Thursday, November 12, 2026
Ibintu 9 Umuvyeyi Akora Bishobora Gutuma Umwana Aba Umugarariji

Abavyeyi benshi bipfuza kurera abana babo neza kugira ngo bakure bafise indero nziza kandi bakunde Imana. Ariko rimwe na rimwe, mu kugerageza kubahana no kubatoza indero, hari ibikorwa bamwe bakora batabizi bishobora gukomeretsa umutima w’umwana, bikamuviramwo uburake, ukwigunga canke mbere ukugarariza abamurera.
Ni co gituma Bibiliya itanga impanuro zidasanzwe ku vyerekeye uburyo bwo kurera abana. Intumwa Pawulo, igihe yandikira ishengero ry’i Kolosayi, yaraburiye abavyeyi ati:
“Ba se, ntimukaratse abana banyu, ngo ntibaranduke imitima.” (Ab’i Kolosayi 3:21)

Kuratsa umwana bisigura iki?
Paynette Niyokwigura, umuyobozi w’inyigisho mw’Ishirahamwe ry’Ivugabutumwa mu Bana mu Burundi (Association pour l’Evangelisation des Enfants), asigura ko uwo murongo udasobanura ko abana badakwiye guhanwa canke ko bokwihanganirwa mu makosa yose.

Afatiye ku bunararibonye amaze imyaka irenga 25 aronka mu gikorwa co gufasha abana gukura bashimwa n’Imana n’abantu, yavuze ati:
“Uwo murongo werekana ko indero ikwiye kuba yubaka kandi igafasha abana gukura neza aho kubaca intege canke kubashavuza.”
Na Jeff Reed, umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu BILD International, mu nyigisho z’ingingo z’urufatiro mu kwizera, asigura ko ijambo ry’ikigiriki ryakoreshejwe muri Ab’i Kolosayi 3:21 risobanura ugusomborotsa umuntu gushika aho agira umururazi n’agahinda mu mutima.
Yanditse ati: “Kandundura rero ni iyo ba Serugo bahohotera abana. Ico gihe ingaruka zirigaragaza. Abana bacika intege. Ijambo ryakoreshejwe aha risobanura kudendebukirwa canke gucika intege. uku kudendebukirwa gushobora kuvamwo ishavu, ubugararariji canke ukwigunga, umwana agahahamuka, akabura umurongo n’intumbero y’ubuzima.”
Ibintu 9 Umuvyeyi Akwiye Kwirinda
Mu gitabo ciwe “Umuryango: Inyigisho za Bibiliya ku Muryango, ku Rugo no Kurera Abana (The Family: Biblical Perspectives on the Family, the Home and Parenting)”, John MacArthur, umwungere amaze imyaka myinshi mu gikorwa kandi akanatanguza akongera akarongora kaminuza “The Master’s Seminary” muri Amerika, yerekanye ibintu icenda bishobora kuratsa abana
1. “Gukingira umwana birenze urugero”
Iyo umwana adahabwa akaryo ko kwiga no guhangana n’ingorane z’ubuzima, ashobora gukura adafise ukwiyizigira no kudashobora kwifatira ingingo.
2. “Gusumbanya abana”
Kugereranya umwana n’abandi bana biraheza bikamwumvisha ko adafise agaciro nk’abandi.
3. “Gusunikira umwana gushika ku bintu birenze ubushobozi bwiwe”
Guhora usaba umwana gukora ibirenze ivyo ashoboye bishobora kumutera umuruho n’ukwihebura.
4. “Guca intege umwana”
Amajambo yo kunegura canke kumwereka ko adashoboye ashobora kumwambura icizere ca kazoza.
5. “Kunanirwa gutanga ikiguzi c’uburezi”
Iyo umuvyeyi adafata umwanya wo kubana n’umwana naho yoba amuronkora ivyo akenera, aba amwimye kimwe mu bintu ngirakamaro akenera kugira ngo akure neza.
6. “Kutareka umwana ngo ayube”
Abana bigira no mu makosa yabo. Kubabuza gukora canke kugerageza ibintu bishasha kubera ubwoba bw’uko botakaza canke bagakosa bishobora kubabuza gukura neza.
7. “Gufata minenerwe umwana”
Kutita ku vyiyumviro canke ku bibazo vy’umwana bituma yumva ko ata gaciro afise.
8. “Kwima urukundo umwana”
Urukundo ni kimwe mu vyo abana bakeneye cane. Iyo batarwerekwa, bishobora kubasigira ibikomere vy’igihe kirekire.
9. “Gukoresha amajambo acumitana n’ibihano birengeje urugero”
Amajambo akomeretsa hamwe n’ibihano bidafise intumbero yo kwigisha birashobora gutuma umwana agira uburake n’umutima wo kwihora.
Indero Ikwiye Kujana n’Urukundo
Niyokwigura yibutsa ko ubutumwa nyamukuru bwa Pawulo atari ukubuza abavyeyi gukosora abana babo, ahubwo ari ukubigisha kubikora mu rukundo no mu buryo bwubaka.
Yerekana kandi ko Pawulo yagarutse kuri iyo nyigisho igihe yandikira ishengero ry’Abanyefeso ati:
“Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanura, uk’ Umwami wacu agomba.” (Abanyefeso 6:4)
Ku bwa Bibiliya, rero, indero nyayo si iyo gutera ubwoba canke gushavuza umwana, ahubwo ni iyo kumufasha gukura mu kuri, mu rukundo no mu bwenge bw’Imana.
Abana ni ingabire Imana yahaye imiryango. Uburyo abavyeyi babarera bugira uruhara runini mu muntu bazoba muri kazoza. Gukoresha indero yubaka, irangwa n’urukundo, ukwihangana n’ubwitonzi, birafasha abana gukura bafise umutima mwiza, bubaha Imana kandi bubaha n’ababareze.


