Conférence ITANGE WESE

u magenekerezo ya 12 na 13 Kigarama, Dag Heward-Mills azoba ari mw’ Ishengero Eglise du Rocher, mu Buyenzi, muri Conférence yitiriwe “Itange wese”. Imisi ibiri y’inyigisho zifise ubukomezi kandi zingira kamaro, ku bantu bose bipfuza gukorera Imana neza kurusha.

Mbega Dag Heward Mills ni nde?

Dag Heward-Mill, akomoka mu gihugu ca Ghana, ni umwungere, umuvugabutumwa akongera akaba umwanditsi w’ibitabo birenga mirongo umunani (80) vyanditswe ku buryo bwo kuba umurongozi mwiza mw’ishengero n’uburyo bwo gukura mu kwizera.

Tubibutse ko, ico kibanza gikunze cane kwakira ama conférences nkayo, akarorero ni uruganda rw’uburongozi GLS 2O25 (Global Leadership Summit) rwabaye mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo, aho mu vyigwa vy’ uburongozi vyatanzwe vyafashije benshi . Ibihe vy’ama conférences nkayo rero, abenshi bakunda kuhumvira amajambo abafasha bagakura bagatahura.

Sangiza abandi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *