“Ntiryari Ihuriro Gusa Ahubwo Ni Umutahe mu Gikorwa c’Abana mu Burundi”

Abakozi b’ishirahamwe rivuga ubutumwa bwiza mu bana mu Burundi “CEF Burundi” baritabiriye ihuriro ry’abagenzibabo bashika 150 bahurikiye mu  muryango w’ivugabutumwa mu Bana (Child Evangelism Fellowship-CEF) bavuye  mu bihugu 9 muri 11 bigize akarere ka Afurika y’ubuseruko n’Afurika yo Hagati mu ntumbero yo gukomezanya  kuva ku wa 10 kugeza ku wa 13 Myandagaro 2026, i Nairobi muri Kenya.

Umuyobozi wa CEF ku rwego rw’isi, Pasitori Jeremiah Cho, yari mu batanze inyigisho muri iryo huriro, yagarutse ku gukunda igikorwa c’abana, ndetse no gutsinda ikintu cose coba intambamyi yo kugeza ubutumwa bwiza ku bana.

Leonard Mbai, Umuyobozi w’Akarere ka CEF muri Afurika y’ubuseruko n’Afurika yo Hagati, yamenyesheje ko iri huriro ryafashije abaryitavye kuko kabaye akaryo ko guterwa intege gukora ibintu mu bundi buryo mu gikorwa co gushikiriza ubutumwa bwiza abana.

Yagize ati:

“Ntitugume twicaye ahantu hamwe gusa,ahubwo dutere intambwe tuve aho turi dushikire abana, tuje no mu bindi bihugu no mu zindi ntara z’ibihugu vyacu, kugirango dushikire abahungu n’abakobwa benshi kuruta”

Bamwe mu bayobozi bakuru ba CEF: Uhereye i buryo hari Jeremiah Cho arongoye CEF kw’isi, hakurikira Reese Kauffman yasubiriwe na Cho, hakurikira Kavuli Joseph yasubiriwe na Mbai mu karere ka Afurika y’ubuseruko, hakurikira Alex Twum arongoye akarere ko mu burengero bwa Afurika

Kathy Gleckler yakoreye muri CEF muri Afurika y’Ubuseruko na Afurika yo Hagati mu kiringo gishika imyaka 43, yavuze ko mu kintu camunezereye muri iri huriro ni ukwongera guhura n’abantu yigishije mu myaka iheze mw’ishure ritegura abigisha b’abana mu buryo bononosoye (Leadership Training Institute) riri muri Kenya.

“Kwumva ivyo bakoze n’ingene Imana yabakoresheje kugira bashikire abahungu n’abakobwa, vyambereye umugisha ukomeye cane. Vyari ibintu bishimishije cane.”

Ivyo Abarundi bungutse

Anastase Bimenyimana, umuyobozi wa CEF Burundi, yabwiye umwungere News ko kwitabira iryo huriro katabaye akaryo ko guhurira hamwe gusa n’abandi, ahubwo yabaye “ umutahe mu bakozi no mu gikorwa c’abana mu Burundi.

Yagize ati: “Ivyo twize n’ubucuti twaronse bizodufasha gukorera hamwe neza, gushikira abana benshi n’Ubutumwa Bwiza no kubafasha gukura mu kwizera Yesu Kristo.”

Bimenyimana yabandanije amenyesha ko kwitabira iri huriro ry’akarere  vyabaye inyungu ikomeye kuri CEF Burundi, kuko vyafashije abakozi  gukomezwa mu buryo bw’impwemu, kwongera ubumenyi no gusubira mu gikorwa bafise umwete n’iyerekwa bishasha.

Ishirahamwe rivuga ubutumwa bwiza mu Bana mu Burundi rikaba rizokwiza imyaka 75 mu mwaka wa 2027 rirangura igikorwa co kubwira ubutumwa bwiza abana ngo bahinduke vyukuri abigishwa ba Kristo Yesu.

Sangiza abandi

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *