Friday, November 13, 2026
GLS-2025: “Kwigereranya n’abandi bituma wikekeranya kandi bikanka ko ukora ico ushoboye gukora”

Muri Global Leadership Summit 2025, le Dr David Ashcraft a inyigisho y’inkomezi ishimangira ko kwigereranya n’abandi ari imwe mu ntambamyi zikomeye zituma abantu batagera ku vyo Imana yabahamagariye gukora.
Yagize ati :
” Iyo wigereranije n’abandi, uca ubona ko ari bo bafise ubushobozi, nawe ukibona nk’uwudashoboye. Ivyo bica bikubuza gukora, bigaca bizana kwikengera no kwihebura. “
Yavuze ivyo ashingiye ku nkuru yo muri Bibiliya ivuga kuri Apolo. Yari umuntu yarafise impano idasanzwe yo kwigisha no gusigurira abandi ivy’Imana (Ivyakozwe n’Intumwa 18 : 24-28).

Dr. Ashcraft yavuze ko na we ubwiwe yigeze kwigereranya na Apolo, bikamutera kwihebura, yumva ko ivyo akora bidafise akamaro.
Ariko Imana yaramwigishije ko ubushobozi bwacu atari ukuruta abandi, ahubwo ari ugukora ico twahamagariwe n’Imana gukora neza.
Bibiliya ivuga neza ko dukwiye gukora ibikorwa vy’Imana ata gukebana canke kwirata kuri bagenzi bacu. Ahubwo dukwiye kwubahana, umwe wese agafata mugenzi wiwe ko amuruta. Kandi tukiyumviranako, atari kwiyumvira umwe wese ivyiwe gusa (Abafilipi 2 : 3-4)
Muri izo nyigisho, Dr Ashcraft yagarutse ku kuntu abantu benshi batigera bashika ku vyiza vy’Imana kubera baguma biraba biciye mu bandi. Ariko Bibiliya iravuga ko turi ingingo z’umubiri wa Kristo, kandi ko umubiri wose udakora igikorwa kimwe (1 Abakorinto 12:14-27).
Kubw’ivyo, kugira uruhara rwawe ntibisaba kuba nka kanaka, ahubwo bisaba kwemera ko Imana yaguhaye ico ukeneye kugira ukore ico yaguteguriye (Abanyefeso 2:10).
Yaciye atanga akarorero k’ivyamubayeko. Yaravuze ati :
“Sinari meze nka Apolo, ariko igihe natanguye kwigereranya nawe, natanguye kwihebura. Ariko Imana yanyigishije ko ntakeneye kuba nka we kugira ngo mbe uw’umumaro mu Bwami bwayo.”
Iyi nkuru iratwibutsa ko kugira ugire ico ushikako mu buzima, utegerezwa kwirinda kwigereranya, ahubwo ugashira umutima ku gukora iciza wahawe gukora.
Nka kumwe kwa Dawidi, igihe yitegurira kurwana na Goliyati, nti yagereranije ubunini bwiwe n’ubwa Goliyati, ahubwo yizeye Imana yamuhaye ibirwanishwa vy’umwampi n’umuheto (1 Samweli 17).
Mu kurangiza, Dr Ashcraft yasavye abari aho kutigera biyumvira ko badashoboye kubera abandi, ahubwo ngo bubake icizere cabo muri Kristo, bakore badategerezwa kuba nka runaka, ahubwo babe uwo Imana yabahamagariye kuba.


