero kugira umwungere ntabr nk’uwokuryanisha abo arongoye ahubwo abe umwungere mwiza.


