Friday, November 13, 2026
Ishengero Israël Church mu minsi mirongo 40 basengera igihugu c’Uburundi na Afrika

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 30 Munyonyo 2025, ishengero Israel Church ryarasozereye igikorwa c’amasengesho y’iminsi mirongo ine (40) yo gusengera Igihugu na Afrika. Ibirori vyo gusozera ico gikorwa c’amasengesho vyabereye mu nyubakwa y’iryo shengero. Bikaba vyari vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe, hamwe n’abandi banyacubahiro.

Icivugo c’ayo masengesho y’iminsi mirongo ine cavuga giti “Kuko ibitangaza Imana yakoreye Uburundi, Afrika n’indongozi zacu vyashikanye igihugu ku ntsinzi kandi biciye mu gusenga, gukunda no gukorera mu Mbonakazoza ya 2040-2060, bizobera umugisha amahanga yose.” (Kuv. 14: 12-25; Gus. 28: 1-13.).
Aloys Ndayikengurikiye, Buramatari w’intara ya Bujumbura, mw’ijambo ryiwe, yarashimiye ishengero Israël Church, kuri uwo mutima w’urukundo bagaragaje mu gusengera igihugu c’Uburundi na Afirika. Aloys ndayikengurukiye, yabandanije avuga ko, mu gusengera igihugu, bogishigikiza ibikorwa vy’iterambere. Akavuga ko, gusenga, ibikorwa n’ukwizera bifatanye bizana intsinzi.Ivyo bikazotuma imbonakazoza y’Uburundi ishikwako neza. Buramatari w’intara ya Bujumbura, yarangije atera akamo abakristo, ababwira ko bokwitwararika ibikorwa vy’iterambere no gutsimbataza amahoro n’umutekano mu kibano, kanatsinda, ivyo nivyo mushinge w’iterambere.


Umuvugabutumwa Nzubahimana Vital arongoye ishengero Israel Church, amenyesha ko ibikorwa vy’ayo masengesho babikora mu ntumbero yo gushigikira indongozi z’Uburundi na Afirika. Mu nyigisho yatanze, yagarutse ku civugo, avuga cane cane ko umwe wese ahamagiriwe gusenga no gukora, kugira ngo Imbonakazoza y’igihugu ishikweko.

Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburudi, mw’ijambo n’inyigisho yatanze, yashimikiye ahanini ku kugira ubumwe, urukundo, no gukomeza ibikorwa vy’ iterambere, amahoro n’umutekano.Yongera yibutsa ko, Abarundi bagizwe n’ubwoko bumwe, kuko ari bene Burundi, nk’uko na “Israël” igizwe n’ubwoko bumwe bwa bene “Israël”.Ikindi yibukoje n’uko igihugu cashize Imana imbere.
Ku bw’ ivyo, Abarundi bogwiza urukundo, bakagira ubumwe, ntibacanemwo, kuko twese dusenga kandi twemera Imana imwe, yaba abaporoti, abakatorika n’aba islam.

Isoko y’inkuru: Radio et Télévisiondu Burundi(RTNB)


