Friday, November 13, 2026
GLS 2025: Reka Selfie, raba abo ufasha: Reka kwiyitaho cane, raba abandi: Ubuzima si Instagram, ubuzima ni gufasha abandi

Ku wa 27 Munyonyo 2025, mu nyigisho mpuzamakungu z’abarongozi, Global Leadership Summit (GLS), zabereye mu gisagara ca Bujumbura mu nyubakwa z’rusengero Eglise du Rocher, umwigisha mpuzamakungu, Christine Caine yatanze ubutumwa bukomeye. Avuga ko umuyobozi w’ejo akwiye kutiyumvira ivyiwe gusa, ahubwo akwiye kugira amaso yo kubona abo Imana imubwira gufasha. Inyigisho yiwe yayise “Kubona hirya ya wewe” (See Beyond Yourself).
Ivyo yabivuze yisunze imico ya kino gihe yo kwifotoza no gukoresha imbuga hwaniro
(selfie‑culture na social‑media obsession). Yasigura ukuntu kwiruka inyuma y’amafoto na social media bishobora kuduca intege mu burongozi. Akavuga ko abayobozi badakwiye kwikundisha abantu, ahubwo bakwiye guhesha agaciro abandi.

Amwe mu majambo yavuze n’aya:
“Biragoye ingene woguma uraba ifoto wifotoye, hanyuma uheze urabe abantu biteze gukizwa nawe.”
Ayo majambo akomeye yaciye atomora ku buryo bukomeye ivyago vyo gusamara no kwisunga imibereho igaragara ku mbuga hwaniro. Christine yibukije ko iyo umuntu agumye yiraba, yikundira kwifotoza, ashobora gutakaza intumbero yo gufasha abandi. Yaciye mbere anavuga ati:
“Turakeneye guheba imico yo kwifata selfie, dukeneye kuraba abantu bo gufasha.”
Muri iyo nyigisho, Christine yagaragaje ko ubuyobozi bw’ukuri busaba guheba kuguma ku vyiyumviro vyacu gusa, tukaraba kure, tugafasha abandi, tugakunda abandi, tutisunze gusa uko tuboneka kuri social media.
Yongeye aravuga ati:
“nimba amaso yawe yama kuri wewe, amaboko yawe ntazoshobora guhagurutsa uwundi muntu.”
Ivyo vyemezwa n’ivyo Paulo nawe yahanuye abifilipi. Yababwira ko umuntu wese adakwiye kwiyumvira ivyiwe gusa, ahubwo akwiye kwiyumvira n’ivy’abandi (Abifilipi2:4).
Ubutumwa bwa Christine Caine bwaratumye benshi bibaza aho bashira umwanya wabo, n’iyo bashira inguvu zabo. Yerekanye ko kuba umuyobozi w’ukuri bisaba kwisuzuma, ugaheba ivy’isi vyose bisamaza, ugashira imbere abantu n’ubwami bw’Imana.
Iyo ni yo nzira yo kuva ku vyiyumviro vyacu gusa, tukaraba abandi, tukabafasha, tukababera umuco (See beyond yourself).
Impamvu ukwiyitaho cane canke ukudaha umwanya abandi
(Selfie‑Culture) bishobora kuduhagarika gufasha abandi
Umuco wa Selfie‑culture utera umuntu kuba akunda gusa ko abantu bamuraba uko ameze neza, ariko ntiyiteho ivyerekeye abandi. Christine Caine avuga ko uburongozi nyabwo bushingiye ku gusunikira abandi imbere, atari guteza imbere iryo zina ryawe gusa.
Na Paulo yarabwiye abikorinto ko yiteguye guheba ivyo afise vyose ndetse n’ubuzima bwiwe kubwabo. Ivyo yavuga ko yabiterwa n’urukundo yabakunda (2 Akorinto12:15)
Umuyobozi nyakuri abanza guca bugufi, akagira umutima w’imbabazi n’urukundo, atari umutima w’ugupima abantu ku buryo bwa “likes” canke “followers” ku mbuga hwaniro.
Christine Caine yaciye avuga ati:
“Ntushobora kurongora abantu utaraba mu gihe ufatiriwe no kwiraba wewe ubwawe.”
Muri ayo majambo, avuga ko iyo umuntu agumye yiyitaho gusa, bigenda bimuca intege ku kuntu yahora yitaho gufasha abandi. Kuko umuyobozi nyawo ni uwufise umutima wo kugira amaso n’intumbero ku bandi, atari ku vyiyumviro vyiwe gusa.
Christine yaravuze ingene yakuye amaso kuri we atangura gufasha abandi. Ubuzima bwiwe bwerekana ko inyigisho atanga atari amajambo gusa, ahubwo ari ibikorwa bifise intumbero yo kwitanga kubw’abandi. Reka tubabwire muri bimwe yoba amaze kurangura.

Umwigisha Christine Caine
Christine Caine ni umwigisha, umwanditsi n’umumenyeshamakuru w’imyaka irenga 30 mu gikorwa c’Imana. Mu 2008, hamwe n’umugabo wiwe, Nick Caine, batanguje A21 Campaign, ishirahamwe mpuzamakungu rigamije kurwanya icuruzwa ry’abantu (human trafficking) kw’isi yose.
Hari mu gihe mu gihugu ciwe, iyuruzwa ry’abakobwa n’abagore ryari ryiganje.
Ico gihe vyaramugoye, kuko yiyumvira ko hashobora kuba hari inguvu zikomeye zivyihishe inyuma ndetse ko hoba hari n’ibiturire. Ariko yarashishikaye, naho yarafise ibimuca intege vyinshi, ashinga ishirahamwe rikomeye kw’isi mu kugwanya icuruzwa ry’abantu.
Uwabaye Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Sylvestre Ntibantunganya, mu majambo yavuze kuvyo kwitegurira kuba umuntu w’ikimazi. Yaravuze icerekana ko abantu bakwiye gukura amaso kuri bo, bakagira amaso y’urukundo, ubuntu, ubutumwa, n’urugendo rwo gutabara abandi.
Yariko yerekana ko mu bice vyose vy’ubuzima bw’igihugu, abantu bakeya cane ni bo usanga bama basigara bavugangwa n’iyo baba barapfuye. Yagize ati no muvya politike naho niko biri. Yaciye atanga akarorero ati:
“Mu bami 17 batwaye Uburundi, gushika uyu munsi haguma havugangwa 3: Ntare Rushatsi (uwatanguje ingoma y’Uburundi), Ntare Rugamba (uwashizeho imbibe z’Uburundi) na Mwezi Gisabo (uwagwanye n’abadagi). Mu babaye abakuru b’igihugu naho nyene, ntihavugangwa bose, usanga ari Rwagasore, Ndadaye, Nkurunziza”
Musomyi, mbega amaso yawe yoba yama ahanze kuri wewe gusa?


