Pasteur Dag Heward-Mills arahishura ibintu 3 umukozi w’Imana akwiye kugiriramwo ubwizigirwa

 Kuri uyu wa gatanu  igenekerezo rya 12 Kigarama, mu nyubakwa y’ishengero Eglise du Rocher habereye inyigisho ku bantu bose bipfuza gukorera Imana neza kurusha. Izo nyigisho zatanzwe n’umukozi w’Imana Dag Heward-Mills, aho mu cirwa c’uyu musi yashimikiye cane ku cirwa co kugira ubwizigirwa mu gikorwa c’Imana.

Uwo mukozi w’Imana mu nyigisho yatanze, yerekanye ukuntu umuntu wese akwiye kuguma mw’ibango canke mu muhamagaro wiwe mu gikorwa c’Imana, akitanga wese uko ashoboye kuko Imana yatugeze kuba abayikorera kandi bakayikorera mu bwizigirwa. 

N’ubwo biruko, hari bamwe bamwe usanga baratakaje umuhamagaro w’abo, aho usanga bariko bikoresha bagakora ivyo bigombeye canke ivyo biyumviriye. Akarorero ni aba pasitori  usanga mu nyigisho z’abo bashimikira kuri politike, ibijanye n’ubutunzi, urudandazwa n’ibindi, bakirengagiza ubutumwa bwiza ico ari co  canke ngo bahamagarire abantu kuva mu vyaha. 

Kugira ubwizigirwa mu muhamagaro w’Imana biratuma ishengero rikomera, ishengero rikarangwa n’urukundo no gushira hamwe. Umwigisha Dag abandanya avuga ko Uburundi ndetse na Afrika yose bakeneye kugira abakozi b’Imana benshi kandi babizigirwa.

Umuntu ashobora kwibaza ati mbega noba gute umwizigirwa? canke  ni inde ni igiki  nobera umwizigirwa?

Umwigisha Dag Hawards yerekanye  ibintu bishika kuri 3, umuntu akwiye kugaragarizamwo ubwizigirwa 

Icambere ni kuba umwizigirwa ku Mana, ukagendera muvyo igomba ukayubaha, ukayizera,ukayisenga. Icakabiri ni ukuba umwizigirwa mu muhamagaro wawe, ugakora igikorwa c’Imana neza, ukitanga wese mu kwamamaza ubutumwa bwiza. Paul we aranabishingira intahe aho avuga ko atavuze ubutumwa ko yobona ibara (1 Korinto 9:16 : Iyo mvuga ubutumwa, singira ico nirata; kuko mfise ikingobera: ntavuze ubutumwa nobona ibara.). Ica gatatu, umuntu akwiye kuba umwizigirwa ku bungere canke ku barongozi, akabubaha mu bikorwa vyo mw’ishengero akaba umwizigirwa. 

Izo nyigisho zatanzwe n’uwo mukozi w’Imana zikaba zashimikiye ko umuntu wese canke umukristo wese akwiye kuba umwizigirwa ku Mana no mu muhamagaro wiwe.

Mwomenya ko Dag Heward-Mills, asanzwe akomoka mu gihugu ca Ghana, ni umwungere, umuvugabutumwa akongera akaba umwanditsi w’ibitabo birenga mirongo umunani (80) vyanditswe ku buryo bwo kuba umurongozi mwiza mw’ishengero n’uburyo bwo gukura mu kwizera.

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *